ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 25
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Yehova afitaniye imburano n’amahanga (1-38)

        • Amahanga azokorera Babiloni imyaka 70 (11)

        • Igikombe c’umuvinyu w’uburake bw’Imana (15)

        • Ivyago biva mw’ihanga rimwe bija mu rindi (32)

        • Abishwe na Yehova (33)

Yeremiya 25:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:1; Yr 36:1; 46:2; Dn 1:1

Yeremiya 25:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yavuze ku vyerekeye.»

Yeremiya 25:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ndababwira, mvyuka kare nkavuga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 1:2
  • +Yr 7:13; 13:10

Yeremiya 25:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akavyuka kare, akabatuma.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 29:19

Yeremiya 25:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:13; Yes 55:7; Yr 18:11; 35:15; Ezk 18:30; 33:11

Yeremiya 25:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:21; Neh 9:26

Yeremiya 25:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:25; Yes 5:26; Yr 1:15
  • +Yr 27:6; 43:10
  • +Gus 28:49, 50; Yr 5:15; Ezk 7:24
  • +Ezk 26:7; 29:19; Hab 1:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Be maso!,

    7/2012, rup. 23

Yeremiya 25:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urusyo rw’amaboko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 24:7; Ezk 26:13
  • +Yr 7:34

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2015, rup. 15

    1/6/2014, rup. 9

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 270

Yeremiya 25:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:20, 21; Dn 9:2; Zk 1:12; 7:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Be maso!,

    7/2012, rup. 23

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 26-28

    Yeremiya, rup. 162

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 270

Yeremiya 25:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 30:3; Ezr 1:1, 2; Yr 29:10
  • +Yes 47:1; Yr 51:1; Dn 5:26, 30
  • +Yes 13:1, 19; 14:4, 23

Yeremiya 25:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 14:2; Hab 2:8
  • +Yr 50:9; 51:27
  • +Zb 137:8; Yr 50:29; 51:6, 24; Ivh 18:6

Yeremiya 25:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 206-207

Yeremiya 25:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 51:7; Int 4:21; Ezk 23:32-34; Nah 3:7, 11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 206-207

Yeremiya 25:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 1:10

Yeremiya 25:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 51:17
  • +Yr 24:9

Yeremiya 25:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 46:2

Yeremiya 25:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 47:1
  • +Yr 47:5

Yeremiya 25:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:17; Int 4:21
  • +Yr 48:1
  • +Yr 49:1

Yeremiya 25:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 27:2, 3; 47:4

Yeremiya 25:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:8
  • +Yr 9:25, 26; 49:32

Yeremiya 25:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:31, 32

Yeremiya 25:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:34
  • +Yr 51:11

Yeremiya 25:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko ari izina rya Babeli (Babiloni) rivuzwe mu buryo buhishije.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 51:41

Yeremiya 25:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 63:6; Hab 2:16

Yeremiya 25:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 9:7; Yr 7:12, 14; Dn 9:18; Hs 12:2; Mik 6:2
  • +Yr 49:12; Ob 16

Yeremiya 25:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «baganisha ibirenge.»

Yeremiya 25:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «igifise umubiri cose.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yw 3:2

Yeremiya 25:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 34:2, 3; Yr 25:17
  • +Zf 3:8

