Ngoma za kabiri
36 Maze abanyagihugu bafata Yehowahazi+ mwene Yosiya bamugira umwami ngo aganze i Yeruzalemu mu kibanza ca se+. 2 Yehowahazi yabaye umwami afise imyaka 23, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu. 3 Ariko umwami wa Misiri amukura ku butegetsi i Yeruzalemu hanyuma igihugu agica amande y’italanto* 100 z’ifeza n’italanto imwe y’inzahabu+. 4 Neko umwami wa Misiri araheza yimika Eliyakimu mwenewabo na Yehowahazi ngo aganze Ubuyuda na Yeruzalemu, maze ahindura izina ryiwe amwita Yehoyakimu. Mugabo Neko+ aca afata mwenewabo Yehowahazi amujana mu Misiri+.
5 Yehoyakimu+ yabaye umwami afise imyaka 25, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu. Yagumye akora ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari bibi+. 6 Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni aza kumutera kugira ngo amuboheshe amapingu abiri y’umujumpu aheze amutware i Babiloni+. 7 Maze Nebukadinezari atora bimwe mu bikoresho vyo mu nzu ya Yehova abitwara i Babiloni, abishira mu kirimba ciwe aho i Babiloni+. 8 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoyakimu, ni ukuvuga ibintu bishisha yakoze n’ibindi bibi vyamubonetseko, vyanditswe mu Gitabu c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda. Umuhungu wiwe Yehoyakini aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.
9 Yehoyakini+ yabaye umwami afise imyaka 18, maze amara amezi atatu n’imisi cumi aganza i Yeruzalemu. Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. 10 Mu ntango z’umwaka*, umwami Nebukadinezari atuma abantu biwe ngo bamuzane i Babiloni+. Baza bazanye n’ibintu vy’agaciro vyo mu nzu ya Yehova+. Maze yimika Zedekiya sewabo wa Yehoyakini, ngo abe umwami w’Ubuyuda na Yeruzalemu+.
11 Zedekiya+ yabaye umwami afise imyaka 21, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu+. 12 Yagumye akora ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari bibi. Ntiyicishije bugufi imbere y’umuhanuzi Yeremiya+ yavuga ivyo Yehova amubwiye. 13 Yaranagararije umwami Nebukadinezari+ kandi yari yaramurahije mw’izina ry’Imana. Yagumye ari intagondwa*, akomantaza umutima, yanka kugamburukira Yehova Imana ya Isirayeli. 14 Abakuru bose b’abaherezi n’abantu barahemutse bimwe bidasanzwe, bakora ibintu vyose bishisha ayandi mahanga yakora, bahumanya n’inzu ya Yehova+, inzu yari yarejeje i Yeruzalemu.
15 Yehova Imana ya ba sekuruza yaguma ababurira biciye ku ntumwa ziwe, akababurira incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe n’urusengero rwiwe*. 16 Mugabo baguma bashinyagurira izo ntumwa z’Imana y’ukuri+, bagasuzugura ivyo ibabwiye+ bakongera bagatwenga abahanuzi bayo+, gushika aho bataba bakivayo*. Maze ishavu rya Yehova riza ku bantu biwe+.
17 Nuko Imana ituma umwami w’Abakaludaya+ aza kubatera, yicisha+ inkota imisore yabo mu nzu yabo nyeranda+, ntiyumvira akagongwe umusore canke umwigeme, uwushaje canke uwugoyagoya+. Imana yaramuhaye vyose+. 18 Afata ibikoresho vyose vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, vyaba binini canke bito, be n’amatungo yari mu nzu ya Yehova, ay’umwami n’ay’abatware biwe, vyose abijana i Babiloni+. 19 Aturira inzu y’Imana y’ukuri+, asiturira hasi uruzitiro rwa Yeruzalemu+, aturira iminara yaho ikomeye, atikiza n’ibintu vyaho vy’agaciro vyose+. 20 Abatishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’abasuku b’abahungu biwe gushika intwaro* y’Ubuperesi itanguye kuganza+, 21 kugira ngo ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya+ biranguke, gushika igihugu cishuye amasabato yaco+. Imisi yose camaze ari umusaka* carubahirije isabato, gushika imyaka 70 irangiye+.
22 Mu mwaka wa mbere Kuro+ umwami w’Ubuperesi aganza, Yehova atuma uwo mwami* asohora itangazo mu bwami bwose aganza, kugira ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya+ biranguke. Iryo tangazo yaranaryandikishije+. Ryavuga riti: 23 «Kuro umwami w’Ubuperesi avuze ati: “Yehova Imana yo mw’ijuru yarampaye ubwami bwose bwo mw’isi+, kandi yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu mu Buyuda+. Umuntu wese muri mwebwe azi ko ari uwo mu bantu biwe, Yehova Imana yiwe nabane na we, aduge ajeyo+.”»