Ezekiyeli
4 Nawe ga mwana w’umuntu, tora itafari urishire imbere yawe, urishushanyeko* igisagara ca Yeruzalemu. 2 Uheze ucugarize+, wubake uruzitiro rwo kugitera+, urunde ibintu vyo kwuririrako kugira ugitere+, ushinge amakambi yo kugitera wongere ugikikuze ibigiga vyo gusenyura inzitiro zaco+. 3 Tora igipanu c’icuma, ugishinge nk’uruhome rw’icuma hagati yawe n’igisagara. Nuce uhanga amaso ico gisagara, cugarizwe. Abe ari wewe ucugariza. Bizobera ikimenyetso Abisirayeli+.
4 Uzoheza uryamire urubavu rwawe rw’ibubamfu, wiremeke* ikosa ry’Abisirayeli+. Imisi uzomara uryamiye urubavu, uzoba wikoreye ikosa ryabo. 5 Nzogusaba kubikora imisi 390, imisi ihwanye n’imyaka y’ikosa ryabo+, kandi uzokwikorera ikosa ry’Abisirayeli. 6 Kandi utegerezwa kuyirangiza.
Ivyo biheze, uze uryamire urubavu rwawe rw’iburyo, wikorere ikosa ry’Ubuyuda+ imisi 40, umusi umwumwe uhure n’umwaka. Umusi uhuye n’umwaka ni vyo ndagushingiye. 7 Uzohanga amaso igisagara ca Yeruzalemu+ cugarijwe, ubigire wakumye impuzu ku kuboko, uvuge ubuhanuzi bw’ibizoshikira ico gisagara.
8 Umviriza! Nzokubohesha imigozi kugira ngo ntiwihindukize ngo uve ku rubavu rumwe uje ku rundi, gushika urangije imisi wahawe yo kuhugariza.
9 Uze utore ingano, sayiri*, ibiharo, inkore, amasaka na kusemeti*, ubishire mu combo kimwe, ubikoremwo umukate. Uwo mukate uzowurya mu misi 390 uzomara uryamiye urubavu+. 10 Buri musi uzopima shekeli 20* z’ivyo kurya abe ari zo urya. Uzoza urarya ku masaha.
11 N’amazi uzoyanywa ku gipimo: ica gatandatu ca hini*. Uzoza urayanywa ku masaha.
12 Uzorya uwo mukate nk’uwurya umukate* wa sayiri. Uzowotsa babona ukoresheje umwanda mukuru w’abantu wumye bwa nkwi.» 13 Yehova abandanya kuvuga ati: «Ukwo ni ko Abisirayeli bazorya umukate wabo uhumanye bari mu mahanga nzobashwiragizamwo+.»
14 Ndaheza mvuga nti: «Urantunga Mukama Segaba Yehova! Kuva mu buto bwanje gushika n’ubu sinigeze nihumanya mu kurya inyama z’igikoko basanze capfuye canke catabaguwe+, kandi nta nyama ihumanye ndigera nshira mu kanwa+.»
15 Aca ambwira ati: «Nta ngorane. Ndemeye ukoreshe amase y’inka mu kibanza c’umwanda mukuru w’abantu, abe ari yo wotsako umukate.» 16 Yongerako ati: «Mwana w’umuntu, ehe ngira ntume ibifungurwa bibura* i Yeruzalemu+. Bazorya umukate bari mu maganya menshi barinze kuwupima+, banywe n’amazi bishwe n’ubwoba barinze kuyapima+. 17 Ivyo bizoba kugira ngo nibabura umukate n’amazi, barabane bajorewe, bagende barahera kubera ikosa ryabo.