ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Umwamikazi w’i Sheba aza kuraba Salomo (1-12)

      • Ubutunzi bwa Salomo (13-28)

      • Urupfu rwa Salomo (29-31)

2 Ngoma 9:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubupfindo.»

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 12:42; Lk 11:31
  • +Zb 72:15
  • +1Bm 10:1-3

2 Ngoma 9:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nta na kimwe cari ikinyegezwa ku mwami.»

2 Ngoma 9:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubwenge.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 3:28; Ums 12:9
  • +1Bm 10:4-9

2 Ngoma 9:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «impemu ziramuherana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 4:22, 23
  • +2Ng 8:12, 13

2 Ngoma 9:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ivyo wavuze.»

2 Ngoma 9:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 11:31
  • +Ums 1:16
  • +1Bm 4:31, 34; 2Ng 1:11, 12

2 Ngoma 9:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu bugororotsi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 2:11

2 Ngoma 9:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 72:10
  • +1Bm 10:10

2 Ngoma 9:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni igiti ciza bakoramwo ibintu vyiza cane.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 9:27, 28; 10:22; 2Ng 8:18
  • +1Bm 10:11, 12

2 Ngoma 9:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikirimba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:8
  • +1Bm 7:1
  • +1Ng 25:1; Zb 92:3

2 Ngoma 9:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «ivyo yabimuhaye hampande y’ivyo yamugabiye binganya agaciro n’ivyo uwo mwamikazi yari yamuzaniye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:13

2 Ngoma 9:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:14, 15; 2Ng 1:15; Zb 68:29; 72:15

2 Ngoma 9:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 72:10

2 Ngoma 9:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 12:9
  • +1Bm 10:16, 17

2 Ngoma 9:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkizo.

  • *

    Imina ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo yapima amagarama 570. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 7:2

2 Ngoma 9:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:18-20

2 Ngoma 9:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:9

2 Ngoma 9:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 23:24

2 Ngoma 9:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:21, 22, 27

2 Ngoma 9:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

  • *

    Ni ibinyoni bifise amabara meza cane vyo mu bwoko bw’inkware.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 72:10; Yon 1:3
  • +1Bm 9:27
  • +1Bm 10:18

2 Ngoma 9:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 3:12, 13; 4:29; 10:23-25

2 Ngoma 9:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 3:28; 4:34; 2Ng 1:12; Img 2:6

2 Ngoma 9:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.»

  • *

    Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 6:29

2 Ngoma 9:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abagendera ku mafarasi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 17:16; 1Bm 4:26
  • +1Bm 10:26

2 Ngoma 9:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni uruzi Efurate.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 4:21

2 Ngoma 9:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:27; 1Ng 27:28

2 Ngoma 9:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:28; 2Ng 1:16

2 Ngoma 9:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uwavuga ivyo yeretswe n’Imana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 11:41-43
  • +2Sm 7:2; 12:1; 1Bm 1:8; 1Ng 29:29
  • +1Bm 11:30, 31; 14:2, 6, 10
  • +2Ng 12:15; 13:22
  • +1Bm 11:26

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2012, rup. 25

2 Ngoma 9:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «aryama hamwe na ba sekuruza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 5:9; 1Bm 2:10
  • +1Bm 14:21

