Yohani wa mbere
3 Raba urukundo Data yadukunze uko rungana+, ku buryo twitwa abana b’Imana+! Kandi ico nyene ni co turi. Ni co gituma isi itatuzi+, kuko itamenye Imana+. 2 Bavukanyi nkunda, ubu turi abana b’Imana+, ariko ico tuzoba ntikirahishurwa+. Mugabo turazi ko niyamara guhishurwa tuzomera nka yo, kuko tuzoyibona nk’uko nyene iri. 3 Umuntu wese afise ico cizigiro gishingiye kuri yo*, arityorora+ nk’uko na yo ityoroye.
4 Umuntu wese aguma akora igicumuro aba ariko aragarariza amategeko, kandi igicumuro ni ubugarariji. 5 Murazi kandi ko Yezu yahishuwe kugira akureho ibicumuro vyacu+, kandi ntiyigeze acumura. 6 Umuntu wese aguma yunze ubumwe na we ntaguma acumura+. Umuntu wese aguma acumura ntiyamubonye canke ngo amumenye. 7 Bane banje, ntihagire uwubazimiza. Uwuguma akora ibigororotse aba ari umugororotsi nk’uko uyo na we ari umugororotsi. 8 Uwuguma acumura aba akomoka kuri Shetani*, kuko Shetani yamye acumura kuva mu ntango*+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana aza*: ni ukugira asambure ibikorwa vya Shetani+.
9 Umuntu wese yavyawe n’Imana ntaguma acumura+, kuko urubuto* rw’Imana ruguma muri we. Ntaguma acumura, kuko yavyawe n’Imana+. 10 Ng’iki icerekana abana b’Imana n’abana ba Shetani*: uwutaguma akora ibigororotse ntakomoka ku Mana, eka mbere n’uwudakunda mwenewabo+. 11 Ng’ubu ubutumwa mwumvise kuva mu ntango: ni uko dutegerezwa gukundana+, 12 ntitumere nka Kayini yakomoka kuri wa mubisha akica mwenewabo+. None yamwiciye iki? Ni uko ibikorwa vyiwe vyari bibi+, ariko ivya mwenewabo bikaba vyari vyiza*+.
13 Bavukanyi, ntimutangazwe n’uko isi ibanka+. 14 Turazi ko twavuye mu rupfu tukaja mu buzima+, kuko dukunda abavukanyi bacu+. Uwudakundana aguma mu rupfu+. 15 Umuntu wese yanka mwenewabo ni umwicanyi+, kandi murazi ko ata mwicanyi azoronka ubuzima budahera+. 16 Ng’iki icatumenyesheje urukundo: ni uko Yezu Kristu yatwiguze+. Natwe rero dutegerezwa kwigura abavukanyi bacu+. 17 Ariko uwufise ibintu vyo muri iyi si hanyuma akabona mwenewabo ari mu bukene mugabo ntamwumvire impuhwe, yovuga gute ko akunda Imana+? 18 Bane banje, ntidukwiye gukundana mu majambo canke ku karimi+, ahubwo dukwiye gukundana mu bikorwa+ no mu kuri+.
19 Ivyo ni vyo bizotwereka ko turi mu kuri, kandi tuzohumuriza* imitima yacu imbere y’Imana 20 ku kintu cose imitima yacu yotwagiriza, kuko Imana iruta imitima yacu kandi ikaba izi ibintu vyose+. 21 Bavukanyi nkunda, nimba imitima yacu itatwagiriza, turavugana umwidegemvyo imbere y’Imana+, 22 kandi ico tuyisavye cose irakiduha+, kuko twubahiriza amabwirizwa yayo kandi tugakora ibiyihimbara. 23 Kanatsinda, iri ni ryo bwirizwa yaduhaye: ni uko twizera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu+ kandi tugakundana+, nk’uko yabidutegetse*. 24 Vyongeye, uwubahiriza amabwirizwa y’Imana aguma yunze ubumwe n’Imana, kandi Imana iguma yunze ubumwe na we+. Kandi turazi ko iguma yunze ubumwe natwe+ biciye ku mpwemu yaduhaye.