Samweli wa kabiri
7 Umwami amaze kwinjira inzu* yiwe+ akayibamwo, na Yehova amaze kumukiza abansi biwe bose bari bamukikuje, akaronka amahoro*, 2 abwira umuhanuzi Natani+ ati: «Jewe mba mu nzu y’amasederi+, ariko isandugu y’Imana y’ukuri ikaba mw’ihema+.» 3 Natani yishura umwami ati: «Genda ukore ikiri ku mutima wawe cose, kuko Yehova ari kumwe nawe+.»
4 Muri iryo joro, Yehova abwira Natani ati: 5 «Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova avuze ati: ‘Ni we ugomba kunyubakira inzu yo kubamwo+? 6 Erega kuva nkura Abisirayeli mu Misiri gushika n’uyu musi+, sinigeze mba mu nzu. Nagumye ngendera mw’ihema+, mva aha nkaja ahandi. 7 Igihe cose namaze njana n’Abisirayeli bose, noba narigeze mvuga nti: “Kubera iki mutanyubakiye inzu y’amasederi?” Mu bakuru b’imiryango ya Isirayeli nagenye ngo baragire abantu banje b’Abisirayeli, hari n’umwe nigeze nsaba ico kintu?’” 8 Bwira rero umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nagukuye aho waragira ibitungwa+, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+. 9 Nzobana nawe aho uzoja hose+, nkureho abansi bawe bose bakuve imbere+. Nzotuma izina ryawe riba rurangiranwa+ nk’iry’abantu bakomakomeye bo kw’isi. 10 Nzoha abantu banje b’Abisirayeli ikibanza bakibemwo, bagishingemwo imizi, ntihagire uwongera kubabuza amahoro. Ababisha ntibazokwongera kubacinyiza nk’uko babigize+ 11 kuva igihe nagena abacamanza+ kugira bayobore abantu banje b’Abisirayeli. Nzogukiza abansi bawe bose+, uronke amahoro*.
Kandi jewe Yehova nzotuma ugira umuryango ukomokamwo abami*+. Ni jewe Yehova ndabikubwiye. 12 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*+, umuhungu wawe*, uruvyaro* rwawe bwite, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+. 13 Ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+ kandi intebe yiwe y’ubwami nzoyikomeza ibihe bidahera+. 14 Nzomubera se, na we ambere umwana+. Niyakora nabi nzomukosoza inkoni*, ndamuhane nk’uko abantu* bagira+. 15 Sinzoreka kumugirira ubuntu* nk’uko naretse kubugirira Sawuli+, uwo nakuyeho ngo umusubirire. 16 Umuryango* wawe n’ubwami bwawe bizokwamaho ibihe vyose, n’intebe yawe y’ubwami yameho ibihe vyose+.’”»
17 Natani abwira Dawidi ayo majambo yose n’ivyo yeretswe vyose+.
18 Umwami Dawidi aca aja kwicara hasi imbere ya Yehova, maze avuga ati: «Mbega ndi nde ga Mukama Segaba Yehova? Kubera iki uguma unkorera ibi vyiza vyose kandi umuryango wanje ata co uvuze+? 19 Ewe Mukama Segaba Yehova, raba uvuze n’ibizoba ku muryango wanje mu gihe ca kure nk’aho umengo ivyo umaze kunkorera jewe umusavyi wawe ntibikwiye. Kandi ivyo nta muntu n’umwe azobihindura*, ewe Mukama Segaba Yehova. 20 Hari ikindi jewe umusavyi wawe Dawidi novuga ga Mukama Segaba Yehova? Erega wewe uranzi neza+. 21 Ivyo bintu bikomeye vyose warabikoze wongera urabimpishurira jewe umusavyi wawe, kugira ushitse ivyo wasezeranye no kubera ko bihuye n’ivyo ugomba+. 22 Ni co gituma uhambaye vy’ukuri+, ewe Mukama Segaba Yehova. Nta muntu n’umwe ameze nkawe+ kandi nta Mana iriho atari wewe+. Ivyo twumvise vyose birabitwemeza. 23 Vyongeye, ni ihanga irihe kw’isi rimeze nk’abantu bawe b’Abisirayeli+? Waragiye urabacungura Mana, ubagira abantu bawe+. Watumye izina ryawe riba rurangiranwa+ mu kubakorera ibintu bikomeye kandi biteye ubwoba+. Warirukanye amahanga n’imana zayo ku neza y’abantu bawe wicunguriye ubakuye mu Misiri. 24 Abisirayeli wabagize ihanga ryawe, baba abawe ibihe vyose+. Nawe Yehova, wabaye Imana yabo+.
25 None rero ga Yehova Mana, ivyo wasezeranye ku vyerekeye jewe umusavyi wawe n’umuryango wanje, uze ubishitse ibihe vyose, ubikore nk’uko wabisezeranye+. 26 Izina ryawe rishirwe hejuru ibihe bidahera+, kugira ngo abantu bavuge bati: “Yehova Nyeningabo ni we Mana ya Isirayeli.” Nutume umuryango w’umusavyi wawe Dawidi ushinga imizi+. 27 Kuko wewe Yehova Nyeningabo, Mana ya Isirayeli, wampishuriye uti: “Nzotuma ugira umuryango ukomokamwo abami*+.” Ni co gitumye jewe umusavyi wawe ntinyuka kugutura* iri sengesho. 28 Ewe Mukama Segaba Yehova, uri Imana y’ukuri kandi ivyo uvuga ni ukuri+. Jewe umusavyi wawe unsezeraniye ivyiza. 29 Ndagusavye rero uhezagire umuryango wanje, utume wamaho ibihe vyose kuko ari wewe wabisezeranye+, ewe Mukama Segaba Yehova. Umuryango wanje jewe umusavyi wawe, nuronke umuhezagiro wawe kandi ugume uhezagiwe ibihe vyose+.»