Hoseya
2 Nimugaruke kuri Yehova, mumubwire muti:
“Nuharire ikosa ryacu+ maze wemere iciza,
natwe tuzogushikanira ishemezo ry’iminwa yacu+ nk’aho yoba ari amashuri y’inka*.
Ntituzogendera ku mafarasi+,
kandi ntituzosubira kubwira ivyo amaboko yacu yakoze duti: ‘Ewe Mana yacu!’,
kuko ari wewe ugirira imbabazi impfuvyi+.”
5 Nzobera Isirayeli nk’urume.
Azoshurika nk’ishurwe ry’ilisi,
kandi azoshora imizi nk’ibiti vy’i Libani.
6 Imivyaro yiwe izosagarara,
ubwiza bwiwe bube nk’ubw’igiti c’umwelayo*,
akamoto kiwe na ko kabe nk’aka Libani.
7 Bazosubira kwibera mu gitutu canje.
Bazorima intete, bashurike nk’igiti c’umuzabibu+.
Nzomenyekana hose* nk’umuvinyu w’i Libani.
8 Efurayimu azovuga ati: “Ndacarondera iki mu bigirwamana+?”
Nzomwishura nongere ndamukingire+.
Nzoba nk’igiti c’umuberoshi gitotahaye.
Ivyamwa vyabo bizova iwanje.»
9 Ni nde ari inkerebutsi? Natahure ivyo bintu.
Ni nde afise ubwenge? Namenye ivyo bintu.
Kuko inzira za Yehova zigororotse+,
kandi abagororotsi ni bo bazozigenderamwo,
ariko abacumuzi bazozitsitaramwo.