ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 4
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Ezekiyeli yerekana ingene Yeruzalemu izokwugarizwa (1-17)

        • Yikorera ikosa imisi 390, n’iyindi 40 (4-7)

Ezekiyeli 4:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urisarureko.»

Ezekiyeli 4:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:11; Yr 39:1
  • +2Bm 25:1
  • +Yr 6:6; 32:24
  • +Ezk 21:22

Ezekiyeli 4:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 12:6; 24:24

Ezekiyeli 4:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ururemeke.» Ni ukuvuga urubavu rw’ibubamfu rwa Ezekiyeli.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:21

Ezekiyeli 4:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 14:34; 1Bm 12:19, 20

Ezekiyeli 4:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:27

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 32

Ezekiyeli 4:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 52:4

Ezekiyeli 4:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

  • *

    Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bubayabaye.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 4:5

Ezekiyeli 4:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni nk’amagarama 230. Raba Inyongera ya B14.

Ezekiyeli 4:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni nka mililitiro 600 (nk’igice c’ilitiro). Raba Inyongera ya B14.

Ezekiyeli 4:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umukate wiburungushuye.»

Ezekiyeli 4:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 9:3

Ezekiyeli 4:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 22:31; Lw 7:24; 11:40
  • +Gus 14:3; Yes 65:4; 66:17

Ezekiyeli 4:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ngira mvune inkoni z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:26; Yes 3:1; Ezk 5:16
  • +2Bm 25:3; Yr 37:21; Int 1:11; 4:9; 5:9, 10
  • +Ezk 12:18

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 4:22Bm 24:11; Yr 39:1
Ezk. 4:22Bm 25:1
Ezk. 4:2Yr 6:6; 32:24
Ezk. 4:2Ezk 21:22
Ezk. 4:3Ezk 12:6; 24:24
Ezk. 4:42Bm 17:21
Ezk. 4:5Gh 14:34; 1Bm 12:19, 20
Ezk. 4:62Bm 23:27
Ezk. 4:7Yr 52:4
Ezk. 4:9Ezk 4:5
Ezk. 4:13Hs 9:3
Ezk. 4:14Kv 22:31; Lw 7:24; 11:40
Ezk. 4:14Gus 14:3; Yes 65:4; 66:17
Ezk. 4:16Lw 26:26; Yes 3:1; Ezk 5:16
Ezk. 4:162Bm 25:3; Yr 37:21; Int 1:11; 4:9; 5:9, 10
Ezk. 4:16Ezk 12:18
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 4:1-17

Ezekiyeli

4 Nawe ga mwana w’umuntu, tora itafari urishire imbere yawe, urishushanyeko* igisagara ca Yeruzalemu. 2 Uheze ucugarize+, wubake uruzitiro rwo kugitera+, urunde ibintu vyo kwuririrako kugira ugitere+, ushinge amakambi yo kugitera wongere ugikikuze ibigiga vyo gusenyura inzitiro zaco+. 3 Tora igipanu c’icuma, ugishinge nk’uruhome rw’icuma hagati yawe n’igisagara. Nuce uhanga amaso ico gisagara, cugarizwe. Abe ari wewe ucugariza. Bizobera ikimenyetso Abisirayeli+.

4 Uzoheza uryamire urubavu rwawe rw’ibubamfu, wiremeke* ikosa ry’Abisirayeli+. Imisi uzomara uryamiye urubavu, uzoba wikoreye ikosa ryabo. 5 Nzogusaba kubikora imisi 390, imisi ihwanye n’imyaka y’ikosa ryabo+, kandi uzokwikorera ikosa ry’Abisirayeli. 6 Kandi utegerezwa kuyirangiza.

Ivyo biheze, uze uryamire urubavu rwawe rw’iburyo, wikorere ikosa ry’Ubuyuda+ imisi 40, umusi umwumwe uhure n’umwaka. Umusi uhuye n’umwaka ni vyo ndagushingiye. 7 Uzohanga amaso igisagara ca Yeruzalemu+ cugarijwe, ubigire wakumye impuzu ku kuboko, uvuge ubuhanuzi bw’ibizoshikira ico gisagara.

8 Umviriza! Nzokubohesha imigozi kugira ngo ntiwihindukize ngo uve ku rubavu rumwe uje ku rundi, gushika urangije imisi wahawe yo kuhugariza.

9 Uze utore ingano, sayiri*, ibiharo, inkore, amasaka na kusemeti*, ubishire mu combo kimwe, ubikoremwo umukate. Uwo mukate uzowurya mu misi 390 uzomara uryamiye urubavu+. 10 Buri musi uzopima shekeli 20* z’ivyo kurya abe ari zo urya. Uzoza urarya ku masaha.

11 N’amazi uzoyanywa ku gipimo: ica gatandatu ca hini*. Uzoza urayanywa ku masaha.

12 Uzorya uwo mukate nk’uwurya umukate* wa sayiri. Uzowotsa babona ukoresheje umwanda mukuru w’abantu wumye bwa nkwi.» 13 Yehova abandanya kuvuga ati: «Ukwo ni ko Abisirayeli bazorya umukate wabo uhumanye bari mu mahanga nzobashwiragizamwo+.»

14 Ndaheza mvuga nti: «Urantunga Mukama Segaba Yehova! Kuva mu buto bwanje gushika n’ubu sinigeze nihumanya mu kurya inyama z’igikoko basanze capfuye canke catabaguwe+, kandi nta nyama ihumanye ndigera nshira mu kanwa+.»

15 Aca ambwira ati: «Nta ngorane. Ndemeye ukoreshe amase y’inka mu kibanza c’umwanda mukuru w’abantu, abe ari yo wotsako umukate.» 16 Yongerako ati: «Mwana w’umuntu, ehe ngira ntume ibifungurwa bibura* i Yeruzalemu+. Bazorya umukate bari mu maganya menshi barinze kuwupima+, banywe n’amazi bishwe n’ubwoba barinze kuyapima+. 17 Ivyo bizoba kugira ngo nibabura umukate n’amazi, barabane bajorewe, bagende barahera kubera ikosa ryabo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika