Yesaya
42 Ehe umusavyi wanje+ nshigikiye!
Ng’uyu uwo nitoreye+, uwo nashimye+!
Azozana ubutungane abigiranye ubwizigirwa+.
4 Ntazoruha canke ngo acike intege, gushika ashizeho ubutungane mw’isi+.
Amazinga aguma arindiriye amategeko* atanga.
5 Ibi ni vyo Imana y’ukuri Yehova ivuze,
Umuremyi w’ijuru akaba n’Imana ihambaye iriramvura+,
Umwe yarema* isi n’ibiri kuri yo+,
Umwe aha impemu abantu bayibako+,
agaha n’impwemu abayigendagendako+:
6 «Jewe Yehova naguhamagaye mu bugororotsi,
ndagufata ukuboko.
Nzokuzigama, ndagutange ngo ubere abantu isezerano+,
ube n’umuco w’amahanga+,
7 kugira ngo uhumure amaso ahumye+,
usohore mu gasho imbohe,
usohore mw’ibohero abicaye mu mwiza+.
8 Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.
Nta wundi n’umwe mpa* ubuninahazwa bwanje,
canke ngo mpe ishemezo ryanje ibishusho bibajwe+.
9 Raba, ivya mbere vyarangutse.
Ubu ndabamenyesha bishasha.
Ndabibabwira imbere y’uko biba+.»
10 Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+,
mumuririmbire ishemezo kuva ku mpera z’isi+,
mwebwe abagendera ku kiyaga n’ibikibamwo vyose,
mwebwe mazinga n’abayabamwo+.
Ababa ahantu h’ibitandara nibihe akamo k’umunezero.
Nibakome akaruru bari kw’isonga ry’imisozi.
13 Yehova azosohoka nk’umunyenkomezi+.
Azovyura umwete wiwe nk’umurwanyi+.
Azokwiha akaruru, emwe, azokwiha akaruru k’intambara.
Azokwerekana ko asumvya inkomezi abansi biwe+.
14 Imana ivuga iti: «Natekereje igihe kirekire.
Nagumye ncereje ndigumya.
Kurya kw’umugore ariko aribaruka,
nzonihagira, mpezagirike, vyanke ko mpema, vyose icarimwe.
15 Nzotikiza imisozi n’imirambi,
numishe ibimera vyaho vyose.
Ivyo ni vyo nzobakorera, kandi sinzobaheba.»
17 Bazosubizwa inyuma, bamaramare rwose,
barya bizigira ibishusho bibajwe,
barya babwira ibishusho bikozwe mu cuma* bati: «Ni mwebwe mana zacu+.»
19 Ni nde ari impumyi nk’umusavyi wanje?
Ni nde afise ingorane yo kutumva nk’intumwa yanje?
Ni nde ari impumyi nk’uwo nahaye impera?
Ni nde ari impumyi nk’umusavyi wa Yehova+?
20 Ubona ibintu vyinshi mugabo ntiwitegereza.
Urugurura amatwi mugabo ntiwumviriza+.
21 Yehova yahimbawe no gushira hejuru amategeko* yiwe
akayagira ayakomeye, kubera ubugororotsi bwiwe.
22 Mugabo ni ihanga ryasahuwe riramburwa+.
Bose bafashwe n’umutego mu binogo, banyegezwa mu mabohero+.
Barasahuwe babura uwubatabara+,
baramburwa ntihagira uwuvuga ngo: «Garukana!»
23 Muri mwebwe ni nde azokwumva ivyo bintu?
Ni nde azotega ugutwi akumviriza ku bwa kazoza?
24 Ni nde yatumye Yakobo yamburwa,
agatuma Isirayeli isahurwa?
Mbega si Yehova, Umwe twacumurako?
Vyaramuturiye impande zose mugabo ntiyagira ico yitaho+.
Umuriro waramugwiranye mugabo ntiyabishirako umutima+.