Zaburi
Ni indirimbo. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
87 Umushinge w’igisagara c’Imana uri mu misozi myeranda+.
3 Bakuvugako ibintu vyiza cane, ewe gisagara c’Imana y’ukuri+! (Sela*)
4 Nzoharura Rahabu+ na Babiloni mu mahanga anzi.
Ubufilisitiya, Tiro na Kushi na yo nyene ari mu mahanga anzi.
Abantu bazovuga bati: «Uwu ni ho yavukiye.»
5 Ku vyerekeye Siyoni na ho bazovuga bati:
«Bose ni ho bavukiye.»
Kandi Musumbavyose azohakomeza.
6 Mu kwandika abantu, Yehova azotangaza ati:
«Uwu ni ho yavukiye.» (Sela)