Yohani wa mbere
2 Bane banje nkunda, ndabandikiye ibi bintu kugira ntimucumure. Ariko hagize uwucumura, turafise umufasha* ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu+, umugororotsi+. 2 Uyo ni ikimazi+ c’ibicumuro vyacu+ gituma dusubiza hamwe n’Imana*, mugabo si ibicumuro vyacu gusa ahubwo ni ivy’isi yose+. 3 Iki ni co cerekana ko twamumenye: ni uko tubandanya kwubahiriza amabwirizwa yiwe. 4 Uwuvuga ngo «Naramumenye», mugabo ntiyubahirize amabwirizwa yiwe, aba ari umubeshi kandi nta kuri kuba kuri muri we. 5 Mugabo uwubahiriza ijambo ryiwe, urukundo rw’Imana ruba rwabaye vy’ukuri urutagira akanenge muri we+. Ico ni co kitumenyesha yuko twunze ubumwe na we+. 6 Uwuvuga ko aguma yunze ubumwe na we, abwirizwa kuguma abaho nk’uko Yezu yabayeho*+.
7 Bavukanyi nkunda, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndabandikiye ibwirizwa rya kera mwumvise kuva mu ntango+. Iryo bwirizwa rya kera ni rya jambo mwumvise. 8 Ariko kandi ndabandikiye ibwirizwa rishasha, iryo ubwiwe yakurikije kandi na mwebwe mukaba muriko murarikurikiza, kuko umwiza uriko urarengana, umuco na wo ukaba wamaze gukayangana+.
9 Uwuvuga ko ari mu muco mugabo akanka+ mwenewabo, aracari mu mwiza+. 10 Uwukunda mwenewabo, aguma mu muco+ kandi nta kintu na kimwe kimutsitaza*. 11 Ariko uwanka mwenewabo, aba ari mu mwiza kandi agendera mu mwiza+. Ntazi iyo aja+, kuko umwiza wamuhumye amaso.
12 Ndabandikiye bane banje, kuko mwababariwe ibicumuro vyanyu kubera izina ryiwe+. 13 Ndabandikiye mwebwe ba sebibondo, kuko mwamenye umwe ariho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe abasore, kuko mwatsinze wa mubisha+. Ndabandikiye mwebwe abana bato, kuko mwamenye Data+. 14 Ndabandikiye mwebwe ba sebibondo, kuko mwamenye umwe ariho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe abasore, kuko mukomeye+ kandi ijambo ry’Imana rikaguma muri mwebwe+, kandi mukaba mwaratsinze wa mubisha+.
15 Ntimukunde isi canke ibintu biri mw’isi+. Nimba umuntu akunda isi, urukundo rwa Data ntiruba ruri muri we+. 16 Kuko ibintu vyose biri mw’isi, ni ukuvuga ivyipfuzo vy’umubiri+, ivyipfuzo vy’amaso+ no guhayagiza ivyo umuntu atunze*, bidakomoka kuri Data, ahubwo bikomoka mw’isi. 17 Vyongeye, iyi si iriko irahera hamwe n’ivyipfuzo vyayo+, ariko uwukora ukugomba kw’Imana yamaho ibihe vyose+.
18 Bane banje, iyi ni isaha ya nyuma. Mwarumvise ko antikristu* ariko araza+, ariko n’ubu haramaze kuboneka ba antikristu benshi+. Ivyo rero biratwereka ko iyi saha ari iya nyuma. 19 Baratuvuyemwo, mugabo ntibari abacu*+. Iyo baba bari abacu bari kugumana natwe. Ariko baratuvuyemwo kugira biboneke ko bose atari abacu+. 20 Mwararobanuwe* na wa mweranda+, kandi mwese murafise ubumenyi. 21 Sindabandikiye kubera mutazi ukuri+, ahubwo ndabandikiye kubera mukuzi no kubera ata kinyoma gikomoka mu kuri+.
22 Ni nde none ari umubeshi? Si uwuhakana ko Yezu ari Kristu+? Uwo ni we antikristu+, uwuhakana Data n’Umwana. 23 Umuntu wese ahakana Umwana, ntiyunze ubumwe na Data+. Mugabo umuntu wese yemera icese Umwana+, aba yunze ubumwe na Data+. 24 Ariko mwebwe, ivyo mwumvise kuva mu ntango bitegerezwa kuguma muri mwebwe+. Ivyo mwumvise kuva mu ntango nivyaguma muri mwebwe, muzokwunga ubumwe n’Umwana, mwongere mwunge ubumwe na Data. 25 Vyongeye, iki ni co ubwiwe yadusezeraniye: ubuzima budahera+.
26 Ndabandikiye ivyo bintu kubera abariko baragerageza kubazimiza. 27 Ariko mwebwe, Imana yarabarobanuje+ impwemu, kandi iyo mpwemu iguma muri mwebwe kandi ntimukeneye umuntu n’umwe abigisha. Mugabo iyo mpwemu mwahawe na we irabigisha ibintu vyose+, kandi ni iy’ukuri, nta kinyoma kiri muri yo. Nimugume rero mwunze ubumwe na we+, nk’uko iyo mpwemu yabibigishije. 28 Rero bane banje, nimugume mwunze ubumwe na we, kugira niyashirwa ahabona tuze tuvugane umwidegemvyo+, ntituve imbere yiwe n’ibimaramare. 29 Nimba muzi ko agororotse, murazi kandi ko umuntu wese aguma akora ibigororotse aba yavyawe n’Imana+.