ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Abami: ibirimwo

      • Eliya avuga ko Ahaziya azopfa (1-18)

2 Abami 1:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 19:36, 37; 2Sm 8:2; Zb 60:8

2 Abami 1:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ushobora kuba wari umwenge batoboye mu gisenge kugira umuco winjire, ukaba wari upfutswe n’utubaho dusobekeranije.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 13:2, 3; 1Sm 5:10
  • +2Bm 1:16

2 Abami 1:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni Yehova.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 17:1; 18:36
  • +Yes 8:19; Yr 2:11

2 Abami 1:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 10:13, 14

2 Abami 1:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:19; Zk 13:4; Heb 11:32, 37
  • +Mt 3:4

2 Abami 1:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 33:1

2 Abami 1:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 11:1; 16:35; Lk 9:54; Yud 7

2 Abami 1:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uhe agaciro.»

2 Abami 1:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uhe agaciro.»

2 Abami 1:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 13:2, 3
  • +2Bm 1:3

2 Abami 1:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yari mwenewabo na Ahaziya.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 3:1; 9:22
  • +2Bm 8:16

2 Abami 1:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 22:51

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Abm. 1:1It 19:36, 37; 2Sm 8:2; Zb 60:8
2 Abm. 1:2Yos 13:2, 3; 1Sm 5:10
2 Abm. 1:22Bm 1:16
2 Abm. 1:31Bm 17:1; 18:36
2 Abm. 1:3Yes 8:19; Yr 2:11
2 Abm. 1:61Ng 10:13, 14
2 Abm. 1:81Bm 19:19; Zk 13:4; Heb 11:32, 37
2 Abm. 1:8Mt 3:4
2 Abm. 1:9Gus 33:1
2 Abm. 1:10Gh 11:1; 16:35; Lk 9:54; Yud 7
2 Abm. 1:16Yos 13:2, 3
2 Abm. 1:162Bm 1:3
2 Abm. 1:172Bm 3:1; 9:22
2 Abm. 1:172Bm 8:16
2 Abm. 1:181Bm 22:51
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Abami 1:1-18

Abami ba kabiri

1 Ahabu amaze gupfa, Abanyamowabu+ bagarariza Isirayeli.

2 Umusi umwe, Ahaziya ari i Samariya akoroka aciye mu kayungiro kari ku mwenge* wo mu cumba ciwe co hejuru, aca arakomereka. Arungika rero abantu biwe, ababwira ati: «Genda mumbarize Bayali-Zebubi imana y’i Ekuroni+ ko nzokira iki gikomere+.» 3 Mugabo umumarayika wa Yehova abwira Eliya*+ w’i Tishibe ati: «Haguruka uje guhura n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibwire uti: “Mbega mwabonye ko ata Mana iriho muri Isirayeli, aho muja kubaza Bayali-Zebubi imana y’i Ekuroni+? 4 Yehova rero avuze ati: ‘Uburiri uryamyeko ntuzobuvako, kuko uzopfa ata kabuza.’”» Eliya aca aragenda.

5 Abo bantu umwami yari yatumye bagarutse, ababaza ati: «Aka kanya muragarutse?» 6 Bamwishura bati: «Hari umugabo yaje guhura natwe, atubwira ati: “Nimusubire inyuma mubwire umwami yabatumye muti: ‘Yehova avuze ati: “Mbega mwabonye ko ata Mana iriho muri Isirayeli, aho muja kubaza Bayali-Zebubi imana y’i Ekuroni? Umenye rero ko uburiri uryamyeko utazobuvako, kuko uzopfa ata kabuza+.”’”» 7 Aca ababaza ati: «Uwo mugabo yaje guhura namwe akababwira ayo majambo yasa gute?» 8 Bamubwira bati: «Yari umugabo yambaye impuzu y’ubwoya+, akenyeye n’umukaba w’urushato mu kiyunguyungu+.» Umwami aca avuga ati: «Uwo ni Eliya w’i Tishibe.»

9 Maze umwami amutumako abasoda 50 bari kumwe n’umukuru wabo. Eliya yari yicaye kw’isonga ry’umusozi. Uwo mukuru w’abasoda aduga iyo ari, amubwira ati: «Muntu w’Imana y’ukuri+, umwami avuze ati: “Manuka!”» 10 Mugabo Eliya yishura uwo mukuru w’abasoda 50 ati: «Nimba ndi umuntu w’Imana, umuriro nukoroke uvuye mw’ijuru+ uguturirane n’abasoda bawe 50.» Umuriro uca ukoroka uvuye mw’ijuru, umuturirana n’abasoda biwe 50.

11 Umwami amutumako abandi basoda 50 bari kumwe n’umukuru wabo. Uwo mukuru aragenda amubwira ati: «Muntu w’Imana y’ukuri, umwami avuze ati: “Manuka ningoga!”» 12 Mugabo Eliya abishura ati: «Nimba ndi umuntu w’Imana y’ukuri, umuriro nukoroke uvuye mw’ijuru uguturirane n’abasoda bawe 50.» Umuriro w’Imana uca ukoroka uvuye mw’ijuru, umuturirana n’abasoda biwe 50.

13 Umwami araheza amutumako umugwi ugira gatatu w’abasoda 50 bari kumwe n’umukuru wabo. Mugabo uwo mukuru w’abasoda agira gatatu araduga, apfukama imbere ya Eliya, atangura kumutakambira ati: «Muntu w’Imana y’ukuri, ndakwinginze uzigame* ubuzima bwanje n’ubw’aba basuku bawe 50. 14 Umuriro wakorotse uvuye mw’ijuru, uturira imigwi ibiri ya mbere y’abasoda 50 n’abakuru bayo. Ndakwinginze rero uzigame* ubuzima bwanje.»

15 Umumarayika wa Yehova aca abwira Eliya ati: «Manuka mujane. Ntumutinye.» Ni kwo guca ahaguruka amanukana na we, baja iyo umwami ari. 16 Eliya aca abwira umwami ati: «Yehova avuze ati: “Mbega ko warungitse intumwa kubaza Bayali-Zebubi imana y’i Ekuroni+, ni uko ata Mana iriho muri Isirayeli+? Kubera iki atari yo wabajije? Umenye rero ko uburiri uryamyeko utazobuvako, kuko uzopfa ata kabuza.”» 17 Nuko Ahaziya arapfa nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Eliya. Kubera ko ata muhungu yari afise, Yehoramu*+ ni we yaciye aganza mu kibanza ciwe. Hari mu mwaka ugira kabiri Yehoramu+ mwene Yehoshafati umwami w’Ubuyuda aganza.

18 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Ahaziya+, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika