Yesaya
11 Agashami+ kazoshamika kava ku gishitsi ca Yese+,
kandi umunago+ uvuye mu mizi yiwe uzokwama ivyamwa.
2 Impwemu ya Yehova izoba kuri we+,
impwemu y’ubukerebutsi+ n’ugutegera,
impwemu y’uguhanura n’ubushobozi+,
impwemu y’ubumenyi n’ugutinya Yehova.
3 Azohimbarwa no gutinya Yehova+.
Ntazoca urubanza afatiye ku vyo abona,
canke ngo akosore yisunze gusa ivyo yumvise+.
4 Azocira urubanza umuntu muto ata karenganyo*.
Azokosora abantu mu bugororotsi ku neza y’abicisha bugufi* bo kw’isi.
5 Ubutungane* buzoba umukaba yambara mu kiyunguyungu,
ubwizigirwa na bwo bube umukaba akenyeza mu mafyinga+.
6 Ibingira izobana amahoro* n’umwagazi w’intama+,
ingwe iryame hamwe n’umwagazi w’impene.
Inyana, intambwe* n’igitungwa kinuze, vyose bizobana*+
kandi agahungu gatoyi ni ko kazobiyobora.
7 Inka n’idubu bizorisha hamwe,
inyana zavyo ziryame hamwe.
Intambwe izorya ubwatsi nk’impfizi y’inka+.
8 Umwana yonka azokinira ku mwobo w’imamba,
umwana w’umucuko na we ashire ukuboko ku mwobo w’inzoka y’ubumara.
9 Hose ku musozi wanje mweranda,
nta ngorane n’imwe+ bizoteza canke ngo bigire ico vyonona+,
kuko vy’ukuri isi izoba yuzuye ubumenyi bwerekeye Yehova
nka kurya amazi yuzuye ikiyaga+.
10 Kuri uwo musi umuzi wa Yese+ uzohagarara nk’ikimenyetso* ku mahanga+.
11 Kuri uwo musi, Yehova azokwerekana ububasha bwiwe* irigira kabiri, kugira afashe amasigarira y’abantu biwe. Azobagarukana abakuye i Ashuri+, mu Misiri+, i Patirosi+, i Kushi+, i Elamu+, i Shinari*, i Hamati no mu mazinga y’ikiyaga+. 12 Azoshingira ikimenyetso* amahanga, akoranye abashwiragiye bo muri Isirayeli+. Azokwegeranya abasanzaye bo mu Buyuda abakuye mu mfuruka zine z’isi+.
Abefurayimu ntibazogirira ishari abo mu Buyuda,
canke ngo abo mu Buyuda banke Abefurayimu+.
14 Bazoshwara imimanuko* y’akarere k’Abafilisitiya amaja mu burengero,
bafadikanye mu gusahura abo mu buseruko.