ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 27
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Gusubira mu vyagezwe: ibirimwo

      • Bategerezwa kwandika amategeko ku mabuye (1-10)

      • Ku musozi Ebali no ku musozi Gerizimu (11-14)

      • Imivumo itangazwa (15-26)

Gusubira mu vyagezwe 27:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 8:30-32

Gusubira mu vyagezwe 27:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 13:26, 27

Gusubira mu vyagezwe 27:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 11:29

Gusubira mu vyagezwe 27:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:25

Gusubira mu vyagezwe 27:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 3:1
  • +Lw 7:15
  • +Gus 12:7

Gusubira mu vyagezwe 27:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 24:12

Gusubira mu vyagezwe 27:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:5; Gus 26:18

Gusubira mu vyagezwe 27:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 2:3; Mt 19:17; 1Yh 5:3

Gusubira mu vyagezwe 27:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 11:29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/1996, rup. 6

Gusubira mu vyagezwe 27:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 8:33

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/1996, rup. 6

Gusubira mu vyagezwe 27:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 33:10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/1996, rup. 6

Gusubira mu vyagezwe 27:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «igishusho mu cuma bashongesheje.»

  • *

    Canke «uwuhingura ibintu mu biti canke mu vyuma.»

  • *

    Canke «nibibe gutyo nyene.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:4; Gus 4:15, 16; Yes 44:9
  • +Kv 34:17; Lw 19:4
  • +Gus 7:25; 29:17

Gusubira mu vyagezwe 27:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:12; Gus 21:18-21; Img 20:20; 30:17; Mt 15:4

Gusubira mu vyagezwe 27:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 19:14; Img 23:10

Gusubira mu vyagezwe 27:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:14

Gusubira mu vyagezwe 27:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 16:20; Img 17:23; Mik 3:11
  • +Kv 22:21, 22; Gus 10:17, 18; Mal 3:5; Yak 1:27

Gusubira mu vyagezwe 27:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «aba akuye agashambara se wiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 18:8; 1Kr 5:1

Gusubira mu vyagezwe 27:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 22:19; Lw 18:23; 20:15

Gusubira mu vyagezwe 27:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 18:9; 20:17

Gusubira mu vyagezwe 27:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 18:17; 20:14

Gusubira mu vyagezwe 27:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:13; 21:12; Gh 35:31

Gusubira mu vyagezwe 27:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 27:3, 4

Gusubira mu vyagezwe 27:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:15; Gl 3:10

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Gus. 27:2Yos 8:30-32
Gus. 27:3Gh 13:26, 27
Gus. 27:4Gus 11:29
Gus. 27:5Kv 20:25
Gus. 27:7Lw 3:1
Gus. 27:7Lw 7:15
Gus. 27:7Gus 12:7
Gus. 27:8Kv 24:12
Gus. 27:9Kv 19:5; Gus 26:18
Gus. 27:101Bm 2:3; Mt 19:17; 1Yh 5:3
Gus. 27:12Gus 11:29
Gus. 27:13Yos 8:33
Gus. 27:14Gus 33:10
Gus. 27:15Kv 20:4; Gus 4:15, 16; Yes 44:9
Gus. 27:15Kv 34:17; Lw 19:4
Gus. 27:15Gus 7:25; 29:17
Gus. 27:16Kv 20:12; Gus 21:18-21; Img 20:20; 30:17; Mt 15:4
Gus. 27:17Gus 19:14; Img 23:10
Gus. 27:18Lw 19:14
Gus. 27:19Gus 16:20; Img 17:23; Mik 3:11
Gus. 27:19Kv 22:21, 22; Gus 10:17, 18; Mal 3:5; Yak 1:27
Gus. 27:20Lw 18:8; 1Kr 5:1
Gus. 27:21Kv 22:19; Lw 18:23; 20:15
Gus. 27:22Lw 18:9; 20:17
Gus. 27:23Lw 18:17; 20:14
Gus. 27:24Kv 20:13; 21:12; Gh 35:31
Gus. 27:25Mt 27:3, 4
Gus. 27:26Gus 28:15; Gl 3:10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Gusubira mu vyagezwe 27:1-26

Gusubira mu vyagezwe

27 Maze Musa ari kumwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli, ategeka abantu ati: «Nimwubahirize amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi. 2 Umusi muzojabuka Yorodani mukinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, muze mushinge amabuye maninimanini hanyuma muyasige ishwagara+. 3 Muze muyandikeko aya mategeko yose, hanyuma mubone kwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, igihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yabibasezeraniye+. 4 Nimwamara kujabuka Yorodani, muze mushinge ayo mabuye ku musozi Ebali+ hanyuma muyasige ishwagara nk’uko ndabibategetse uyu musi. 5 Muze muhubake kandi igicaniro ca Yehova Imana yanyu, igicaniro c’amabuye. Ntihaze hagire icuma muyakozako+. 6 Ico gicaniro ca Yehova Imana yanyu muze mucubakishe amabuye atabajwe, hanyuma mugishikanireko ibimazi biturirwa vya Yehova Imana yanyu. 7 Muze mushikane ibimazi vyo gusangira+ hanyuma mubirire aho nyene+, muhimbarwe imbere ya Yehova Imana yanyu+. 8 Muze mwandike neza aya mategeko yose kuri ayo mabuye+.»

9 Musa n’abaherezi b’Abalewi baca babwira Abisirayeli bati: «Yemwe Bisirayeli, nimuhore mwumvirize! Uyu musi mucitse ihanga rya Yehova Imana yanyu+. 10 Mutegerezwa kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, kandi mugakurikiza amabwirizwa yiwe+ n’amategeko yiwe ndabahaye uyu musi.»

11 Nuko kuri uwo musi, Musa ategeka abantu ati: 12 «Nimwamara kujabuka Yorodani, iyi ni yo miryango izohagarara ku musozi Gerizimu+ kugira ihezagire abantu: umuryango wa Simeyoni, uwa Lewi, uwa Yuda, uwa Isakari, uwa Yozefu n’uwa Benyamini. 13 Iyi miryango na yo izohagarara ku musozi Ebali+ kugira itangaze umuvumo: umuryango wa Rubeni, uwa Gadi, uwa Asheri, uwa Zabuloni, uwa Dani n’uwa Nafutali. 14 Abalewi na bo bazobwira Abisirayeli bose n’ijwi rirenga+ bati:

15 “Aravumwe umuntu wese ahingura igishusho c’ikibazano+ canke igishusho c’icuma*+, ikintu gishisha Yehova+ cakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene* hanyuma akakinyegeza.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen*!”)

16 “Aravumwe umuntu wese asuzugura se canke nyina+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

17 “Aravumwe umuntu wese yimura akarimbi ka mugenziwe+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

18 “Aravumwe umuntu wese azimiza impumyi+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

19 “Aravumwe umuntu wese agoreka urubanza+ rwa kavamahanga, rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

20 “Aravumwe umuntu wese aryamana n’umugore wa se, kuko aba amaramaje se wiwe*+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

21 “Aravumwe umuntu wese aryamana n’igikoko+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

22 “Aravumwe umuntu wese aryamana na mushikiwe, yaba ari uwo basangiye se canke nyina+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

23 “Aravumwe umuntu wese aryamana na inabukwe+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

24 “Aravumwe umuntu wese yibundira mugenziwe akamwica+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

25 “Aravumwe umuntu wese yakira igiturire co kwica intungane+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

26 “Aravumwe umuntu wese atazokwubahiriza aya mategeko ngo ayakurikize+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika