ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyakozwe 16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ivyakozwe: ibirimwo

      • Pawulo atora Timoteyo (1-5)

      • Pawulo yerekwa Umunyamasedwane (6-10)

      • I Filipi, Lidiya aba umukirisu (11-15)

      • Pawulo na Silasi bapfungwa (16-24)

      • Umurinzi w’ibohero n’abo mu rugo rwiwe babatizwa (25-34)

      • Pawulo asaba ko abamurenganije basaba imbabazi (35-40)

Ivyakozwe 16:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 14:5-7; 2Tm 3:11
  • +Ivk 19:22; Rm 16:21; 1Kr 4:17; 1Ts 3:2; 1Tm 1:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/11/2015, rup. 9

    Nushinge intahe, rup. 122

Ivyakozwe 16:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/11/2015, rup. 14

    15/12/2009, rup. 11

    15/5/2009, rup. 14

    Nushinge intahe, rup. 122

Ivyakozwe 16:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Kr 9:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/11/2015, rup. 14

    15/5/2008, rup. 32

    1/12/2003, rup. 20

    Nushinge intahe, rup. 122

Ivyakozwe 16:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 15:28, 29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 54

    Nushinge intahe, rup. 123

Ivyakozwe 16:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 54

    Nushinge intahe, rup. 123

Ivyakozwe 16:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 18:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2012, rup. 9-10

    15/5/2008, rup. 32

    Nushinge intahe, rup. 125

Ivyakozwe 16:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Pt 1:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2012, rup. 9-10

    15/5/2008, rup. 32

    Nushinge intahe, rup. 125-126

Ivyakozwe 16:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2012, rup. 9-10

    Nushinge intahe, rup. 125-126

Ivyakozwe 16:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2012, rup. 9-10

    Nushinge intahe, rup. 126

Ivyakozwe 16:10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 12, 126

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2007, rup. 18

Ivyakozwe 16:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 124

Ivyakozwe 16:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Fp 1:1

Ivyakozwe 16:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

  • *

    Raba Inyongera ya A5.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivh 1:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 132

Ivyakozwe 16:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya A5.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 16:33; 18:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 132

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 32

    Umwigisha, rup. 95

Ivyakozwe 16:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu kuvuga ibizoba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:31; 20:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Urashobora Kubaho, rup. 95-96

    Imizimu, rup. 26

Ivyakozwe 16:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mr 1:23, 24; Lk 4:41

Ivyakozwe 16:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 17:18; Mr 1:25, 26, 34; Lk 9:1; 10:17

Ivyakozwe 16:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 19:24, 25
  • +Mt 10:18

Ivyakozwe 16:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 17:6

Ivyakozwe 16:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ts 2:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 129

Ivyakozwe 16:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 21:12

Ivyakozwe 16:24

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 129

    Igikorwa dukorera Ubwami,

    2/2000, rup. 4-5

Ivyakozwe 16:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ef 5:19; Kl 3:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2012, rup. 29

    Nushinge intahe, rup. 130

Ivyakozwe 16:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 5:18-20; 12:7

Ivyakozwe 16:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 12:18, 19

Ivyakozwe 16:30

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    5/2018, rup. 19-20

    Nushinge intahe, rup. 130

Ivyakozwe 16:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 3:16; 6:47

Ivyakozwe 16:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya A5.

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    3/2018, rup. 10

    Nushinge intahe, rup. 130

Ivyakozwe 16:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 8:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    3/2018, rup. 10

    Nushinge intahe, rup. 130

Ivyakozwe 16:37

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ata rubanza duciriwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 22:25; 23:27

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2015, rup. 12

Ivyakozwe 16:38

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 22:27-29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 131

Ivyakozwe 16:40

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Kr 1:3, 4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 132

