Yeremiya
30 Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya: 2 «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Andika mu gitabu amajambo yose ndakubwira. 3 Kuko ‘mu misi iri imbere’, ni ko Yehova avuze, ‘nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, ari bo Isirayeli n’Ubuyuda+’, ni ko Yehova avuze. ‘Nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, gisubire kubegukira+.’”»
4 Aya ni yo majambo Yehova yabwiye Isirayeli n’Ubuyuda.
5 Yehova avuze ati:
«Humvikanye ijwi ry’abishwe n’ukujugumira.
Hari ubwoba, nta mahoro ariho.
6 Ndabasavye mubaze ko hari umugabo yibaruka.
Kubera iki abantu bose babenjutse mu maso?
7 Yoo! Uwo musi ni umusi uteye ubwoba*+.
Nta wundi umeze nka wo.
Ni igihe c’amarushwa kuri Yakobo.
Mugabo nzomukiza.»
8 «Kuri uwo musi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzobakura kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo ndakivune, ncacure n’imigozi ibaboshe. Abanyamahanga ntibazosubira kubagira* abashumba babo. 9 Bazokorera Yehova Imana yabo na Dawidi, umwami nzobaha+.»
10 «Nayo wewe musavyi wanje Yakobo, ntutinye», ni ko Yehova avuze.
«Nawe Isirayeli nturanduke umutima+.
Kuko nzogukiza ndagukuye kure,
n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+.
Yakobo azogaruka, abeho atekanye kandi ata kimudurumbanya.
Nta n’umwe azobatera ubwoba+.»
11 «Kuko ndi kumwe nawe kugira ngukize», ni ko Yehova avuze.
12 Kuko Yehova avuze ati:
«Imvune* ufise ntigira umuti+.
Uruguma rwawe ntirukira.
13 Nta wo kukuburanira ariho,
nta n’uburyo bwo kuvura igisebe cawe buriho.
Nta muti wokuvura.
14 Abagukunda cane* bose bakwibagiye+.
Ntibakikurondera.
Kuko nagukubise nk’uko umwansi yogukubita+,
ndaguhana nk’umuntu w’imburakigongwe,
kubera ikosa ryawe rikomeye n’ibicumuro vyawe vyinshi+.
15 Kubera iki uborogeshwa n’imvune ufise?
Ububabare bwawe ntibukira.
Nagukoreye ivyo
kubera ikosa ryawe rikomeye n’ibicumuro vyawe vyinshi+.
Abagusahura bazosahurwa,
kandi nzotuma abakunyaga bose banyagwa+.»
17 «Mugabo nzotuma usubira kugira amagara meza, nkize inguma zawe+
naho bagufashe nk’igicibwa bakwita:
“Siyoni, umwe ata n’umwe amurondera+”», ni ko Yehova avuze.
18 Yehova avuze ati:
«Ngira nkoranye abo mu mahema ya Yakobo bagizwe imbohe+,
kandi nzokwumvira ikigongwe amahema yiwe.
Igisagara kizosubira kwubakwa ku gasozi kaco+,
kandi umunara ukomeye uzohagarara mu kibanza cawo.
19 Hazokwumvikana ugukenguruka n’ijwi ry’abatwenga+.
20 Abahungu biwe bazosubira kumera nka kera,
kandi ishengero ry’abantu biwe rizoshimangirwa imbere yanje+.
Nzohagurukira abamucinyiza bose+.
21 Mu biwe ni ho hazova umunyacubahiro,
kandi umutware abaganza azova muri bo.
Nzomwigiza hafi, na we azonyegēra.
Ubundiho, ugira ngo hari uwokwubahuka kunyegēra*?», ni ko Yehova avuze.
22 «Muzoba abantu banje+, nanje mbe Imana yanyu+.»
23 Ehe! Umuyaga ukaze wa Yehova uzozanana ishavu ryinshi+.
Ni ikivumbuzi gikubura kizozungurukira ku mutwe w’ababisha.
24 Ishavu rirurumba rya Yehova ntirizosubira inyuma
adashize mu ngiro ivyipfuzo vy’umutima wiwe akabishitsa+.
Mu misi y’iherezo muzobitahura+.