Yesaya
2 Oya, amakosa yanyu ni yo yabatandukanije n’Imana yanyu+.
Ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye ibahisha mu maso hayo.
Ntishaka kubumviriza+.
Iminwa yanyu ivuga ibinyoma+, ururimi rwanyu rukavugira mu ntamatama ibitagororotse.
Bizigira ibitabaho*+, bakavuga ibitagira mvura.
Basama inda y’ivyago, bakavyara ibintu bibabaza+.
Uwo wese arya amagi yabo arapfa,
kandi iyo bamenye irigi, havamwo imamba.
Ibikorwa vyabo ni bibi,
kandi amaboko yabo yuzuye ubukozi bw’ikibi+.
Bafise ivyiyumviro bibi.
Amayira yabo arimwo agatikizo n’ivyago+.
Amabarabara yabo barayagoramika.
Nta n’umwe mu bayagenderamwo azoronka amahoro+.
9 Ni co gituma ubutungane buri kure yacu,
n’ubugororotsi ntibuduhamvye.
Tuguma twiteze umuco, mugabo ehe raba hari umwiza.
Tuguma twiteze ko habona, mugabo tuguma tugendera mu muzimagiza+.
Dutsitara ku murango wa sasita ukamengo ni mu gahwibi.
Mu bantu b’inguvu, tumeze nk’abapfuye.
11 Twese tuguma tunihagira nk’idubu,
tukaguguza nk’inuma tubabaye.
Tuguma twiteze ubutungane ariko ntabwo.
Tuguma twiteze ubukiriro ariko buri kure yacu.
kuko ubugarariji bwacu bwamana natwe.
Amakosa yacu turayazi neza+.
13 Twaracumuye turihakana Yehova.
Imana yacu twayiteye ibitugu.
Twavuze ivyo gucinyiza abandi no kugarariza+.
Twiyumviriye ibinyoma mu mutima, tuvugira mu ntamatama amajambo y’ububeshi+.
14 Ubutungane busubizwa inyuma+,
ubugororotsi bugahagarara kure+.
Kuko ukuri kwatsitaye mu kibanza rusangi,
kandi ibigororotse ntibishobora kuhinjira.
16 Yarabonye ko ata muntu ahaseruka,
atangazwa n’uko ata n’umwe abavugira.
Maze ukuboko kwiwe kuzana ubukiriro*,
ubugororotsi bwiwe buba ari bwo bumushigikira.
Yambaye n’impuzu z’ukwihora+,
arenzako umwete nk’ikanzu itagira amaboko.
abamurwanya azobahemba uburake, abansi biwe abahane+.
Amazinga azoyaha ivyo akwiriye.
19 Abo mu burengero bazotinya izina rya Yehova,
abo mu buseruko batinye ubuninahazwa bwiwe,
kuko Yehova azoza nk’uruzi rwasaze
rusunitswe n’impwemu yiwe.
21 «Nayo jewe, iri ni ryo sezerano ngiranye na bo+», ni ko Yehova avuze. «Sinzokura mu kanwa kawe impwemu yanje iri kuri wewe n’amajambo yanje nashize mu kanwa kawe. Sinzobikura no mu kanwa k’abana* bawe canke k’abuzukuru* bawe, kuva ubu no gushika ibihe bidahera», ni ko Yehova avuze.