ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Akaririmbo k’intimba ku bakuru bo muri Isirayeli (1-14)

Ezekiyeli 19:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu ntambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»

Ezekiyeli 19:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:1

Ezekiyeli 19:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:31-34; 2Ng 36:4; Yr 22:11, 12

Ezekiyeli 19:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 22:17

Ezekiyeli 19:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 28:15

Ezekiyeli 19:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’umuzabibu mu murima wawe w’imizabibu.» Mu giheburayo havuga ngo «umuzabibu mu maraso yawe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 80:8; Yes 5:7

Ezekiyeli 19:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inkoni.»

Ezekiyeli 19:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 5:5; Ezk 15:6
  • +2Bm 23:34; 24:6; 25:5-7
  • +Gus 32:22; Ezk 15:4

Ezekiyeli 19:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:48; Yr 17:5, 6; 52:27

Ezekiyeli 19:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku nkoni.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 17:16, 18

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 19:32Ng 36:1
Ezk. 19:42Bm 23:31-34; 2Ng 36:4; Yr 22:11, 12
Ezk. 19:6Yr 22:17
Ezk. 19:7Img 28:15
Ezk. 19:10Zb 80:8; Yes 5:7
Ezk. 19:12Yes 5:5; Ezk 15:6
Ezk. 19:122Bm 23:34; 24:6; 25:5-7
Ezk. 19:12Gus 32:22; Ezk 15:4
Ezk. 19:13Gus 28:48; Yr 17:5, 6; 52:27
Ezk. 19:14Ezk 17:16, 18
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 19:1-14

Ezekiyeli

19 «Ririmba akaririmbo k’intimba ku vyerekeye abakuru bo muri Isirayeli, 2 uvuge uti:

“Nyoko wawe yari ameze gute? Yari ameze nk’intambwe y’ingore mu ntambwe.

Yiryamira hagati mu ntambwe z’imikangara zikomeye*, akarera ivyana vyiwe.

 3 Yarareze kimwe mu vyana vyiwe kiba intambwe y’umukangara ikomeye+.

Carize gutabagura ico cacakiye,

kirya n’abantu.

 4 Amahanga yarumvise ivyaco maze agifatira mu cobo cayo,

akijana mu gihugu ca Misiri akoresheje ingobe*+.

 5 Nyina yararindiriye ko kigaruka arahebura.

Maze atora ikindi cana ciwe, akigira intambwe y’umukangara ikomeye.

 6 Na co nyene caragendagenze hagati mu ntambwe, kiba intambwe y’umukangara ikomeye.

Carize gutabagura ico cacakiye, kirya n’abantu+.

 7 Caranyuragiye mu minara yabo ikomeye, gitikiza ibisagara vyabo,

ku buryo urwamo rw’ukuroha kwaco+ rusamirana mu gihugu cari gisigaye ari umusaka.

 8 Amahanga yo mu ntara zo mu micungararo yaraje kugitererako urusenga rwayo

maze gifatirwa mu cobo cayo.

 9 Bagishira mu kazu bakoresheje ingobe, bakijana ku mwami wa Babiloni.

Bacugaranirayo kugira ngo urwamo rwaco ntirwongere kwumvikana ku misozi yo muri Isirayeli.

10 Nyoko wawe yari nk’umuzabibu*+ utewe iruhande y’amazi.

Amazi menshi yatumye uwo muzabibu wama ivyamwa, wuzura n’amashami.

11 Waragize amashami* akomeye yovamwo udukoni tw’abatware.

Warakuze uba muremure gusumba ibindi biti,

uribonekeza kubera uburebure bwawo no kubera amababi yawo menshi.

12 Mugabo uwo muzabibu waranduranywe uburake+, utererwa hasi,

maze umuyaga wo mu buseruko wumisha ivyamwa vyawo.

Amashami yawo akomeye yarahanyuwe, aruma+, umuriro urayaturira+.

13 Ubu utewe mu gahinga,

mu gihugu kitagira amazi kandi kigadutse+.

14 Umuriro wavuye ku mashami* yawo, uturira udushami twawo n’ivyamwa vyawo.

Nta shami rikomeye ryasigaye canke agakoni k’umutware+.

Ako ni akaririmbo k’intimba, kandi bazogakoresha mu gucura intimba.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika