Ezekiyeli
19 «Ririmba akaririmbo k’intimba ku vyerekeye abakuru bo muri Isirayeli, 2 uvuge uti:
“Nyoko wawe yari ameze gute? Yari ameze nk’intambwe y’ingore mu ntambwe.
Yiryamira hagati mu ntambwe z’imikangara zikomeye*, akarera ivyana vyiwe.
3 Yarareze kimwe mu vyana vyiwe kiba intambwe y’umukangara ikomeye+.
Carize gutabagura ico cacakiye,
kirya n’abantu.
4 Amahanga yarumvise ivyaco maze agifatira mu cobo cayo,
5 Nyina yararindiriye ko kigaruka arahebura.
Maze atora ikindi cana ciwe, akigira intambwe y’umukangara ikomeye.
6 Na co nyene caragendagenze hagati mu ntambwe, kiba intambwe y’umukangara ikomeye.
Carize gutabagura ico cacakiye, kirya n’abantu+.
7 Caranyuragiye mu minara yabo ikomeye, gitikiza ibisagara vyabo,
ku buryo urwamo rw’ukuroha kwaco+ rusamirana mu gihugu cari gisigaye ari umusaka.
8 Amahanga yo mu ntara zo mu micungararo yaraje kugitererako urusenga rwayo
maze gifatirwa mu cobo cayo.
9 Bagishira mu kazu bakoresheje ingobe, bakijana ku mwami wa Babiloni.
Bacugaranirayo kugira ngo urwamo rwaco ntirwongere kwumvikana ku misozi yo muri Isirayeli.
10 Nyoko wawe yari nk’umuzabibu*+ utewe iruhande y’amazi.
Amazi menshi yatumye uwo muzabibu wama ivyamwa, wuzura n’amashami.
11 Waragize amashami* akomeye yovamwo udukoni tw’abatware.
Warakuze uba muremure gusumba ibindi biti,
uribonekeza kubera uburebure bwawo no kubera amababi yawo menshi.
12 Mugabo uwo muzabibu waranduranywe uburake+, utererwa hasi,
maze umuyaga wo mu buseruko wumisha ivyamwa vyawo.
Amashami yawo akomeye yarahanyuwe, aruma+, umuriro urayaturira+.
14 Umuriro wavuye ku mashami* yawo, uturira udushami twawo n’ivyamwa vyawo.
Nta shami rikomeye ryasigaye canke agakoni k’umutware+.
Ako ni akaririmbo k’intimba, kandi bazogakoresha mu gucura intimba.”»