Yobu
31 Nagiraniye isezerano n’amaso yanje+.
None nokwubahuka gute kuraba umugore w’abandi* mu buryo butabereye+?
2 None ni umugabane uwuhe Imana yo mw’ijuru yompa?
Ni intoranwa iyihe nohabwa na Mushoboravyose ari iyo hejuru?
5 Noba narigeze ngendera mu kinyoma*?
Ikirenge canje coba carihutiye kubesha+?
7 Ikirenge canje nicaba carataye inzira+,
umutima wanje ukaba warakurikiye amaso yanje+
canke ibiganza vyanje bikaba vyaranduye,
8 abandi baraca barya ivyo narimye+
bongere barandure ivyo nateragiye*.
9 Umutima wanje ukaba waripfuje uwundi mugore+
canke nkaba narabundabunze+ ku muryango wa mugenzanje,
10 umugore wanje rero nasyere uwundi mugabo
Noyishura iki igize ico imbaza+?
15 Mbega uwandemeye mu nda ya mama si we yabaremye+?
Si we yatubumvye twese imbere y’uko tuvuka*+?
16 Nimba narimye abakene ico bipfuza+
canke ngatuma abapfakazi bihebura*+,
17 nimba narariye ibifungurwa vyanje jenyene
simpeko impfuvyi+,
18 (Nakuranye n’impfuvyi kuva nkiri muto, mba nka se wazo,
kandi namye mfasha abapfakazi kuva nkiri umwana*.)
19 nimba narigeze kubona uwishwe n’imbeho kubera atagira agahuzu
canke umukene atagira ico yipfuka+,
20 nimba yaranse kumpezagira*+
kubera ntamuhaye ubwoya bw’intama zanje ngo bumususurutse,
21 nimba narigeze gutera ubwoba* impfuvyi+
igihe yari ikeneye ko ndayifasha kw’irembo ry’igisagara*+,
22 ukuboko* kwanje rero nigutandukane n’ibitugu
kandi kuvunikire mu nkokora*.
23 Kuko natinya icago kivuye ku Mana
kandi sinari gushobora guhagarara imbere y’ubuninahazwa bwayo.
25 nimba umunezero wanje wava kw’itunga ryinshi mfise+
kubera ubutunzi bwinshi nari nararonse+,
26 nimba narigeze kubona izuba* rikayangana
canke ukwezi kugendagenda mu bwiza bwakwo+,
27 hanyuma umutima wanje ukoshwa mu mpisho
maze nkabisenga mu gusoma ikiganza canje+,
28 iryo rero ryoba ari ikosa rihanwa n’abacamanza,
kuko nari kuba nihakanye Imana y’ukuri iri mw’ijuru.
29 Noba narigeze mpimbarwa n’uko umwansi wanje yatikiye+,
canke ngo nezerwe kubera yashikiwe n’ivyago?
31 Mbega abo mw’ihema ryanje ntibavuze bati:
33 Noba narigeze ngerageza gupfuka ibicumuro vyanje nk’abandi+
mu guhisha ikosa ryanje mu mupfuko w’impuzu?
34 Noba naratinye isinzi ry’abantu,
canke ngaterwa ubwoba n’uko iyindi miryango yonsuzugura,
ku buryo nguma numye, ngatinya gusohoka hanze?
35 Ese iyaba nari mfise uwunyumviriza+,
nosinya* nkemeza ko ivyo navuze ari ukuri!
Mushoboravyose nanyishure+!
Ese iyaba uwunyagiriza yanditse ibirego vyiwe!
36 Nobitwaye ku rutugu rwanje,
nkabibohera ku mutwe wanje nk’urugori.
37 Nokwisiguye imbere y’Imana ku vyo nakoze vyose,
nkayegera ntekanye nk’umuganwa.
38 Nimba umurima wanje waratakamvye unyidogera,
n’amaburi baciye muri wo akaririra hamwe,
39 nimba narariye umwimbu wawo kuri gusa+
canke ngatuma benewo bihebura+,
40 uwo murima rero uraca umera amahwa mu kibanza c’ingano,
umere ivyatsi binuka mu kibanza ca sayiri.»
Amajambo ya Yobu agarukiye aha.