Ezekiyeli
22 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, mbega uriteguriye kumenyesha urubanza rwaciriwe* ca gisagara cagirwa n’amaraso+, no kukimenyesha ibintu vyaco vyose bishisha+? 3 Uvuge uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ewe wa gisagara gisesa amaraso+ hagati muri co, wewe ugira ushikirwe n’igihe cawe+, wewe ukora ibigirwamana bisesemye* kugira ngo wihumanye+. 4 Amaraso washeshe yatumye wagirwa n’ikosa+, kandi ibigirwamana vyawe bisesemye vyaraguhumanije+. Watumye imisi yawe inyaruka guhera, kandi iherezo ry’imyaka yawe rirashitse. Ni co gituma nzotuma ucokorwa n’amahanga, ube akamenyo ku bihugu vyose+. 5 Ibihugu biri hafi yawe n’ibiri kure yawe bizogutwengera mw’ijigo+, wewe ufise izina rihumanye ukaba wuzuyemwo umuvurungano. 6 Raba! Umwe wese mu bakuru bo muri Isirayeli bari iwawe, akoresha ubukuru bwiwe kugira asese amaraso+. 7 Iwawe barakengera ba se na ba nyina+. Barazuruma* abanyamahanga, bagafata nabi impfuvyi* n’abapfakazi+.’”»
8 «“Urasuzugura ibibanza vyanje vyeranda, ugahumanya amasabato yanje+. 9 Iwawe hari abantu babeshera abandi biyemeje gusesa amaraso+. Iwawe hari abarira ibimazi ku misozi, hakaba n’abigenza mu buryo buteye isoni+. 10 Iwawe barahumanya uburiri bwa ba se*+, bagafata ku nguvu umugore ahumanye kubera ubutinyanka+. 11 Iwawe umugabo akorana ibintu bishisha n’umugore wa mugenziwe+, uwundi agahumanya umukazana wiwe mu gukora ibiteye isoni+, uwundi na we agafata ku nguvu mushikiwe, umukobwa wa se+. 12 Iwawe barakira igiturire kugira ngo basese amaraso+. Iyo uguranye, usaba inyungu+ canke ukariramwo mbege*, kandi wiba amahera bagenzawe+. Emwe, waranyibagiye uraherezako”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
13 “Ehe nkubise amashi ku yandi nashishwe kubera inyungu mbi wungutse, no kubera ibikorwa vy’ugusesa amaraso bikorerwa iwawe. 14 Mbega igihe nzoguhagurukira, uzogumana umutima rugabo*, n’amaboko yawe agume akomeye+? Jewe Yehova navuze, kandi nzogira ico nkoze. 15 Nzogusanzaza mu mahanga, ndagushwiragize mu bihugu+, kandi nzokuraho ubuhumane bwawe+. 16 Uzoteterezwa imbere y’amahanga, kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»
17 Yehova yongera kumbwira ati: 18 «Mwana w’umuntu, kuri jewe Abisirayeli basigaye ata co bamaze nk’ubucafu*. Bose ni umujumpu, ubutare bw’ibati, ubw’icuma n’ubw’isasu hagati mw’ifuru. Basigaye ari ubucafu buva kw’ifeza+.
19 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ko mwese musigaye ata co mumaze nk’ubucafu+, ngira ndabegeranirize hamwe i Yeruzalemu. 20 Nka kurya nyene ifeza, umujumpu, ubutare bw’icuma, ubw’isasu n’ubw’ibati vyegeranirizwa mw’ifuru kugira bahuhe umuriro ngo biyage, ni ko nzobegeraniriza hamwe nashavuye kandi naratse, kandi nzohuha umuriro ndabayaze+. 21 Nzobakoranya, ndabahuhe mfise uburake bwaka umuriro+, muyagirizwe muri ico gisagara+. 22 Nk’uko ifeza iyagirizwa mw’ifuru, ni ko muzoyagirizwa muri co, kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nabasutseko uburake bwanje.”»
23 Yehova yongera kumbwira ati: 24 «Mwana w’umuntu, bwira igihugu uti: “Uri igihugu kitazohumanurwa canke ngo kironke imvura ku musi w’ishavu ryanje. 25 Abahanuzi bo muri co bateguriyeyo umugambi wo kugira nabi+, nk’intambwe iroha, itabagura ico icakiye+. Bararotsa abantu. Baratwara amatunga y’abantu n’ibintu vy’agaciro. Baragwije abapfakazi muri co. 26 Abaherezi bo muri co bararenze ku mategeko yanje+, kandi baguma bahumanya ibibanza vyanje vyeranda+. Ntibatandukanya ikintu ceranda n’igisanzwe+, kandi ntibafasha abantu kumenya igihumanye n’ikidahumanye+. Baranka kwubahiriza amasabato yanje. Barampumanije. 27 Abatware baho bameze nk’amabingira atabagura ico acakiye. Barasesa amaraso, bakica abantu kugira bironkere inyungu mbi+. 28 Mugabo abahanuzi baho bapfukapfutse ivyo abo bantu bakora, nk’uwusiga ishwagara. Berekwa ibinyoma, bakaragura ivy’ububeshi+. Bavuga ngo: ‘Umukama Segaba Yehova avuze uku n’uku’, kandi Yehova ubwiwe ata co yavuze. 29 Abantu baba mu gihugu barazurumye abandi bongera bariba+, bafata nabi abagorwa n’aboro, bazuruma abanyamahanga, banka kubatunganiriza.”
30 “Nararondeye muri bo uwosanasana uruzitiro rw’amabuye canke agahagarara aho rwasenyutse ari imbere yanje ku neza y’igihugu kugira ngo sindagihonye+, ariko nta n’umwe naronse. 31 Nzobasukako rero ishavu ryanje, ndabatikize mfise uburake bwaka umuriro. Nzozana ku gatwe kabo ingaruka z’ingeso zabo”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»