Ngoma za mbere
10 Abafilisitiya barwana n’Abisirayeli. Abasoda ba Isirayeli bahunga Abafilisitiya kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa+. 2 Abafilisitiya baguma basatira Sawuli n’abahungu biwe gushika aho bica abo bahungu ba Sawuli, ari bo Yonatani, Abinadabu na Malikishuwa+. 3 Urugamba rurakomera, Abafilisitiya basugereza cane Sawuli. Abarasisha umuheto baramubona, baramurasa arakomereka+. 4 Sawuli aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: «Sokora inkota yawe uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe* ntibaze ngo banyice rubi*+.» Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota, ayitako+. 5 Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene aca afata inkota yiwe ayitako, arapfa. 6 Gutyo Sawuli, abahungu biwe batatu n’abo mu rugo rwiwe bose bari kumwe na we, bapfira hamwe+. 7 Abisirayeli bose bo mu kiyaya babonye yuko ingabo zose zahunze be n’uko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Abafilisitiya baraza babibamwo.
8 Bukeye, Abafilisitiya baza gusahura ibintu vy’abo bishe, maze bubuka ku biziga vya Sawuli n’abahungu biwe ku musozi Gilibowa+. 9 Sawuli bamwambura ivyo afise, bamuca umutwe, batwara n’ibirwanisho vyiwe. Baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya kugira babimenyeshe ibigirwamana vyabo+ n’abantu. 10 Bashira ibirwanisho vyiwe mu rusengero* rw’imana yabo, agahanga kiwe na ko bakamanika ku rusengero rwa Dagoni+.
11 Ababa i Yabeshi+ mu karere ka Gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sawuli vyose+, 12 abarwanyi bose baca barahaguruka baja gutora ikiziga ca Sawuli n’ibiziga vy’abahungu biwe babijana i Yabeshi. Bahamba amagufa yabo munsi y’igiti kinini kiri i Yabeshi+, baraheza bamara imisi indwi bisonzesheje.
13 Ukwo ni ko Sawuli yapfuye kubera ko yahemukiye Yehova, ntiyagamburuka ivyo Yehova yari yamubwiye+. Yapfuye kandi kubera ko yasiguje uwukora ivyo guhanuza abapfuye*+ 14 aho gusiguza Yehova. Ni co gituma yamwishe maze ubwami abuha Dawidi mwene Yese+.