Abakorinto ba mbere
6 Mbega uwo muri mwebwe afise ico atumvikanako n’uwundi+, arubahuka kuja kwitwara imbere y’abatagororotse, aho kuja imbere y’aberanda? 2 Ntimuzi ko aberanda bazocira urubanza isi+? None ko muzocira urubanza isi, mwumva mudashoboye guca imanza z’ibintu bitoyi cane? 3 Ntimuzi ko tuzocira imanza abamarayika+? Kubera iki none tutoca iz’ibintu vy’ubu buzima? 4 Igihe rero hari ibintu vy’ubu buzima mukeneye gutunganirizwa+, kubera iki abantu bakengerwa mw’ishengero ari bo mushinga kuba abacamanza? 5 Ndiko mvuga kugira ndabatere kumaramara. Mbega nta muntu n’umwe akerebutse muri mwebwe yoshobora gutunganiriza abavukanyi biwe? 6 Aho kubigenza gutyo, umuvukanyi aja kuburanya umuvukanyi mugenziwe, kandi akamujana imbere y’abatemera!
7 Mu vy’ukuri, iyo mufitaniye imburano muba mumaze gutsindwa. Kubera iki mutopfuma mwemera kurenganywa+? Kubera iki mutopfuma mwemera kuzurumwa*? 8 Ahubwo murarenganya mukongera mukazuruma, kandi mukabigirira abavukanyi banyu!
9 Mbega ntimuzi ko abakora ibitagororotse batazotorana Ubwami bw’Imana+? Ntimuzimizwe*: abasambanyi*+, abasenga ibigirwamana+, abarenga ibigo+, abagabo baryamana n’abandi bagabo*+, 10 ibisuma, abanyamunoho+, imborerwa+, abatukana, abambuzi ntibazotorana Ubwami bw’Imana+. 11 Yamara ukwo ni ko bamwe muri mwebwe mwari mumeze. Mugabo mwarogejwe+, murezwa+, mwitwa abagororotsi+ mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu biciye no ku mpwemu y’Imana yacu.
12 Ibintu vyose ndavyemererwa, mugabo si vyose bifise akarusho+. Ibintu vyose ndavyemererwa, mugabo sinzokwemera kuganzwa n’ikintu na kimwe. 13 Ibifungurwa ni ivy’inda, inda na yo ni iy’ibifungurwa, mugabo ivyo vyompi Imana izobihindura ubusa+. Umubiri si uw’ubusambanyi*, ahubwo ni uw’Umukama+, Umukama na we ni uw’umubiri. 14 Vyongeye, Imana yarazuye Umukama+ kandi natwe izotuzura idukure mu rupfu+ biciye ku bubasha bwayo+.
15 Ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba vya Kristu+? Nkureho none ibihimba vya Kristu ndabimatanye n’ibihimba vy’umumaraya? Habe namba! 16 Ntimuzi ko umuntu aryamanye n’umumaraya baba babaye umubiri umwe? Kuko Imana ivuga iti: «Abo babiri bazoba umubiri umwe+.» 17 Mugabo uwunze ubumwe n’Umukama baca baba umwe mu mpwemu+. 18 Nimuhunge ubusambanyi*+. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ni ic’inyuma y’umubiri wiwe. Mugabo uwukora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite+. 19 Mbega ntimuzi ko umubiri wanyu ari urusengero+ rw’impwemu nyeranda iri muri mwebwe, iyo mwahawe n’Imana+? Vyongeye, ntimwigaba+ 20 kuko mwaguzwe igiciro kinini+. Nimuninahaze Imana+ rero mu mubiri wanyu+.