Yeremiya 25:34

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 282-283

Yeremiya 25:38

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 5:14

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 25:12Bm 24:1; Yr 36:1; 46:2; Dn 1:1
Yer. 25:3Yr 1:2
Yer. 25:3Yr 7:13; 13:10
Yer. 25:4Yr 29:19
Yer. 25:52Bm 17:13; Yes 55:7; Yr 18:11; 35:15; Ezk 18:30; 33:11
Yer. 25:7Gus 32:21; Neh 9:26
Yer. 25:9Lw 26:25; Yes 5:26; Yr 1:15
Yer. 25:9Yr 27:6; 43:10
Yer. 25:9Gus 28:49, 50; Yr 5:15; Ezk 7:24
Yer. 25:9Ezk 26:7; 29:19; Hab 1:6
Yer. 25:10Yes 24:7; Ezk 26:13
Yer. 25:10Yr 7:34
Yer. 25:112Ng 36:20, 21; Dn 9:2; Zk 1:12; 7:5
Yer. 25:12Gus 30:3; Ezr 1:1, 2; Yr 29:10
Yer. 25:12Yes 47:1; Yr 51:1; Dn 5:26, 30
Yer. 25:12Yes 13:1, 19; 14:4, 23
Yer. 25:14Yes 14:2; Hab 2:8
Yer. 25:14Yr 50:9; 51:27
Yer. 25:14Zb 137:8; Yr 50:29; 51:6, 24; Ivh 18:6
Yer. 25:16Yr 51:7; Int 4:21; Ezk 23:32-34; Nah 3:7, 11
Yer. 25:17Yr 1:10
Yer. 25:18Yes 51:17
Yer. 25:18Yr 24:9
Yer. 25:19Yr 46:2
Yer. 25:20Yr 47:1
Yer. 25:20Yr 47:5
Yer. 25:21Yr 49:17; Int 4:21
Yer. 25:21Yr 48:1
Yer. 25:21Yr 49:1
Yer. 25:22Yr 27:2, 3; 47:4
Yer. 25:23Yr 49:8
Yer. 25:23Yr 9:25, 26; 49:32
Yer. 25:24Yr 49:31, 32
Yer. 25:25Yr 49:34
Yer. 25:25Yr 51:11
Yer. 25:26Yr 51:41
Yer. 25:27Yes 63:6; Hab 2:16
Yer. 25:291Bm 9:7; Yr 7:12, 14; Dn 9:18; Hs 12:2; Mik 6:2
Yer. 25:29Yr 49:12; Ob 16
Yer. 25:31Yw 3:2
Yer. 25:32Yes 34:2, 3; Yr 25:17
Yer. 25:32Zf 3:8
Yer. 25:38Hs 5:14
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 25:1-38

Yeremiya

25 Ng’aya amajambo Imana yabwiye Yeremiya ku vyerekeye abantu bose bo mu Buyuda. Hari mu mwaka ugira kane Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda aganza, ukaba wari umwaka wa mbere Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aganza. 2 Ibi ni vyo umuhanuzi Yeremiya yabwiye* abantu bose bo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu bose:

3 «Kuva mu mwaka ugira 13 Yosiya+ mwene Amoni umwami w’Ubuyuda aganza, gushika n’uyu musi, haraciye imyaka 23 Yehova avugana nanje. Nagumye ndababwira incuro n’izindi* ivyo yantumye, mugabo ntimwumvirije+. 4 Yehova yarabatumyeko abasavyi biwe bose b’abahanuzi, akabatuma incuro n’izindi*, mugabo ntimwumvirije canke ngo mutege ugutwi+. 5 Bababwira bati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ahebe ingeso ziwe mbi n’ibikorwa vyiwe bibi+. Muzoheza mubandanye kuba mu gihugu jewe Yehova nabahaye mwe na ba sogokuruza kuva kera, mukibemwo igihe kirekire. 6 Ntimukurikire izindi mana ngo muzikorere canke ngo muzunamire. Ntimumbabaze kubera ibikorwa vy’amaboko yanyu, ahandiho nzobateza ivyago.”

7 “Mugabo ntimwanyumvirije”, ni ko Yehova avuze. “Ahubwo mwarambabaje kubera ibikorwa vy’amaboko yanyu, mwikwegera ivyago+.”

8 Yehova Nyeningabo rero avuze ati: “Kubera ko mutagamburutse amajambo yanje, 9 ngira ntumeko imiryango yose yo mu buraruko+”, ni ko Yehova avuze, “ntumeko umusavyi wanje Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Nzobazana batere iki gihugu+, abakibamwo n’amahanga yose agikikuje+. Nzotikiza iki gihugu n’aya mahanga, bicike akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa. Bizosigara ari ibihomvagurike ibihe vyose. 10 Nzohagarika muri ivyo bibanza ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni+, urwamo rw’urusyo* n’umuco w’itara. 11 Iki gihugu cose kizosigara ari ibihomvagurike, gicike akajoreza, kandi ayo mahanga azotegerezwa gukorera umwami wa Babiloni imyaka 70+.”

12 “Mugabo iyo myaka 70 niyakwira+, nzohana umwami wa Babiloni n’iryo hanga kubera ikosa ryabo+”, ni ko Yehova avuze. “Nzotuma igihugu c’Abakaludaya gicika umusaka ibihe vyose+. 13 Nzoshitsa kuri ico gihugu ivyo nakivuzeko vyose, ibintu vyose vyanditswe muri iki gitabu Yeremiya yavuze ko bizoshikira amahanga yose. 14 Kuko bazogirwa abashumba+ n’amahanga menshi be n’abami bakomeye+, kandi nzobishura ibihwanye n’ivyo bakora, ibihwanye n’ibikorwa vy’amaboko yabo+.”»

