Yeremiya
10 Ng’ibi ivyo Yehova avuze abagabisha yemwe Bisirayeli. 2 Yehova avuze ati:
«Ntimwige ingeso z’amahanga+,
kandi ntimurandurwe umutima n’ibimenyetso vyo kw’ijuru,
ngo ni uko amahanga arandurwa umutima na vyo+.
3 Kuko imigenzo y’amahanga ari uruhendo*.
Umubaji w’umuhinga araca igiti gisanzwe co mw’ishamba,
akagihinguramwo ikigirwamana akoresheje igikoresho ciwe+.
5 Ivyo bigirwamana bimeze nk’igikanganyoni mu murima w’amakonkombure. Ntibishobora kuvuga+.
Barabirerura kuko bidashobora gutambuka+.
Ntimubitinye kuko ata kibi bishobora gukora,
nta n’iciza bishobora gukora+.»
6 Ewe Yehova, nta n’umwe ameze nkawe+.
Urahambaye, n’izina ryawe rirahambaye kandi rirakomeye.
7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?
Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,
ata n’umwe ameze nkawe namba+.
8 Bose ni imburabwenge n’ibijuju+.
Kwigishwa n’igiti nta co bimaze*+.
9 Bakura ifeza zifyase i Tarushishi+ n’inzahabu i Ufazi.
Ivyo vyose vyahinguwe n’umunyamwuga w’umuhinga, bikorwa n’amaboko y’umucuzi.
Impuzu z’ivyo bigirwamana zikozwe mu nyuzi z’ubururu no mu bwoya busa n’umuyugubwe*.
Vyose vyakozwe n’abakozi b’abahinga.
10 Mugabo Yehova ni we Mana vy’ukuri.
Ni Imana nzima+ akaba n’Umwami w’ibihe bidahera+.
Isi izonyiganyiga+ kubera ishavu ryiwe,
kandi nta hanga rizokwihanganira uburake bwiwe.
12 Ni we yaremye* isi akoresheje ububasha bwiwe,
akomeza ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe+,
14 Umuntu wese akorana ubupfu nk’uwutagira ubumenyi.
Umucuzi wese azomaramara kubera ibishusho yakoze+,
kuko ibishusho vyiwe bikozwe mu cuma* ari ikinyoma.
15 Nta co bimaze*. Ni ibikorwa vy’akamenyo+.
Umusi Imana yabihagurukiye bizohona.
Yitwa Yehova Nyeningabo+.
17 Egeranya umutekero wawe uwukure hasi,
ewe mugore yugarijwe!
18 Kuko Yehova avuze ati:
19 Ndagowe kubera uburwayi bwanje*+!
Mfise igikomere kidakira.
Nibwiye nti: «Vy’ukuri iyi ni yo ndwara yanje, kandi ntegerezwa kuyihanganira.
20 Ihema ryanje ryasambuwe, kandi imigozi yaryo yose yacagaguritse+.
Abana banje bantaye, nta n’umwe asigaye+.
Nta wusigaye yomfasha kuzingurura ihema ryanje canke kumanika ibitambara vyaryo.
22 Umva inkuru iriko iraza!
Hari ukunyiganyiga gukomeye kuzananye mu gihugu co mu buraruko+,
kugira ngo ibisagara vy’Ubuyuda bisigare ari umusaka, ahantu haba imbwebwe+.
23 Ewe Yehova, ndazi neza yuko umuntu we ubwiwe adashoboye kumenya inzira yocamwo.
Umuntu nta burenganzira* afise bwo kuyobora intambuko yiwe+.
24 Ewe Yehova, nunkosore ukurikije ubutungane,