Samweli wa mbere
9 Hari umugabo umwe wo mu muryango wa Benyamini yitwa Kishi+. Yari mwene Abiyeli, Abiyeli mwene Zerori, Zerori mwene Bekorati, Bekorati mwene Afiya. Yari Umubenyamini+ kandi yari atunze cane. 2 Yari afise umusore mwiza yitwa Sawuli+. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubwiza. Yasumvya uburebure abantu bose, ku buryo muremure yamugera ku bitugu.
3 Umusi umwe indogobwa* za Kishi se wa Sawuli zaratakaye. Kishi aca abwira umuhungu wiwe Sawuli ati: «Ndagusavye ujane n’umusuku umwe kurondera izo ndogobwa.» 4 Baca mu karere k’imisozi ka Efurayimu n’i Shalisha, mugabo ntibazitora. Maze baca i Shayalimu, ariko ntibazibona. Baca no mu karere kose k’Ababenyamini, na ho nyene ntibazitora.
5 Bashitse i Zufi, Sawuli abwira umusuku wiwe ati: «Ingo dusubire inyuma, dawe ntahave ahagarika umutima yibaza ivyadushikiye, aho kwiyumvira za ndogobwa+.» 6 Mugabo nya musuku amwishura ati: «Urazi, muri iki gisagara hariho umuntu w’Imana kandi arubahwa. Ivyo avuze vyose vyama bishika+. Ingo tujeyo, hari aho yotubwira inzira twojana.» 7 Sawuli aca abwira uwo musuku wiwe ati: «None uwo muntu tugenda tumushiriye iki? Nta mukate dusigaranye mu masaho. Nta ngabire n’imwe dufise twoshira uwo muntu w’Imana y’ukuri. Hari ico dusigaranye twomuha?» 8 Nya musuku amwishura ati: «Ehe mfise ica kane ca shekeli* y’ifeza. Ndaza kugiha uwo muntu w’Imana y’ukuri, aheze atubwire inzira twojana.» 9 (Aho hambere muri Isirayeli, umuntu agiye gusiguza Imana yavuga ati: «Ingo tuje kuraba uwuhishurirwa n’Imana*+.» Kuko uwo twita umuhanuzi ico gihe bamwita uwuhishurirwa n’Imana.) 10 Maze Sawuli abwira umusuku wiwe ati: «Ivyo uvuze ni vyo, ingo tugende.» Nuko baja mu gisagara uwo muntu w’Imana y’ukuri yarimwo.
11 Bariko badugana inzira ija mu gisagara, bahura n’abakobwa bagiye kuvoma. Bababaza rero bati: «Hari uwuhishurirwa n’Imana*+ yoba ari ng’aha?» 12 Na bo bishura bati: «Egome. Ari hariya imbere. Nimunyaruke. Uyu musi yaje mu gisagara kubera ko abantu baza gutangira ikimazi+ ahantu hataramutse basengera+. 13 Mukimara kwinjira mu gisagara, muca mumubona. Nimunyaruke kuko aca aduga gufungurira aho hantu basengera. Abantu bafungura ari uko ashitse kubera ko ari we ahezagira nya kimazi. Ahejeje kugihezagira ni ho abatumiwe baheza bagafungura. Nimuduge ubu nyene muca mumubona.» 14 Baca baraduga mu gisagara. Bashitseyo, baza babona Samweli aje guhura na bo ngo bajane ha hantu hataramutse basengera.
15 Buca Sawuli aza, Yehova yari yabwiye Samweli* ati: 16 «Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu ava mu karere ka Benyamini+. Uze umurobanuze amavuta* abe indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+. Azokiza abantu banje abakure mu vyara vy’Abafilisitiya, kuko nabonye amarushwa yabo nkumva n’amaborogo yabo+.» 17 Samweli abonye Sawuli, Yehova aca amubwira ati: «Ng’uyo wa muntu nakubwira nti: “Uyo ni we azoganza abantu banje*+.”»
18 Nuko Sawuli yegera Samweli aho yari ari mw’irembo ry’igisagara, amubwira ati: «Ndakwibarize, wondangira aho uwuhishurirwa n’Imana* aba?» 19 Samweli amwishura ati: «Ni jewe. Ja imbere, tugende ahantu hataramutse basengera, kandi uyu musi turasangira+. Nzoheza ndakurungike ejo mu gitondo nongere ndakubwire ivyo ushaka kumenya vyose*. 20 Nayo za ndogobwa zimaze imisi itatu zitakaye+, ntiziguhagarike umutima kuko bamaze kuzitora. None ibintu vyose vy’agaciro vyo muri Isirayeli wibaza ko ari ivya nde? Si ivyawe n’umuryango wose wa so+?» 21 Sawuli aca yishura ati: «Erega jewe mva mu Babenyamini, umuryango mutoyi cane mu miryango yose ya Isirayeli+. Kandi umuryango wa dawe ni wo muryango ata co uvuze mu miryango yose y’Ababenyamini. Kubera iki none umbwiye gutyo?»
22 Samweli aca ajana Sawuli n’umusuku wiwe aho bafungurira, maze abicarika mu kibanza c’iteka mu bandi batumire bose. Bari abagabo nka 30. 23 Samweli aca abwira uwuteka ati: «Zana ca gipande naguha nkakubwira ngo ugishire ku ruhande.» 24 Nya mutetsi aca atora ukuguru n’inyama bifatanye, abitereka imbere ya Sawuli. Maze Samweli avuga ati: «Ng’ibi ivyo twari twakubikiye. Fungura kuko bari babikubikiye ku bw’uyu musi. Nari nababwiye ko mfise abatumire.» Nuko uwo musi Sawuli asangira na Samweli. 25 Hanyuma bava aho hantu basengera+ bamanuka mu gisagara. Samweli abandanya kuyaga na Sawuli bari hejuru ku nzu*. 26 Ku musi ukurikira, bavyuka kare. Hakiri mu mutwenzi, Samweli ahamagara Sawuli iyo ari hejuru ku nzu, amubwira ati: «Niwitegure, ndakurungike ugende.» Sawuli aca aritegura maze we na Samweli barasohoka. 27 Bakiriko baramanuka berekeza ku mpera y’igisagara, Samweli abwira Sawuli ati: «Bwira uwo musuku+ arengane imbere yacu.» Nuko ararengana. Samweli yongerako ati: «Nayo wewe, banza uhagarare ndakubwire ubutumwa buvuye ku Mana.»