Indirimbo ya Salomo
6 «Ewe mwigeme mwiza kuruta abandi bose,
umukunzi wawe yagiye hehe?
Umukunzi wawe yajanye inzira iyihe?
Reka tugufashe kumurondera.»
2 «Umukunzi wanje yamanutse mu murima wiwe,
mu murima uteyemwo ibintu bimota neza,
kuragira ibitungwa vyiwe mu mirima
no kwaha amashurwe y’amalisi+.
Aragiye ibitungwa vyiwe mu mashurwe y’amalisi+.»
4 «Mukunzi wanje+, uri mwiza nka Tiruza*+,
uteye igomwe nka Yeruzalemu+,
uteye akoba nk’ingabo zikikuje amabendera yazo+.
Imishatsi yawe imeze nk’ubusho bw’impene
buriko buramanuka imisozi y’i Gileyadi+.
6 Amenyo yawe ameze nk’ubusho bw’intama
ziriko ziraduga zivuye aho bazogereza.
Zose zifise amahasa,
kandi nta n’imwe yabuze imyagazi yayo.
9 ariko umwe gusa ni we ari inuma yanje+, umugenzi wanje atagira akanenge.
Nta wundi ameze nka we mu maso ya nyina.
Ni we wenyene atonye* ku wamwibarutse.
Abakobwa baramubona bakavuga ko ahiriwe,
abamikazi n’incoreke na bo bakamuhayagiza.
10 “Ni nde urya mugore yakaka* nk’umutwenzi,
mwiza nk’ukwezi kw’igisyo,
atyoroye nk’umuco w’izuba,
kandi ateye akoba nk’ingabo zikikuje amabendera yazo+?”»
11 «Namanutse mu murima w’ibiti vyama imise+
kuraba imivyaro mishasha mu mwonga*,
kuraba ko imizabibu yanaze*
n’uko ibiti vy’amakomamanga vyashuritse.
13 «Garuka, garuka, Mushulamukazi we!
Garuka, garuka,
kugira tukwitegereze!»
«Kubera iki mwitegereza Umushulamukazi+?»
«Ameze nk’intambo y’amakambi abiri*!»