16 Umuntu arategura ivyiyumviro mu mutima wiwe,
ariko inyishu atanga iva kuri Yehova+.
2 Umuntu abona ko inzira ziwe zose zigororotse+,
ariko Yehova ni we asuzuma imitima+.
3 Nuragize Yehova ivyo ukora vyose+,
maze imigambi yawe izororanirwa.
4 Yehova yaratunganije ibintu vyose kugira bishitse umugambi wiwe,
ku buryo n’ababisha barandurwa ku musi w’ivyago+.
5 Abantu bose bishima barashisha Yehova+.
Umenye neza ko batazobura guhanwa.
6 Urukundo n’ubwizigirwa ni vyo bituma ikosa ribabarirwa+,
kandi gutinya Yehova ni vyo bituma umuntu yirinda ikibi+.
7 Iyo Yehova ahimbawe n’inzira z’umuntu,
atuma mbere n’abansi biwe babana amahoro na we+.
8 Bike birimwo ubugororotsi+
biruta vyinshi bitarimwo ubutungane+.
9 Umuntu yoshobora gupanga inzira mu mutima wiwe,
ariko Yehova ni we ayobora intambuko ziwe+.
10 Umwami akwiye gushikiriza ingingo zihuye n’ukugomba kw’Imana+.
Ntakwiye kwigera agoreka ubutungane+.
11 Igipimo n’umunzane bitabesha biva kuri Yehova.
Amabuye yose y’umunzane ari mw’isaho ni we yayaremye+.
12 Ibikorwa vy’ububisha birashisha abami+,
kuko ubugororotsi ari bwo bukomeza intebe y’ubwami+.
13 Abami barahimbarwa n’umuntu avuga ibigororotse.
Barakunda umuntu avugisha ukuri+.
14 Ishavu ry’umwami rimeze nk’intumwa barungitse kwica umuntu+,
ariko umuntu w’ubwenge ararihwamika+.
15 Gutoneshwa n’umwami bisobanura ubuzima,
kandi gushimwa na we bimeze nk’igicu c’imvura mu mpeshi+.
16 Kuronka ubukerebutsi biruta kuronka inzahabu+,
kandi kuronka ubwenge biruta kuronka ifeza+.
17 Inzira yagutse y’abagororotsi ituma birinda ikibi.
Uwiyubara mu nzira ziwe aba akingiye ubuzima bwiwe+.
18 Imbere yo gusenyuka habanza ubwishime,
kandi imbere yo gutsitara habanza ubwibone+.
19 Kwicisha bugufi mu bantu bitonda+
biruta gusangira isahu n’abantu bibona.
20 Uwerekana ko afise ugutahura azororanirwa,
kandi uwizigira Yehova arahiriwe.
21 Umuntu w’inkerebutsi aba afise ubushobozi bwo gutegera+,
kandi uwufise amajambo y’igikundiro ararushiriza kujijura+.
22 Ugutahura ni isoko ry’ubuzima ku bagufise,
ariko ibijuju bikosorwa n’ubupfu bwavyo.
23 Umutima w’umunyabwenge utuma avuga ibintu birimwo ugutahura+,
kandi utuma ivyo avuga birushiriza kujijura.
24 Amajambo ahimbaye ni ikimamara c’ubuki,
asosera umutima kandi agakiza amagufa+.
25 Hari inzira umuntu yibwira ko igororotse,
ariko amaherezo igashikana ku rupfu+.
26 Umukozi arakora cane kugira aronke ico arya,
kuko inzara iba imurembeje+.
27 Umuntu w’imburakimazi azura ibintu bibi+.
Amajambo yiwe ameze nk’umuriro uturira+.
28 Umuntu w’umunyamahane atera amatati+,
kandi umubeshi atandukanya abagenzi somambike+.
29 Umuntu w’inkozi y’ikibi arahendahenda mugenziwe
akamutwara mu nzira mbi.
30 Aguma avuna ingohe igihe ategura imigambi mibi,
akanyunya iminwa igihe ayishira mu ngiro.
31 Imvi ku mutwe ni urugori rw’ubwiza+
igihe rubonetse mu nzira y’ubugororotsi+.
32 Uwuteba gushavura+ aruta umurwanyi w’intwari,
kandi uwuzi kwigumya aruta uwigarurira igisagara+.
33 Umuntu arashobora kugira ubupfindo+,
ariko Yehova ni we ashinga ikivamwo+.