Umusiguzi
12 Niwibuke rero Umuremyi wawe ahambaye mu misi y’ubuto bwawe+, imbere y’uko haza imisi mibi*+ canke ugashika mu myaka aho uzovuga uti: «Ubuzima ntibukindyohera»; 2 imbere y’uko izuba, umuco, ukwezi n’inyenyeri bizima+, n’ibicu bikagaruka imvura ihejeje kugwa*; 3 imbere y’uko abacunzi b’inzu batangura kujugumira, abagabo b’inkomezi bakunama, abagore bakareka gusya kubera babaye bake, abakenyezi barabira mu madirisha bagasanga bwije+; 4 imbere y’uko imiryango iraba kw’ibarabara yugarwa, ijwi ry’urusyo rikagabanuka, umuntu agasigara avyurwa n’ijwi ry’inyoni, n’abakobwa bose bagasigara baririmba n’ijwi ritoyi+; 5 imbere y’uko umuntu asigara atinya ahantu hataramutse kandi akagira ubwoba ari mw’ibarabara; imbere y’uko igiti ca shakedi gishurika+, igihori kikagenda cikwega, agapiripiri kagaturika kuko umuntu ariko aja mu nzu y’igihe kirekire+, abagandaye na bo bagatembera mw’ibarabara+. 6 Emwe, umwibuke umugozi w’ifeza utaracika, ibakure y’inzahabu itarameneka, umubindi wo kw’iriba utaramenagurika, n’ikurudumu yo kuvoma amazi mw’itangi itarajanjagurika. 7 Umukungugu rero uraheza ugasubira mw’ivu+ aho wahoze, impwemu* na yo igasubira ku Mana y’ukuri yayitanze+.
8 «Ni ubusa gusa*!», ni ko uwukoranya abantu+ avuze, «vyose ni ubusa+!»
9 Uwukoranya abantu ntiyacitse umunyabwenge* gusa, ariko kandi yagumye yigisha abantu ivyo azi+. Yarazirikanye yongera aracukura kugira yegeranye* imigani myinshi+. 10 Uwukoranya abantu yaragerageje kurondera amajambo aryoshe+ no kwandika amajambo y’ukuri atagiramwo amakosa.
11 Amajambo y’abanyabwenge* ameze nk’imihunda*+, kandi ivyegeranyo vy’amajambo yabo bimeze nk’imisumari ishimangiye. Vyatanzwe n’umwungere umwe. 12 Ibirenze kuri ibi ga mwananje, ube maso! Umenye ko kwandika ibitabu vyinshi bitagira iherezo, kandi kuvyihebera cane biruhisha umubiri+.
13 Inyuma y’ivyo vyose rero, insozero ni iyi: tinya Imana y’ukuri+ kandi wubahirize amabwirizwa yayo+, kuko ico ari co gihambaye cane mu buzima bw’umuntu+. 14 Kuko Imana y’ukuri izocira urubanza abantu ku bintu vyose bakora, harimwo ibintu vyose vyanyegejwe, kugira imenye ko ari vyiza canke bibi+.