Petero wa mbere
2 Nimuhebe rero ububi bwose+, ububeshi, ubwiyorobetsi, inzigo n’ubwoko bwose bw’ukwambika ibara abandi. 2 Nka kurya kw’inzoya zikivuka+, nimwige kwipfuza cane amata atavanze* ya rya jambo, kugira atume mukura gushika ku bukiriro+, 3 mukire kuba mwariboneye* ko Umukama ameze neza.
4 Ni we buye rizima abantu bataye+, mugabo Imana yararitoye kandi ibona ko rifise agaciro+. Igihe mumwegera, 5 mwebwe ubwanyu murakoreshwa nk’amabuye mazima, mukubakwa ngo mube inzu yo mu buryo bw’impwemu+. Iyo nzu yubakwa kugira mucike ubuherezi bweranda, ngo mushikane ibimazi vyo mu buryo bw’impwemu+ vyemerwa n’Imana biciye kuri Yezu Kristu+. 6 Kuko Icanditswe kivuga ngo: «Ehe ndiko nshinga i Siyoni ibuye ryatowe, ibuye ry’umushinge ry’agaciro rigumya imfuruka, kandi nta wuryizera azokwigera ateterwa*+.»
7 Ni uw’agaciro rero kuri mwebwe kuko muri abemera. Mugabo ku batemera, «ibuye abubatsi bataye+ ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+», 8 riba n’«ibuye ritsitaza n’igitandara kigwisha+.» Batsitara kubera ko bagambararira rya jambo. Ico nyene ni co bagenewe. 9 Mugabo mwebwe muri «ubwoko bwatowe, muri abami mukaba n’abaherezi, ihanga ryeranda+, umugwi w’abantu yagize ikintu kidasanzwe kimwegukira+, kugira mumenyeshe hose ibintu vy’agahebuza*+» vy’umwe yabahamagara akabakura mu mwiza, akabazana mu muco wiwe w’agatangaza+. 10 Kuko kera mutari ihanga, mugabo ubu mukaba muri ihanga ry’Imana+. Mwari abantu batagiriwe imbabazi, mugabo ubu mwaragiriwe imbabazi+.
11 Bakundwa, muri abanyamahanga n’ingenzi+. Ndabahimiriza rero ngo mugume mwirinda ivyipfuzo vy’umubiri+, bimwe bibateza intambara+. 12 Mugumane ingeso nziza mu mahanga+, kugira ngo babagirije ngo muri inkozi z’ikibi, ibikorwa vyanyu vyiza bibonera+ bitume baninahaza Imana ku musi yaje kugira isuzuma.
13 Kubera Umukama, nimuyobokere inzego zose zashizweho n’abantu*+, yaba ari umwami+ kubera ari umukuru, 14 canke ba buramatari nk’abarungitswe na we kugira bahane inkozi z’ikibi, mugabo bashimagize abakora iciza+. 15 Kuko Imana igomba yuko mukora iciza bigatuma munumya* abantu b’imburabwenge bavuga ivyo batazi+. 16 Mube nk’abantu bidegemvya+, mudakoresha umwidegemvyo wanyu nk’icitwazo co gukora* ibibi+, ahubwo muwukoresha nk’abashumba b’Imana+. 17 Mutere iteka abantu b’uburyo bwose+, mukunde umuryango wose w’abavukanyi+, mutinye Imana+, mutere iteka umwami+.
18 Abasuku nibayobokere ba shebuja babigiranye icubahiro babereye+. Ntibabigire gusa ku bameze neza kandi batarenza urugero, ariko babigire no ku bagoye gushimisha. 19 Kuko Imana ibishima igihe umuntu yihanganira ingorane* kandi akababazwa ku karenganyo arondera kugira ijwi ryo mu mutima ryiza imbere yayo+. 20 Mwokwihaya iki hamwe mwokubitwa kubera ko mwacumuye yamara mukavyihanganira+? Mugabo nimba mwihanganira imibabaro kubera mukora iciza, ico ni ikintu gishimwa n’Imana+.
21 Nakare ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristu yababajwe ku bwanyu+, aba abasigiye akarorero kugira mukurikire neza intambuko ziwe+. 22 Nta gicumuro yakoze+, eka kandi mu kanwa kiwe nta bubeshi bwahabonetse+. 23 Atutswe+, ntiyasubiza igitutsi+. Ababajwe+, nta we yahigira, mugabo yaguma yiragiza umwe aca imanza+ mu bugororotsi. 24 Igihe yamanikwa ku giti+, we ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu+ mu mubiri wiwe bwite, kugira tuvavanure* n’ibicumuro hanyuma tubeho dukora ibigororotse. Kandi «biciye ku bikomere vyiwe mwarakize+.» 25 Kuko mwari nk’intama ziriko zirazimira+, ariko ubu mwaragarutse kuri wa mwungere+ akaba n’umuhagarikizi* w’ubuzima bwanyu.