Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi.
27 Yehova ni umuco wanje+ n’ubukiriro bwanje.
None notinya nde+?
Yehova ni igihome gikomeye gikingira ubuzima bwanje+.
Ni nde none yontera ubwoba?
2 Igihe inkozi z’ikibi zantera kugira zintabagure+,
abandwanya be n’abansi banje ni bo batsitaye baragwa.
Naho hokwaduka intambara yo kundwanya,
n’ico gihe nyene nzoguma nizigira Imana.
4 Nasavye Yehova ikintu kimwe,
kandi ni co nzoguma ndondera:
Ni uko nokwibera mu nzu ya Yehova ubuzima bwanje bwose+,
kugira nitegereze ubwiza bwa Yehova
5 Kuko azonyegeza mu bwugamo bwiwe ku musi w’ivyago+.
Azompisha mw’ihema ryiwe, ahantu hinyegeje+.
Azonshira hejuru ku gitandara+.
6 Ubu rero umutwe wanje uri hejuru y’abansi banje bankikuje.
Nzoshikana ibimazi kw’ihema ryawe n’umunezero mwinshi.
Nzoririmbira amashemezo* Yehova.
8 Mu mutima nibutse ko wavuze uti:
«Nimurondere mu maso hanje.»
Emwe, mu maso hawe nzoharondera, ewe Yehova+.
Ntiwirukane umusavyi wawe washavuye.
Ni wewe mutabazi wanje+.
Ewe Mana y’ubukiriro bwanje, ntumpebe canke ngo unte!
12 Ntunshire mu maboko y’abandwanya+,
kuko ivyabona vy’ikinyoma vyampagurukiye+
kandi baguma bangirako iterabwoba.
Egome, niwizigire Yehova.