Abaheburayo
2 Ni co gituma bikenewe ko twitwararika ivyo twumvise+ kuruta uko dusanzwe tubigira, ngo ntitwigere tuja kure y’ukwizera tutabiciye n’ikanda*+. 2 Ijambo ryavuzwe biciye ku bamarayika+ ryabonetse ko ari iryo kwizigirwa, kandi ibicumuro vyose n’ukugambarara kwose vyarahanywe hakurikijwe ubutungane+. 3 Wumva none tuzorusimba gute nimba twafashe minenegwe ubukiriro buhambaye gutyo+? Kuko bwatanguye kuvugwa biciye ku Mukama wacu+, maze abamwumvise baremeza ivy’ubwo bukiriro mu kubutumenyesha. 4 Imana na yo yaguma ishinga intahe biciye ku bimenyetso n’ibitangaza be n’ibikorwa vy’ububasha bitandukanye+, biciye no ku mpwemu nyeranda yatanze nk’uko igomba+.
5 Kuko abamarayika atari bo yahaye kuganza isi izoza+, ari na yo turiko turavuga. 6 Mugabo hari icabona cavuze ahantu hamwe giti: «Umuntu ni iki ku buryo umwibuka? Canke umwana w’umuntu ni iki ku buryo umwitwararika+? 7 Habuze gato ngo umunganishe n’abamarayika. Wamwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’icubahiro, wongera umushinga kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe. 8 Vyose wabishize munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.» Kubera ko Imana yamuhaye ibintu vyose ngo abiganze+, nta na kimwe itamuhaye kuganza+. Ariko ubu ntituramubona aganza ibintu vyose+. 9 Mugabo Yezu, umwe yashirwa munsi gatoyi y’abamarayika+, ubu turamubona yambitswe urugori rw’ubuninahazwa n’icubahiro kubera ko yashikiwe n’urupfu+. Biciye ku buntu buhebuje* bw’Imana yarahonjeje urupfu ku bw’abantu bose+.
10 Ibintu vyose biriho vyaremewe Imana kandi biriho biciye kuri yo. Kugira ngo abana bayo benshi bashikire ubuninahazwa+, vyari bibereye ko ituma Yezu aca mu mibabaro ngo abe uwutunganye+. Ni we Mboneza ibajana ku bukiriro+. 11 Kuko uwuriko arabeza n’abariko barezwa+ bose bava kuri umwe+, akaba ari co gituma adaterwa isoni no kubita benewabo+ 12 igihe avuga ngo: «Nzomenyesha izina ryawe benewacu. Nzogushemeza hagati mw’ishengero biciye ku ndirimbo+.» 13 Avuga kandi ngo: «Nzomwizigira+.» Yongerako ngo: «Ehe raba twe n’abana batoyi Yehova* yampaye+.»
14 Rero kubera ko abo «bana batoyi» ari abantu b’inyama n’amaraso*, na we nyene yabaye nka bo*+, kugira ngo biciye ku rupfu rwiwe ahindure ubusa umwe afise uburyo bwo guteza urupfu+, ni ukuvuga Shetani*+. 15 Vyongeye, kwari ukugira ngo aronse umwidegemvyo* abo bose bahoze ari abaja ubuzima bwabo bwose kubera ugutinya urupfu+. 16 Kuko vy’ukuri atariko afasha abamarayika, ahubwo ariko afasha uruvyaro* rwa Aburahamu+. 17 Ni co gituma vyabaye ngombwa ko amera nka «benewabo» mu mice yose+, ngo acike umuherezi mukuru afise imbabazi kandi w’umwizigirwa akorera Imana, kugira atange ikimazi+ c’ibicumuro vy’abantu gituma basubiza hamwe na yo*+. 18 Kubera ko we ubwiwe yashikiwe n’imibabaro igihe yariko arageragezwa+, arashoboye gutabara abariko barageragezwa+.