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ivyak. 16:1Ivk 14:5-7; 2Tm 3:11
Ivyak. 16:1Ivk 19:22; Rm 16:21; 1Kr 4:17; 1Ts 3:2; 1Tm 1:2
Ivyak. 16:31Kr 9:20
Ivyak. 16:4Ivk 15:28, 29
Ivyak. 16:6Ivk 18:23
Ivyak. 16:71Pt 1:1
Ivyak. 16:12Fp 1:1
Ivyak. 16:14Ivh 1:11
Ivyak. 16:15Ivk 16:33; 18:8
Ivyak. 16:16Lw 19:31; 20:6
Ivyak. 16:17Mr 1:23, 24; Lk 4:41
Ivyak. 16:18Mt 17:18; Mr 1:25, 26, 34; Lk 9:1; 10:17
Ivyak. 16:19Ivk 19:24, 25
Ivyak. 16:19Mt 10:18
Ivyak. 16:20Ivk 17:6
Ivyak. 16:221Ts 2:2
Ivyak. 16:23Lk 21:12
Ivyak. 16:25Ef 5:19; Kl 3:16
Ivyak. 16:26Ivk 5:18-20; 12:7
Ivyak. 16:27Ivk 12:18, 19
Ivyak. 16:31Yoh 3:16; 6:47
Ivyak. 16:33Ivk 8:12
Ivyak. 16:37Ivk 22:25; 23:27
Ivyak. 16:38Ivk 22:27-29
Ivyak. 16:402Kr 1:3, 4
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ivyakozwe 16:1-40

Ivyakozwe n’intumwa

16 Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira+. Hariyo umwigishwa yitwa Timoteyo+. Nyina yari Umuyudakazi yizera, mugabo se akaba yari Umugiriki. 2 Yavugwa neza n’abavukanyi b’i Lusitira no muri Ikoniyo. 3 Pawulo aserura icipfuzo c’uko Timoteyo yojana na we. Nuko aramutora aramugenyera kubera Abayuda bari aho hantu+, kuko bose bari bazi yuko se yari Umugiriki. 4 Bagenda baca mu bisagara, bashikiriza abaho ingingo zashinzwe n’intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu, ngo bazubahirize+. 5 Nuko amashengero abandanya vy’ukuri gukomezwa mu kwizera no kugwira ku musi ku musi.

6 Vyongeye, baca i Firijiya no mu ntara ya Galatiya+ kuko impwemu nyeranda yari yababujije kuvuga ijambo ry’Imana mu ntara ya Aziya. 7 Bashitse i Misiya, bagerageza kwinjira i Bitiniya+ mugabo impwemu ya Yezu ntiyabemerera. 8 Nuko baca i Misiya, bamanuka i Tirowa. 9 Maze mw’ijoro Pawulo arerekwa, abona umugabo w’Umunyamasedwane ahagaze ng’aho, ariko aramwinginga ati: «Jabuka uze i Masedwane udufashe!» 10 Akimara kwerekwa, duca tugerageza kuja i Masedwane, kuko twashitse ku ciyumviro c’uko Imana yari yadutumyeko ngo tubamenyeshe inkuru nziza.

11 Nuko twurira ubwato tuva i Tirowa tuja i Samotirase ata handi duciye, bukeye tuja i Neyapoli. 12 Hanyuma tuvayo tuja i Filipi+, igisagara cagabwa n’Uburoma, kikaba ari co gisagara gikuru c’intara ya Masedwane, tumarayo imisi mikeyi. 13 Ku musi w’isabato, tuva mu gisagara tuja iruhande y’uruzi, aho twiyumvira ko hari ikibanza co gusengeramwo. Hanyuma turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bakoranye. 14 Muri bo harimwo umugore yitwa Lidiya yadandaza impuzu z’umuyugubwe*. Yava mu gisagara ca Tiyatira+, akaba yasenga Imana. Yariko arumviriza, maze Yehova* yugurura cane umutima wiwe ngo yiteho ivyo Pawulo yariko aravuga. 15 We n’abo mu rugo rwiwe bamaze kubatizwa+, aratwinginga ati: «Nimba mubona ko ndi umwizigirwa kuri Yehova*, nimuze mube muragumye iwanje.» Aratugobera tujayo.

