Matayo
11 Yezu ahejeje kubwira abigishwa biwe 12 ivyo bakwiye kwisunga, aca ava ng’aho aja kwigisha no kwamamaza inkuru nziza mu bisagara vyabo+.
2 Mugabo Yohani amaze kwumvira mw’ibohero+ ivyo Kristu ariko arakora, arungika abigishwa biwe+ 3 kumubaza bati: «Woba uri umwe twari twiteze, canke turindire uwundi+?» 4 Yezu abishura ati: «Genda mubwire Yohani ivyo mwumva n’ivyo mubona+: 5 impumyi ubu zirabona+, abacumbagira baratambuka, abanyamibembe+ barahumanurwa, abatumva barumva, abapfuye barazurwa kandi abakene barabwirwa inkuru nziza+. 6 Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje+.»
7 Abigishwa ba Yohani bagiye, Yezu atangura kubwira amasinzi y’abantu ivyerekeye Yohani ati: «Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki+? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+? 8 None mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu nzizanziza*? Erega abambara impuzu nzizanziza bari mu nzu z’abami. 9 None vy’ukuri mwagiyeyo kubera iki? Kuraba umuhanuzi? Emwe ndabibabwiye, mbere araruta umuhanuzi kure n’iyo+. 10 Uwo ni umwe avugwa mu vyanditswe ngo: “Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira imbere yawe+!” 11 Ni ukuri ndabibabwiye, mu bantu bose babayeho* ntihigeze haboneka uwuruta Yohani Umubatizi. Ariko umuntu mutoyi mu Bwami bwo mw’ijuru aramuruta+. 12 Kuva Yohani Umubatizi aje gushika ubu, abantu baguma baniganira Ubwami bwo mw’ijuru, kandi abumirako barabucakira+. 13 Nkako, ivyanditswe n’abahanuzi hamwe n’amategeko* vyose vyavuze ibizoba gushika kuri Yohani+, 14 kandi nimba mushaka kuvyemera, ni we “Eliya abwirizwa kuza+.” 15 Uwuri n’amatwi niyumve.
16 Mbega abantu b’iki gihe* ndabagereranye na nde+? Bameze nk’abana bicaye mw’isoko, basemerera babwira abo bakinana bati: 17 “Twabavugirije umwironge ariko ntimwatamvye. Twaboroze ariko ntimwikubitaguye ku gikiriza kubera umubabaro.” 18 Muri ubwo buryo nyene, Yohani yaje atarya, atanywa, ariko abantu bavuga ngo: “Arimwo idayimoni.” 19 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa+, ariko abantu bavuga ngo: “Ng’uyu umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+.” Ariko ubukerebutsi bubonekera ku bikorwa vyabwo*+.»
20 Atangura rero kunegura ibisagara yakoreyemwo ibitangaro* vyinshi, kuko abantu baho batigaye. Avuga ati: 21 «Uragowe Korazini! Uragowe Betsayida! Kuko ibitangaro vyakorewe iwanyu iyo biza kuba vyakorewe i Tiro n’i Sidoni, abantu bo muri ivyo bisagara baba barigaye kera bambaye amagunira kandi bicaye mu minyota+. 22 Ndababwiye ko ku musi w’urubanza, ivya Tiro na Sidoni bizoba bigendeka kuruta ivyanyu+. 23 Nawe Kaperinawumu+, wibaza ko uzoduga gushika kw’ijuru? Ahubwo uzomanuka mu kuzimu+, kuko ibitangaro vyakorewe iwanyu iyo biza kuba vyakorewe i Sodomu, haba hakiriho gushika n’uyu musi. 24 Ariko ndababwiye ko ku musi w’urubanza, ivy’igihugu ca Sodomu bizoba bigendeka kuruta ivyanyu+.»
25 Muri uwo mwanya, Yezu aca avuga ati: «Ndagushemeza icese Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ariko ukabihishurira abana batoyi+. 26 Ego cane Dawe, kuko washimye kubigenza gutyo. 27 Dawe yarampaye ibintu vyose+. Nta muntu n’umwe azi neza Umwana atari Dawe+, kandi nta muntu n’umwe azi neza Dawe atari Umwana be n’uwo wese Umwana ashatse kumuhishurira+. 28 Nimuze iwanje mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje nzobaruhurira. 29 Nimwikorere ingogo* yanje kandi munyigireko, kuko nitonda kandi nicisha bugufi+, namwe muzokwumva muruhuriwe. 30 Kuko ingogo yanje yoroshe gutwara*, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.»