Yesaya
«Ntutinye kuko nagucunguye+.
Naguhamagaye mw’izina ryawe.
Uri uwanje.
Niwaca mu muriro, ntuzoguturira,
eka n’urubeya ntiruzokubabura.
3 Kuko ndi Yehova Imana yawe,
wa Mweranda wa Isirayeli akaba n’Umukiza wawe.
Natanze Misiri ngo ikubere incungu,
ntanga Etiyopiya na Seba mu kibanza cawe.
Ni co gituma nzotanga abantu mu kibanza cawe,
ntange n’amahanga mu kibanza c’ubuzima bwawe.
5 Ntutinye kuko ndi kumwe nawe+.
6 Nzobwira uburaruko nti: “Barekure+!”,
ubumanuko na bwo nti: “Ntubagumye.
Nzanira abahungu banje bari kure, n’abakobwa banje bari ku mpera z’isi+.
7 Nzanira uwo wese yitirirwa izina ryanje+
kandi naremye ku bw’ubuninahazwa bwanje,
uwo nabumvye, uwo nakoze+.”
Muri bo* ni nde ashobora kubihishura
canke akatumenyesha ibizoba ubwa mbere+?
Nibazane ivyabona vyabo kugira berekane ko bavuga vyo,
canke na ho abandi bumve maze bavuge bati: “Ni ukuri+!”»
10 Yehova avuze ati: «Muri ivyabona vyanje+,
emwe, umusavyi wanje natoye+,
kugira ngo mumenye ibinyerekeye kandi munyizere*,
no kugira ngo mutegere ko ndi wa wundi nyene+.
11 Jewe ndi Yehova+, kandi nta wundi mukiza ariho atari jewe+.»
12 «Ni jewe nabihishuye, ndakiza, ndabimenyekanisha,
igihe ata mana y’inyamahanga yariho muri mwebwe+.
Muri ivyabona vyanje rero», ni ko Yehova avuze, «kandi ni jewe Mana+.
Ngize ico nkoze, ni nde yombuza+?»
14 Yehova Umucunguzi wanyu+, wa Mweranda wa Isirayeli+, avuze ati:
«Nzorungika abantu i Babiloni ku bwanyu, manure ivyugazo vy’amarembo+,
15 Ndi Yehova, Umweranda wanyu+, Umuremyi wa Isirayeli+, Umwami wanyu+.»
16 Ibi ni vyo Yehova avuze,
Umwe aca inzira mu kiyaga,
agaca akayira mu mazi asuriranya+,
17 Umwe asohora umukogote w’intambara n’ifarasi+,
ingabo hamwe n’abarwanyi b’intwari, akavuga ati:
«Bazoryama hasi ntibavyuke+.
Bazozima, bazime nk’urutambi rwariko ruraka.»
18 «Ntimwibuke ivyo muri kahise,
kandi ntimugume mwiyumvira ivya kera.
None ntimubibona?
20 Ibikoko vyo mu gahinga,
imbwebwe n’ibinyoni vyitwa imbuni bizoninahaza,
kuko ntuma mu gahinga haboneka amazi,
n’inzuzi mu bugaragwa+,
kugira ngo abantu banje natoye+ banywe.
ngo bamenyekanishe ishemezo ryanje+.
23 Ntiwanzaniye intama z’amashikanwa yawe aturirwa uko yakabaye,
canke ngo uninahaze mu kunshikanira ibimazi.
24 Nta kanehe* imota neza waguze amahera ngo umpe,
kandi ntiwanezereje mu kumpa ikinure c’ibimazi vyawe+.
Ahubwo wandemereje ibicumuro vyawe,
utuma ndambirwa n’amakosa yawe+.
26 Ingo tuburane. Nyibutsa nimba hari ico nibagiye.
Vuga uko ubona ibintu, werekane ko uri mu kuri.