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 9:1Mt 12:42; Lk 11:31
2 Ngo. 9:1Zb 72:15
2 Ngo. 9:11Bm 10:1-3
2 Ngo. 9:31Bm 3:28; Ums 12:9
2 Ngo. 9:31Bm 10:4-9
2 Ngo. 9:41Bm 4:22, 23
2 Ngo. 9:42Ng 8:12, 13
2 Ngo. 9:6Lk 11:31
2 Ngo. 9:6Ums 1:16
2 Ngo. 9:61Bm 4:31, 34; 2Ng 1:11, 12
2 Ngo. 9:82Ng 2:11
2 Ngo. 9:9Zb 72:10
2 Ngo. 9:91Bm 10:10
2 Ngo. 9:101Bm 9:27, 28; 10:22; 2Ng 8:18
2 Ngo. 9:101Bm 10:11, 12
2 Ngo. 9:111Bm 6:8
2 Ngo. 9:111Bm 7:1
2 Ngo. 9:111Ng 25:1; Zb 92:3
2 Ngo. 9:121Bm 10:13
2 Ngo. 9:131Bm 10:14, 15; 2Ng 1:15; Zb 68:29; 72:15
2 Ngo. 9:14Zb 72:10
2 Ngo. 9:152Ng 12:9
2 Ngo. 9:151Bm 10:16, 17
2 Ngo. 9:161Bm 7:2
2 Ngo. 9:171Bm 10:18-20
2 Ngo. 9:18It 49:9
2 Ngo. 9:19Gh 23:24
2 Ngo. 9:201Bm 10:21, 22, 27
2 Ngo. 9:21Zb 72:10; Yon 1:3
2 Ngo. 9:211Bm 9:27
2 Ngo. 9:211Bm 10:18
2 Ngo. 9:221Bm 3:12, 13; 4:29; 10:23-25
2 Ngo. 9:231Bm 3:28; 4:34; 2Ng 1:12; Img 2:6
2 Ngo. 9:24Mt 6:29
2 Ngo. 9:25Gus 17:16; 1Bm 4:26
2 Ngo. 9:251Bm 10:26
2 Ngo. 9:261Bm 4:21
2 Ngo. 9:271Bm 10:27; 1Ng 27:28
2 Ngo. 9:281Bm 10:28; 2Ng 1:16
2 Ngo. 9:291Bm 11:41-43
2 Ngo. 9:292Sm 7:2; 12:1; 1Bm 1:8; 1Ng 29:29
2 Ngo. 9:291Bm 11:30, 31; 14:2, 6, 10
2 Ngo. 9:292Ng 12:15; 13:22
2 Ngo. 9:291Bm 11:26
2 Ngo. 9:312Sm 5:9; 1Bm 2:10
2 Ngo. 9:311Bm 14:21
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 9:1-31

Ngoma za kabiri

9 Maze umwamikazi w’i Sheba+ aza i Yeruzalemu kugeza Salomo n’ibibazo bigoye* kubera yumvise ukuntu Salomo ari rurangiranwa. Yari aherekejwe n’abantu benshi cane n’ingamiya zitwaye amavuta amota neza*, inzahabu+ nyinshi cane n’amabuye y’agaciro. Yinjira aho Salomo ari, maze bayaga ivyari ku mutima wiwe vyose+. 2 Salomo araheza amwishura ibibazo vyiwe vyose. Nta na kimwe Salomo atashoboye kumusigurira*.

3 Umwamikazi w’i Sheba abonye ubukerebutsi* bwa Salomo+, n’inzu yari yubatse+, 4 n’ibifungurwa vyo ku meza yiwe+, n’ukuntu abantu biwe bicara ku meza, n’ukuntu abasuku biwe batanga ibifungurwa n’ingene baba bambaye, n’abasuku biwe batanga ibinyobwa n’ingene baba bambaye, n’ibimazi biturirwa yama ashikana ku nzu ya Yehova+, aca arumirwa biramurenga*. 5 Nuko abwira umwami ati: «Ivyo numvise mu gihugu canje ku bijanye n’ivyo wakoze* be n’ubukerebutsi bwawe kwari ukuri. 6 Mugabo sinavyemeye gushika ndahishikiye nkavyibonera+. None nsanze ata n’igice c’ubukerebutsi bwawe bwinshi+ bambwiye. Nsanze biruta kure n’iyo ivyo nari narumvise+. 7 Abantu bawe n’abasuku bamana nawe barahiriwe kubera bumviriza ubukerebutsi bwawe. 8 Yehova Imana yawe nashemezwe, we yagushimye akakwicarika ku ntebe y’ubwami yiwe ngo utwarire Yehova Imana yawe. Kubera ko Imana yawe ikunda Abisirayeli+, yakugize umwami wabo ngo ubatware neza* wongere ubatunganirize, kugira ngo Isirayeli yameho ibihe vyose.»

9 Maze aha umwami italanto* 120 z’inzahabu+ n’amavuta amota neza* menshi cane n’amabuye y’agaciro. Nta wundi yongeye kuzana amavuta nk’ayo umwamikazi w’i Sheba yahaye umwami Salomo+.

10 Vyongeye, abasuku ba Hiramu n’aba Salomo bahora bazana inzahabu bazikuye i Ofiri+, bakaza bazanye n’ibiti vyitwa alumugi* hamwe n’amabuye y’agaciro+. 11 Ivyo biti umwami yabikozemwo ingazi z’inzu ya Yehova+ n’iz’inzu* y’umwami+, abikoramwo n’inanga n’ibicurarangisho vy’imirya vy’abaririmvyi+. Nta biti nk’ivyo vyari bwigere biboneka mu Buyuda.

