Abakorinto ba mbere
16 Nayo ku bijanye no kwegeranya intererano z’aberanda+, murashobora kubigira nk’uko nasavye amashengero y’i Galatiya kubigira. 2 Ku musi wa mbere buri ndwi, umwe wese muri mwebwe akwiye kuraba ico ashira ku ruhande bivanye n’uburyo afise, kugira ngo ntimwegeranye intererano ari uko nshitse. 3 Mugabo ninashika hiyo, nzorungika i Yeruzalemu abagabo mwashimye mu makete muzoba mwanditse+, bagende bajanye ingabire mwatanganye umutima mwiza. 4 Ariko nivyaba ari vyiza ko na jewe njayo tuzojana.
5 Mugabo nzoza iwanyu maze guca i Masedwane, kuko nzocayo+. 6 Kandi hari aho nomarana namwe imisi canke mbere tukamarana urushana, kugira ngo muzomperekeze gatoyi iyo nzoba ngiye hose. 7 Sinshaka kubaraba ubu ndiko ndarengana, kubera yuko nizigiye kumarana namwe igihe kanaka+, Yehova* niyabigomba. 8 Mugabo mbaye ndaguma i Efeso+ gushika ku musi mukuru wa Pentekoti, 9 kuko nugururiwe umuryango munini unshikana ku bikorwa+, ariko abansi ni benshi.
10 Timoteyo+ niyashika, muzokorane neza kugira ngo ntagire ikimutera ubwoba ari kumwe namwe, kuko ariko akora igikorwa ca Yehova*+, cokimwe nanje. 11 Ntihaze hagire rero n’umwe amugaya. Muzomurungike amahoro kugira aze iyo ndi, kuko twe n’abavukanyi tumurindiriye.
12 Nayo ku vyerekeye umuvukanyi wacu Apolo+, naramwinginze cane ngo azanane n’abavukanyi iwanyu. Ntiyashimye kuza ubu, mugabo azoza niyaronka akaryo.
13 Mugume muri maso+, mushikame mu kwizera+, mube abagabo*+, mukomere+. 14 Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo+.
15 Bavukanyi, murazi yuko abo mu rugo rwa Sitefana ari bo batanguye kuba abigishwa* i Akaya be n’uko bitanze kugira bakorere aberanda. Ndabahimiriza rero 16 ngo namwe mugume muyobokera abantu mwene abo be n’abo bose basenyera ku mugozi umwe kandi bakabira akuya+. 17 Mugabo ndanezerewe kuba Sitefana+ na Forutunato na Akayiko bari ng’aha, kubera ko bahababereye. 18 Kuko baruhuriye umutima wanje n’uwanyu. Nuko rero mutere iteka abantu mwene abo.
19 Amashengero yo muri Aziya arabaramutsa. Akwila na Prisika* hamwe n’ishengero risengera mu nzu yabo+ barabaramutsa bimwe bivuye ku mutima, mwese abigishwa b’Umukama bagenzi babo. 20 Abavukanyi bose barabaramutsa. Muramukanye mu kugumbirana n’igishika*.
21 Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje.
22 Nimba hari uwudakunda Umukama, arakavumwa. Ewe Mukama wacu, ingo! 23 Ubuntu buhebuje* bw’Umukama Yezu bubane namwe. 24 Mwese abunze ubumwe na Kristu Yezu ndabakunda.