Yoweli
3 «Nkako, muri iyo misi no muri ico gihe,
ninagarukana abantu bagizwe imbohe bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+,
2 nzokwegeraniriza hamwe amahanga yose,
Aho ni ho nzobacira urubanza+
kubera ivyo bakoreye abantu banje n’intoranwa yanje Isirayeli,
kuko babashwiragije mu mahanga,
baca bagabangana igihugu canje+.
3 Bagize ubupfindo mu kugabangana abantu banje+,
bakagurisha umuhungu kugira barihe umumaraya,
n’umukobwa kugira baronke umuvinyu binywera.
4 Ewe Tiro, Sidoni, namwe turere twose tw’Ubufilisitiya,
mweho dupfa iki?
Hari ico nabakoreye ku buryo mushaka kunyihora?
Nimba muriko muranyihora,
ukwihora kwanyu nzogusubiza ku mitwe yanyu ningoga+.
5 Kuko mwatwaye ifeza zanje n’inzahabu zanje+,
mukajana ubutunzi bwanje bw’agaciro mu nsengero zanyu.
6 Abantu bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu mwabagurishije ku Bagiriki+,
kugira mubomore baje kure y’akarere kabo.
7 Ubu rero ngira ndabagarukane ndabakure iyo mwabagurishije+,
maze nsubize ukwihora kwanyu ku mitwe yanyu.
8 Nzogurisha abahungu banyu n’abakobwa banyu ku bantu bo mu Buyuda+,
na bo bazobagurisha ku bantu b’i Sheba, ihanga rya kure cane,
kuko jewe Yehova ndabivuze.
9 Nimutangaze ibi mu mahanga+ muti:
“Nimwitegurire* intambara! Hagurutsa abagabo b’intwari!
Ingabo zose nizize maze zifate urugendo+!
10 Amasuka* yanyu nimuyacuremwo inkota, imihoro yanyu na yo muyicuremwo amacumu.
Umuntu agoyagoya navuge ati: ‘Ndakomeye.’
11 Yemwe mahanga yo hirya no hino mwese, nimuze mufashanye, mukoranire hamwe+!”»
Ewe Yehova, nuzane abanyenkomezi* bawe muri ico kibanza!
12 «Amahanga nahaguruke, aje mu kiyaya* ca Yehoshafati,
kuko ari ho nzokwicara kugira ncire urubanza amahanga yo hirya no hino yose+.
13 Nimutore agakero, kuko ivyimburwa vyeze.
Nimumanuke mugane* inzabibu, kuko uruganiro rwuzuye+.
Amato baganiramwo yasesekaye kuko ibibi vyabo birenze urugero.
15 Izuba n’ukwezi bizohinduka umwiza,
kandi n’inyenyeri zizoreka gukayangana.
16 Yehova azoroha ari i Siyoni,
asemerere ari i Yeruzalemu.
Ijuru n’isi bizonyiganyiga,
ariko Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe+,
abere igihome gikomeye Abisirayeli.
17 Muzomenya vy’ukuri ko ndi Yehova Imana yanyu, umwe aba i Siyoni, umusozi wanje mweranda+.
18 Ico gihe imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+,
imitumba na yo itembe amata,
kandi imigezi yose yo mu Buyuda izotemba amazi.
19 Ariko Misiri izosigara ari umusaka+,
Edomu icike agahinga kahebwe+,
kubera ikibi bakoreye abantu bo mu Buyuda+,
kandi bagasesa amaraso y’abantu b’intungane mu gihugu cabo+.