12 Umwami Salomo na we aha umwamikazi w’i Sheba ikintu cose yipfuza n’ico yasavye cose. Yamuhaye ibiruta ivyo yari yamuzaniye*. Uwo mwamikazi araheza asubira mu gihugu ciwe ari kumwe n’abasuku biwe+.

13 Buri mwaka Salomo yaronka inzahabu zipima italanto 666+. 14 Aho ntidushizemwo inzahabu n’ifeza abadandaza b’ingenzi, abandi badandaza, abami bose b’Abarabu na ba buramatari bo mu gihugu bazanira Salomo+.

15 Umwami Salomo akora inkinzo zagutse 200 mu nzahabu ivanze+ (inkinzo imwe yose ijako shekeli* 600 z’inzahabu ivanze+). 16 Akora n’inkinzo ntonto* 300 mu nzahabu ivanze (inkinzo imwe yose ijako imina* zitatu z’inzahabu). Maze umwami abishira muri ya nyubakwa yitwa Inzu y’ikibira c’i Libani+.

17 Umwami akora intebe y’ubwami y’agatangaza akoresheje amasenge*, maze ayihomekako inzahabu itavanze+. 18 Hariho ingazi y’intambuko zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami. Iyo ntebe yari ifise ahantu ho gushira ibirenge hakozwe mu nzahabu, hafatanye n’iyo ntebe. Yari ifise n’ahantu ho gushira amaboko ku mpande zayo zompi, hafi yaho hakaba hariho intare zibiri+. 19 Irya n’ino ku mpera z’izo ntambuko zitandatu z’ingazi hariho intare 12+, zitandatu ku ruhande rumwe, zitandatu ku rundi. Nta bundi bwami bwari bufise intebe nk’iyo. 20 Ivyo umwami Salomo yanyweramwo vyose vyari bikozwe mu nzahabu. Ivyombo vyose vyo muri ya Nzu y’ikibira c’i Libani na vyo vyari bikozwe mu nzahabu itavanze. Nta na kimwe cari gikozwe mw’ifeza. Mu gihe ca Salomo ifeza yabonwa ko ata co imaze+, 21 kuko amato* y’umwami yaja i Tarushishi+ atwawe n’abantu ba Hiramu+. Rimwe mu myaka itatu, ayo mato y’i Tarushishi yaza yikoreye inzahabu, ifeza, amasenge+, inkende n’ibinyoni vyitwa tawusi*.

22 Umwami Salomo yarusha ubutunzi n’ubukerebutsi abandi bami bose bo kw’isi+. 23 Kandi abami bo kw’isi yose bararondera ingene bobonana na Salomo kugira bumve ubukerebutsi Imana y’ukuri yamuhaye+. 24 Buri mwaka, umwe wese mu baza kumuraba yaza amuzaniye ingabire: ibintu vy’ifeza, ivy’inzahabu, impuzu+, ibirwanisho, amavuta amota neza*, amafarasi n’indogobwa*. 25 Salomo yari afise impongore 4.000 z’amafarasi n’imikogote, hamwe n’amafarasi* 12.000+. Bimwe vyari mu bisagara abikamwo imikogote, ibindi bikaba i Yeruzalemu hafi y’aho yaba+. 26 Yaganza abami bose bari mu karere kava kuri rwa ruzi runini*, kagaca mu gihugu c’Abafilisitiya, kagashika ku rubibe rwa Misiri+. 27 Umwami Salomo yatumye ifeza zigwira nk’amabuye i Yeruzalemu, ibiti vy’amasederi na vyo bigwira nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu karere ka Shefela+. 28 Hariho abazanira amafarasi Salomo bayakuye mu Misiri+ no mu bindi bihugu vyose.

29 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Salomo+, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, biranditswe mu vyavuzwe n’umuhanuzi Natani+, mu buhanuzi bwa Ahiya+ w’i Shilo no mu nyandiko z’ivyo umuhanuzi* Ido+ yeretswe ku vyerekeye Yerobowamu+ mwene Nebati. 30 Salomo yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli yose ari i Yeruzalemu. 31 Maze Salomo arapfa*, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi se wiwe+. Umuhungu wiwe Rehobowamu atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika