Timoteyo wa mbere
4 Ariko ijambo ryahumetswe* rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza hari abazota ukwizera kubera bashira umutima ku majambo y’amahumekano azimiza*+ no ku nyigisho z’amadayimoni. 2 Bazoguta kandi kubera ubwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, bafise ijwi ryo mu mutima rimeze nk’iryaturijwe icuma gishushe cane. 3 Babuza abantu kwabirana+, bakabategeka kwirinda ibifungurwa+ Imana yaremye ngo abafise ukwizera+ kandi bazi neza ukuri babifungure+ bashima. 4 Mu bisanzwe ikintu cose Imana yaremye ni ciza+, kandi nta na kimwe co gutabwa+ iyo cakiranywe umutima ushima, 5 kuko cezwa biciye kw’ijambo ry’Imana be n’isengesho.
6 Niwaha izi mpanuro abavukanyi, uzoba uri umusuku mwiza wa Kristu Yezu yagaburiwe amajambo y’ukwizera be n’inyigisho nziza wakurikiraniye hafi+. 7 Mugabo wamirire kure za nkuru z’ikinyoma zitukisha Imana+, nka zimwe zivugwa n’abatamakazi. Ariko wimenyereze ufise intumbero yo kwihebera Imana. 8 Kuko kunonora* umubiri bigira akamaro muri bike, mugabo kwihebera Imana bikagira akamaro muri vyose kubera birimwo umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza+. 9 Iryo jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose. 10 Ni co gituma turiko turakora cane kandi tukihata+, kubera ko twashingiye icizigiro cacu ku Mana nzima, yo Mukiza+ w’abantu b’uburyo bwose+, canecane w’abizigirwa.
11 Guma utanga ayo mategeko wongera uyigisha. 12 Ntihagire n’umwe agaya ubuto bwawe. Ahubwo nubere abizigirwa akarorero mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura*. 13 Mu kurindira ko nza, ugume wijukira gusomera imbere y’abantu+, guhimiriza* no kwigisha. 14 Ntufate minenegwe ingabirano ufise, imwe wahawe biciye ku buhanuzi igihe inama y’abakurambere yakurambikako ibiganza+. 15 Zirikana* ivyo bintu, ubicokeremwo, kugira iterambere ryawe ryibonekeze neza ku bantu bose. 16 Wame wiyubara wewe ubwawe, wiyubare no ku vyo wigisha+. Ushishikare ivyo bintu kuko niwabikora uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza+.