Ni indirimbo y’abariko baraduga.
120 Natabaje Yehova ndi mu marushwa+,
na we aranyishura+.
2 Ewe Yehova, nunkize iminwa y’ababeshi,
hamwe n’ururimi rw’abavuga ibinyoma.
3 Mwa bantu bavuga ibinyoma+,
mbega murazi ivyo Imana izobakorera be n’igihano izobaha?
4 Izobahanisha imyampi isongoye+ y’umurwanyi
hamwe n’amakara arurumba+ y’uduti tw’umurotemu.
5 Ndagowe, kuko nabaye i Mesheki+ ndi kavamahanga!
Nacumbitse mu mahema y’i Kedari+.
6 Namaze igihe kirekire cane
mbana n’abansi b’amahoro+.
7 Je nshaka amahoro, ariko iyo ngize ico mvuga,
bo baca bashaka intambara.