15 Kuko Yehova Imana ya Isirayeli yambwiye ati: «Akira mu kuboko kwanje iki gikombe c’umuvinyu w’uburake, ukinyweshe amahanga yose ngira ndagutumeko. 16 Bazonywa bagende bicako, bamere nk’abasazi, kubera inkota ngira ndabarungikemwo+.»

17 Nuko ntora ico gikombe mu kuboko kwa Yehova hanyuma ndakinywesha amahanga yose Yehova yandungitseko+. 18 Nahereye kuri Yeruzalemu n’ibisagara vyo mu Buyuda+, abami baho n’abatware baho, kugira ngo bitikizwe, bicike akajoreza, bibe ikintu co kuvugiriza agahwa, bisigare ari umuvumo+, nk’uko bigira bibe. 19 Hakurikiye Farawo umwami wa Misiri, abasuku biwe, abatware biwe, abantu biwe bose+ 20 n’abanyamahanga bose babayo. Ico gikombe nakinywesheje n’abami bose bo mu gihugu ca Uzi, abami bose bo mu gihugu c’Abafilisitiya+: uw’i Ashikeloni+, i Gaza, i Ekuroni n’uw’abasigaye i Ashidodi. 21 Harimwo n’Abanyedomu+, Abanyamowabu+, Abamoni+, 22 abami bose b’i Tiro, abami bose b’i Sidoni+, abami bo mw’izinga riri mu kiyaga, 23 abantu b’i Dedani+, i Tema, i Buzu, abantu bose bafise imisaya imoye+, 24 abami bose b’Abarabu+ n’abami bose batwara abantu batandukanye baba mu bugaragwa. 25 Harimwo kandi abami bose b’i Zimuri, abami bose b’i Elamu+, abami bose b’Abamedi+, 26 abami bose bo mu buraruko ba hafi n’aba kure, umwumwe ukwiwe, n’ubundi bwami bwose bwo kw’isi. Umwami w’i Sheshaki*+ ni we azonywa ubwa nyuma.

27 «Uze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nimunywe muborerwe, mudahwe, mutembe, ku buryo mudashobora guhaguruka+ kubera inkota ngira ndabarungikemwo.’” 28 Nibanka gutora nya gikombe mu kuboko kwawe ngo banywe, uzobabwire uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Mutegerezwa kunywa. 29 Honyene ngira ntangure guteza ivyago igisagara citirirwa izina ryanje+, none mwebwe mwogenda mudahanywe+?’”

“Ntimuzogenda mudahanywe, kuko ngira ndungike inkota ku baba kw’isi bose”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

30 Uze ubabwire aya majambo yose y’ubuhanuzi uti:

“Yehova azoroha nk’intambwe ari iyo hejuru,

yumvikanishe ijwi ryiwe ari ahantu heranda aba.

Azoroha cane nk’intambwe, arohere ikibanza ciwe co kubamwo co kw’isi.

Azovuza akaruru nk’abariko baragana* umuvinyu,

aririmbe indirimbo y’intsinzi yigamba ku baba kw’isi bose.”

31 Yehova avuze ati: “Hazokwumvikana urwamo gushika ku mpera z’isi,

kuko Yehova afitaniye imburano n’amahanga.

We ubwiwe azocira urubanza abantu bose*+.

Abanyakibi azobicisha inkota.”

32 Yehova Nyeningabo avuze ati:

“Ehe ivyago biriko biva mw’ihanga rimwe bija mu rindi+,

kandi igihuhusi gikomeye kigira caduke kivuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.

33 Kuri uwo musi, abishwe na Yehova bazokwuzura isi yose. Nta wuzobaririra canke ngo abegeranye canke ngo abahambe. Bazoba nk’intabire isanzaye kw’isi.”

34 Nimuboroge mwa bungere, musemerere!

Nimwikumbagaze hasi, yemwe banyacubahiro bo mu busho,

kuko igihe c’uko mukererwa n’igihe c’uko mushwiragizwa kigeze,

kandi muzogwa mumenagurike nk’icombo c’agaciro.

35 Abungere nta ho bafise bahungira,

abanyacubahiro bo mu busho na bo ntibabona ingene bohunga.

36 Nimwumve yemwe! Abungere bariko bararira cane,

n’abanyacubahiro bo mu busho bariko baraboroga,

kuko Yehova ariko aratikiza uburagiro bwabo.

37 Kubera ishavu rya Yehova rirurumba,

ahantu hatekanye abantu bahora baba nta buzima bukiharangwa.

38 Nka kurya kw’intambwe y’umukangara*+, yaravuye ahantu hiwe,

bituma igihugu cabo gicika akajoreza

kubera inkota itema igatongora

no kubera ishavu ryiwe rirurumba.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika