Zaburi
Ni zaburi y’abahungu ba Kora+. Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Mahalati* bakurakuranwa. Ni indirimbo* ya Hemani+ mwene Zera.
4 Nsigaye mparurwa mu baja mu cobo*+,
kandi meze nk’umuntu atagira gitabara*+,
5 yahebewe mu bapfuye.
Nsigaye meze nk’abantu bishwe baryamye mu mva,
abantu utacibuka
kandi utacitwararika.
Nafashwe n’umutego kandi sinshobora kuwuvamwo.
9 Amaso yararotse kubera amagorwa menshi+.
Ewe Yehova, ndakwambaza bukarinda bwira+.
Ni wewe nsenga ndugije amaboko.
10 Mbega abapfuye wobakorera ibitangaza?
Canke abari mu kuzimu bohaguruka bakagushemeza+? (Sela)
11 Mbega urukundo* rwawe rwotangazwa mu kuzimu?
Ukudahemuka kwawe kwotangazwa mu kibanza c’agatikizo*?
12 Mbega ibitangaza vyawe vyomenyekana ahantu h’umwiza?
Ubugororotsi bwawe bwomenyekana mu gihugu c’abibagiwe+?
14 Kubera iki umpeba ga Yehova+?
Kubera iki umpisha mu maso hawe+?