16 Umusi umwe tugiye muri ca kibanza co gusengeramwo, duhura n’umusukukazi arimwo impwemu y’idayimoni ituma aragura+. Yaratungisha ba shebuja mu kuragura*. 17 Uwo mukobwa yaguma akurikira Pawulo hamwe natwe, asemerera ati: «Aba bantu ni abashumba b’Imana Musumbavyose+. Bariko babamenyesha inzira y’ubukiriro.» 18 Amara imisi myinshi abigira. Amaherezo Pawulo biramurambira, ni kwo guhindukira akabwira ya mpwemu ati: «Mw’izina rya Yezu Kristu ndagutegetse umuvemwo.» Ako kanya nyene ica irasohoka+.

19 Ba shebuja ngo babone icabatungisha kiragiye+, baca bacakira Pawulo na Silasi, barababuruta babajana mu kaguriro ku batware+. 20 Babajana ku bacamanza baraba ivy’abanyagihugu, bavuga bati: «Aba bantu bariko baradurumbanya cane igisagara cacu+. Ni Abayuda 21 kandi bariko bigisha imigenzo tutarekuriwe kwemera canke gukurikiza, kuko turi Abaroma.» 22 Nuko isinzi rivira hasi rimwe ngo ribarwanye. Impuzu zabo zimaze gutabagurwa, nya bacamanza baca bategeka ko bakubitwa inkoni+. 23 Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, baca babata mw’ibohero maze bategeka umurinzi w’ibohero ngo abacunge neza+. 24 Kubera yari ahawe iryo tegeko, aca abata mu gasho k’indani, ashira ibirenge vyabo mu mpatane z’ibiti.

25 Mugabo nko mu gicugu, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera bashemeza Imana mu kuririmba+, kandi izindi mbohe zariko zirabumviriza. 26 Maze haduka nyamugigima ikomeye, imishinge y’ibohero iranyiganyiga. Ako kanya nyene imiryango yose iruguruka, n’ivyari biboshe imbohe zose birakoroka+. 27 Wa murinzi w’ibohero avyutse agasanga imiryango y’ibohero iruguruye, asokora inkota yiwe ngo yiyice kuko yiyumvira ko imbohe zatorotse+. 28 Mugabo Pawulo avuga n’ijwi rirenga ati: «Ntiwigirire nabi kuko twese turi hano!» 29 Nuko asaba ibimuri anyarukirayo, maze apfukama imbere ya Pawulo na Silasi ajugumira. 30 Abajana hanze, ababaza ati: «Bashinganta, nkore iki kugira nkizwe?» 31 Bamwishura bati: «Niwizere Umukama Yezu urakizwa, wewe n’abo mu rugo rwawe+.» 32 Baraheza bamubwira ijambo rya Yehova* ari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose. 33 Maze abajana iwe muri iryo joro, aboza ibikomere. We n’abo mu rugo rwiwe bose baca barabatizwa badatebaganye+. 34 Aca abinjiza mu nzu iwe, abategurira imeza arabazimana, maze aranezerwa cane we n’abo mu rugo rwiwe bose kuko yari asigaye yizera Imana.

35 Bukeye mu gitondo, ba bacamanza batuma abapolisi kubwira umurinzi w’ibohero bati: «Rekura abo bantu.» 36 Uwo murinzi w’ibohero amenyesha Pawulo ivyo bavuze ati: «Abacamanza baraba ivy’abanyagihugu batumye abantu kugira ngo mwebwe babiri murekurwe. Nimusohoke rero, mwigire amahoro.» 37 Mugabo Pawulo ababwira ati: «Badutonaguye ku mugaragaro ata caha kitwagiriye* kandi turi Abaroma+, baca baduta mw’ibohero. None ubu badute hanze mu mpisho? Oya, ntibishoboka! Nibaze abe ari bo badusohora.» 38 Nuko nya bapolisi baja kubimenyesha ba bacamanza. Bumvise yuko nya bantu ari Abaroma, baca batekerwa n’ubwoba+. 39 Baraza rero barabinginga, hanyuma bamaze kubasohora babasaba kuva mu gisagara. 40 Mugabo basohotse ibohero, baca baja kwa Lidiya. Babonye abavukanyi barabaremesha+, baraheza baragenda.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika