Matayo
5 Yezu abonye isinzi ry’abantu, aca aduga ku musozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baza aho ari. 2 Atangura rero kubigisha ati:
3 «Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’Imana*+, kuko Ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.
4 Hahiriwe abagandaye, kuko bazohozwa+.
5 Hahiriwe abitonda*+, kuko bazotorana isi+.
6 Hahiriwe abafise inzara n’inyota+ vy’ubugororotsi, kuko bazohazwa+.
7 Hahiriwe abanyembabazi+, kuko bazogirirwa imbabazi.
8 Hahiriwe abafise umutima utyoroye+, kuko bazobona Imana.
9 Hahiriwe abaremesha amahoro*+, kuko bazokwitwa abana b’Imana.
10 Hahiriwe abahamwa bahorwa ubugororotsi+, kuko Ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.
11 Muzoba muhiriwe nibabatuka+, bakabahama+ kandi bakababeshera ibibi vy’ubwoko bwose kubera jewe+. 12 Muze munezerwe, muhimbarwe cane+, kuko impembo+ yanyu ari nini mw’ijuru. Ukwo nyene ni ko abahanuzi b’imbere yanyu bahamwe+.
13 Muri umunyu+ w’isi. Ariko hamwe umunyu wotakaza akanovera* kawo, none uburyohe bwawo bwogarukanwa gute? Nta na kimwe uba ukimaze. Haba hasigaye ko utabwa hanze+, abantu bakawuhonyanga.
14 Muri umuco w’isi+. Igisagara ntigishobora kunyegezwa iyo cubatswe hejuru ku musozi. 15 Iyo umuntu yakije itara ntaca arishira munsi y’igiseke*, ahubwo arishira ku co bariterekako maze rikamurikira abari mu nzu bose+. 16 Namwe nyene nimureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu+ kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza+, maze baninahaze So ari mw’ijuru+.
17 Ntimwibaze ngo naje gusenyura amategeko canke ivyanditswe n’abahanuzi. Sinaje kubisenyura, ahubwo naje kubishitsa+. 18 Ni ukuri, ndababwiye ko ijuru n’isi vyopfuma bivaho, hako hagira akadome na kamwe canke akavunji k’urudome na kamwe kava ku mategeko, ivyanditswe vyose bitarangutse+. 19 Umuntu wese rero arenga ibwirizwa na rimwe muri aya matoyi kandi akigisha n’abandi kuyarenga, azokwitwa mutoyi* ku bijanye n’Ubwami bwo mw’ijuru. Ariko uwuyubahiriza kandi akayigisha abandi, azokwitwa mukuru* ku bijanye n’Ubwami bwo mw’ijuru. 20 Ndababwiye ko nimutarusha ubugororotsi abanditsi n’Abafarizayo+, mutazogenda mwinjiye mu Bwami bwo mw’ijuru+.
21 Mwarumvise ko ba sokuruza banyu babwiwe ngo: “Ntukice+. Uwishe wese azobibazwa na sentare+.” 22 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese abandanya gushavurira+ mwenewabo azobibazwa na sentare. Umuntu wese atuka mwenewabo n’agasuzuguro, azobibazwa na Sentare ntahinyuzwa. Ariko uwo wese amubwira ngo: “Wa gipfu gisesemye we!”, azoba abereye gutabwa muri Gehena*+ yaka umuriro.
23 Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro+, hanyuma ukahibukira ko mwenewanyu agufitiye agashavu, 24 nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere y’igicaniro maze ugende. Nubanze usubize hamwe na mwenewanyu hanyuma ugaruke, ubone gutanga ishikanwa ryawe+.
25 Nusubize hamwe ningoga n’uwo mufitaniye amatati mukiriko muraja muri sentare, kugira ntagushikirize umucamanza, umucamanza akagushikiriza uwucunga ibohero, uwucunga ibohero na we akaguta mu gasho+. 26 Ndakubwije ukuri, ntuzogenda uvuyeyo utarishe n’igiceri ca nyuma*.
27 Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: “Ntukarenge ibigo+.” 28 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese aguma araba umugore+ ku buryo amwipfuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe+. 29 Nimba rero ijisho ryawe ry’iburyo rigutsitaza, rinogore urite kure yawe+. Wopfuma ubura kimwe mu bihimba vyawe, hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehena*+. 30 Vyongeye, nimba ukuboko kwawe kw’ukuryo kugutsitaza, guce ugute kure yawe+. Wopfuma ubura kimwe mu bihimba vyawe, hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehena+.
31 Vyaravuzwe kandi ngo: “Uwo wese yirukana umugore wiwe, namuhe urupapuro rwo kwahukana+.” 32 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi*, aba atumye uwo mugore ashobora kurenga ibigo, kandi uwo wese arongoye umugore yirukanywe aba arenze ibigo+.
33 Mwarumvise kandi ko ba sokuruza banyu babwiwe ngo: “Ntimuze murahire ivyo mutari bushitse+. Mutegerezwa gushitsa ivyo mwaraganiye Yehova*+.” 34 Ariko jewe ndababwiye nti: Ntimukarahire namba+. Kwaba ari ukurahira ijuru, kuko ari intebe y’ubwami y’Imana; 35 canke isi, kuko ari intebe y’ibirenge vyayo+; canke Yeruzalemu, kuko ari igisagara c’Umwami ahambaye+. 36 Eka mbere ntukarahire n’umutwe wawe, kuko udashobora guhindura agashatsi na kamwe ngo kere canke kirabure. 37 “Ego” yanyu nibe ego, “oya” yanyu na yo nibe oya+, kuko ikirenze kuri ivyo kiva kuri wa mubisha+.
38 Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: “Ijisho ku rindi n’iryinyo ku rindi+.” 39 Ariko jewe ndababwiye nti: Nturwanye umubisha. Ahubwo uwugukubise ikofe kw’itama ry’iburyo muhindukirize n’irindi+. 40 Nimba umuntu ashaka kukwitwarira ngo agutware ikanzu yawe, muhe n’umutamana wawe+. 41 Umuntu afise ubukuru niyagusaba ngo umutwaze umuzigo ikilometero kimwe, uraca uwumutwaza ibilometero bibiri. 42 Nuhe uwugusavye, kandi ntiwime ingurane uwuyigusavye*+.
43 Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: “Utegerezwa gukunda mugenzawe+ ukanka umwansi wawe.” 44 Ariko jewe ndababwiye nti: Mubandanye gukunda abansi banyu+ no gusengera ababahama+, 45 kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru+, kuko atuma izuba ryakira ababi n’abeza, kandi agaha imvura abagororotsi n’abatari abagororotsi+. 46 Mbega nimwakunda ababakunda, ni impembo ki muzoronka+? None abatozakori bo ntibagira gutyo nyene? 47 Nimwaramutsa benewanyu gusa, igitangaza muzoba mukoze ni igiki? None abanyamahanga bo ntibagira nk’ivyo nyene? 48 Mutegerezwa rero kuba abatagira akanenge*, nk’uko So wo mw’ijuru atagira akanenge+.