ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Umuriro ukuwe hagati y’amapine (1-8)

      • Indondoro y’abakerubi n’amapine (9-17)

      • Ubuninahazwa bw’Imana buva ku rusengero (18-22)

Ezekiyeli 10:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 6:1; Ezk 1:22, 26; Ivh 4:2, 3

Ezekiyeli 10:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 9:2
  • +Ezk 1:16
  • +Ezk 1:13
  • +2Bm 25:8, 9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2007, rup. 11

Ezekiyeli 10:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:27, 28; 9:3
  • +Kv 40:35; 2Ng 5:13; Ezk 43:5

Ezekiyeli 10:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 29:3, 4; Ezk 1:24; Yoh 12:28, 29

Ezekiyeli 10:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:13
  • +Ezk 9:2

Ezekiyeli 10:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:8

Ezekiyeli 10:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:15-18

Ezekiyeli 10:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivh 4:6, 8

Ezekiyeli 10:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga umukerubi wese.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:6, 10; Ivh 4:7

Ezekiyeli 10:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ca kinyabuzima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:3

Ezekiyeli 10:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:19-21

Ezekiyeli 10:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’ico kinyabuzima.»

Ezekiyeli 10:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:27, 28
  • +Ezk 9:3; 10:4

Ezekiyeli 10:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 11:22

Ezekiyeli 10:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ico ni ca kinyabuzima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:1, 22

Ezekiyeli 10:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:8

Ezekiyeli 10:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:10
  • +Ezk 1:12; 10:11

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 10:1Yes 6:1; Ezk 1:22, 26; Ivh 4:2, 3
Ezk. 10:2Ezk 9:2
Ezk. 10:2Ezk 1:16
Ezk. 10:2Ezk 1:13
Ezk. 10:22Bm 25:8, 9
Ezk. 10:4Ezk 1:27, 28; 9:3
Ezk. 10:4Kv 40:35; 2Ng 5:13; Ezk 43:5
Ezk. 10:5Zb 29:3, 4; Ezk 1:24; Yoh 12:28, 29
Ezk. 10:7Ezk 1:13
Ezk. 10:7Ezk 9:2
Ezk. 10:8Ezk 1:8
Ezk. 10:9Ezk 1:15-18
Ezk. 10:12Ivh 4:6, 8
Ezk. 10:14Ezk 1:6, 10; Ivh 4:7
Ezk. 10:15Ezk 1:3
Ezk. 10:16Ezk 1:19-21
Ezk. 10:18Ezk 1:27, 28
Ezk. 10:18Ezk 9:3; 10:4
Ezk. 10:19Ezk 11:22
Ezk. 10:20Ezk 1:1, 22
Ezk. 10:21Ezk 1:8
Ezk. 10:22Ezk 1:10
Ezk. 10:22Ezk 1:12; 10:11
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 10:1-22

Ezekiyeli

10 Ndiko nditegereza, mbona hejuru y’ikirere cari hejuru y’imitwe y’abakerubi hari ikintu kimeze nk’ibuye rya safiro hejuru yabo. Cari gifise ishusho imeze nk’intebe y’ubwami+. 2 Maze abwira wa mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza*+ ati: «Niwinjire hagati y’amapine+, munsi y’abakerubi, wuzuze ibiganza vyawe vyompi amakara yaka+ uyakuye hagati y’abakerubi, uheze uyaterere hejuru y’igisagara+.» Nuko yinjirayo mbona.

3 Abakerubi bari bahagaze iburyo bw’urusengero igihe uwo mugabo yinjira, maze igicu cuzura ikigo c’indani. 4 Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ buraduga buva kuri abo bakerubi buja imbere y’umuryango w’urusengero, maze urwo rusengero rurahava rwuzura igicu+. Ikigo na co cari cuzuye ukwakaka kw’ubuninahazwa bwa Yehova. 5 Urwamo rw’amababa ya nya bakerubi rwarumvikana mu kigo c’inyuma. Wamengo ni ijwi ry’Imana Mushoboravyose igihe ivuze+.

6 Maze ategeka wa mugabo yambaye impuzu yo mu gitambara ciza ati: «Tora umuriro hagati y’ayo mapine, hagati y’abakerubi.» Aca arinjira, ahagarara iruhande y’ipine. 7 Maze umwe muri abo bakerubi atuma ukuboko mu muriro wari hagati y’abakerubi+. Afata umuriro mukeyi awushira mu biganza vy’umwe yambaye impuzu yo mu gitambara ciza+, na we arawutora araheza arasohoka. 8 Abo bakerubi bari bafise munsi y’amababa yabo ikintu gifise ishusho nk’iy’amaboko y’umuntu+.

9 Ndiko nditegereza, mbona amapine ane iruhande ya ba bakerubi. Iruhande y’umukerubi wese hari ipine, kandi ayo mapine wamengo arakayangana nk’ibuye rya kirizolito+. 10 Uravye uko yasa, yose uko ari ane yari ameze cokimwe, ukamengo ipine ryinjira mu rindi. 11 Agize aho aja, yarashobora kwerekeza mu mpande zose uko ari zine atarinze gukata. Ivyo vyashoboka kubera ko yaja iyo umutwe utumbereye atarinze gukata. 12 Umubiri wabo wose, imigongo yabo, amaboko yabo, amababa yabo n’amapine, ni ukuvuga amapine y’abo bakerubi bose uko ari bane, vyose vyari vyuzuyeko amaso hose+. 13 Ku bijanye n’ayo mapine, numvise ijwi riyahamagara ngo: «Yemwe mapine!»

14 Umwe wese* yari afise mu maso hane. Aha mbere hasa n’umukerubi, aha kabiri n’umuntu, aha gatatu n’intambwe, aha kane na ho hagasa n’inkona+.

15 Abo bakerubi, ari bo vya binyabuzima* nari nabonye ku ruzi Kebari+, baraduga. 16 Abo bakerubi bagiye ahantu, ya mapine yagendera iruhande yabo. Nya bakerubi badugije amababa ngo baje hejuru y’isi, ayo mapine ntiyakata canke ngo ave iruhande yabo+. 17 Bahagaze na yo yaca ahagarara, baduze akadugana na bo, kuko impwemu yakorera muri ivyo binyabuzima* yari muri ayo mapine.

18 Maze ubuninahazwa bwa Yehova+ bwari imbere y’umuryango w’urusengero, buva hejuru yaho buja hejuru y’abo bakerubi+. 19 Abo bakerubi baduza rero amababa yabo, bava kw’isi ndorera. Igihe bagenda, ya mapine na yo nyene yari iruhande yabo. Bahagarara imbere y’irembo ry’inzu ya Yehova ryo mu buseruko, kandi ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo+.

20 Ivyo ni vya binyabuzima* nari nabonye munsi y’intebe y’ubwami y’Imana ya Isirayeli ku ruzi Kebari+. Ndaheza menya yuko bari abakerubi. 21 Vyose uko ari bine vyari bifise mu maso hane, amababa ane, bikagira n’ibintu bisa n’amaboko nk’ay’umuntu munsi y’amababa yavyo+. 22 Ishusho yo mu maso havyo yari imeze nk’iyo nari nabonye hafi y’uruzi Kebari+. Kimwe cose muri vyo cagenda gitumbereye imbere+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika