Zaburi
Yambaye ubukuru.
Yehova yambaye inkomezi.
Azikenyeye nk’umukaba.
Isi* irashimangiye,
ntishobora kunyiganyizwa.
3 Ewe Yehova, inzuzi ziriko zirasuriranya,
ziriko zirasuriranya kandi zigasuma cane.
Inzuzi zibandanya gusuriranya no kubomboranya.
4 Yehova arahambaye iyo hejuru+.
Ararengeye ugusuriranya kw’amazi menshi,
kandi arakomeye gusumba imipfunda y’ikiyaga isuriranya+.
5 Ivyibutswa vyawe ni ivyo kwizigirwa cane+.
Ewe Yehova, ubweranda ni bwo bushariza* inzu yawe+ ibihe vyose.