Ngoma za kabiri
27 Yotamu+ yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha, akaba yari umukobwa wa Sadoki+. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Uziya+, uretse ko we atinjiye aho adafitiye uburenganzira mu rusengero rwa Yehova+. Ariko abantu bari bagikora ibibi. 3 Yarubatse irembo ryo haruguru ry’inzu ya Yehova+, yubaka n’ibindi vyinshi ku ruzitiro rw’i Ofeli+. 4 Yarubatse n’ibisagara+ mu karere k’imisozi k’Ubuyuda+, yongera yubaka iminara+ n’ibibanza bikingijwe ibihome+ mu mashamba. 5 Yararwanye n’umwami w’Abamoni+ arateba arabatsinda. Ni co gituma muri uwo mwaka Abamoni bamuhaye italanto* 100 z’ifeza, ingero 10.000 zitwa koro* z’ingano n’ingero 10.000 zitwa koro za sayiri. Mu mwaka ugira kabiri no mu wugira gatatu, bamuhaye nk’ivyo nyene+. 6 Nuko Yotamu aguma akomera kuko yari yiyemeje kugendera mu nzira za Yehova* Imana yiwe.
7 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yotamu, ni ukuvuga intambara zose yarwanye n’ivyo yakoze, vyanditswe mu Gitabu c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda+. 8 Yari afise imyaka 25 igihe yaba umwami, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu+. 9 Nuko Yotamu arapfa maze bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Ahazi aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.