Samweli wa mbere
7 Maze abantu b’i Kiriyati-Yeyarimu baraza badugana isandugu ya Yehova, bayinjiza mu nzu ya Abinadabu+ ku gasozi. Hanyuma beza umuhungu wiwe Eleyazari ngo arinde iyo sandugu ya Yehova.
2 Maze haca ikiringo kinini c’imyaka 20, kuva umusi isandugu yaza i Kiriyati-Yeyarimu. Abisirayeli bose batangura kurondera* Yehova+. 3 Nuko Samweli abwira Abisirayeli bose ati: «Nimba mugarutse kuri Yehova n’umutima wanyu wose+, nimukureho imana z’inyamahanga+ n’ibishusho vya Ashitoreti+ mufise. Muheze mushire umutima wanyu wose kuri Yehova, abe ari we mukorera+, na we azobakiza Abafilisitiya+.» 4 Abisirayeli baca bakuraho za Bayali n’ibishusho vya Ashitoreti, bakorera Yehova wenyene+.
5 Maze Samweli avuga ati: «Nimukoranirize Abisirayeli bose i Mizipa+, ndabasengere kuri Yehova+.» 6 Nuko bakoranira i Mizipa, bavoma amazi bayasuka imbere ya Yehova. Kuri uwo musi barisonzesha+, bavuga bati: «Twaracumuye kuri Yehova+.» Samweli rero atangura gucira imanza+ Abisirayeli i Mizipa.
7 Abafilisitiya bumvise ko Abisirayeli bari bakoraniye i Mizipa, abatware b’Abafilisitiya+ baca baduga kubatera. Abisirayeli ngo bavyumve, bagira ubwoba kubera Abafilisitiya. 8 Abisirayeli rero babwira Samweli bati: «Bandanya kudusabira kuri Yehova Imana yacu adutabare+, adukize Abafilisitiya.» 9 Nuko Samweli afata umwagazi w’intama wonka, awushikanira Yehova nk’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+. Atabariza Abisirayeli kuri Yehova, Yehova na we aramwishura+. 10 Samweli akiriko arashikana nya shikanwa riturirwa, Abafilisitiya baregereza kugira batere Abisirayeli. Kuri uwo musi, Yehova arekurira imituragaro ikomeye+ ku Bafilisitiya, bicwa n’ubwoba+ maze Abisirayeli barabatsinda+. 11 Nuko Abisirayeli bava i Mizipa bakurikira Abafilisitiya, bagenda barabica gushika mu bumanuko bw’i Beti-Kari. 12 Maze Samweli atora ibuye+, arishinga hagati y’i Mizipa n’i Yeshana. Araheza aryita Ebenezeri* kuko yavuga ati: «Yehova aguma adutabara gushika n’ubu+.» 13 Gutyo Abafilisitiya baraneshwa, ntibongera kugaruka mu karere ka Isirayeli+. Yehova abandanya kurwanya Abafilisitiya igihe cose Samweli yamaze akiriho+. 14 Bisubiye, Abisirayeli bagaruza ibisagara Abafilisitiya bari barabatwaye n’uturere twavyo, kuva i Ekuroni gushika i Gati.
Ariko kandi haba amahoro hagati y’Abisirayeli n’Abamori+.
15 Samweli abandanya gucira imanza Abisirayeli igihe cose yamaze akiriho+. 16 Buri mwaka yaraja i Beteli+, i Gilugali+ n’i Mizipa+, agacira imanza Abisirayeli. 17 Mugabo yaca asubira i Rama+ kuko ari ho yari afise inzu, kandi na ho nyene yarahacira imanza z’Abisirayeli. Aho i Rama ahubakira Yehova igicaniro+.