Yeremiya
24 Maze Yehova anyereka ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rwa Yehova. Hari inyuma y’aho Nebukadinezari* umwami wa Babiloni ajaniye mu bunyagano Yekoniya*+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, n’abatware* bo mu Buyuda n’abanyamyuga b’abahinga be n’abacuzi*. Yabakuye i Yeruzalemu abajana i Babiloni+. 2 Igisimbo kimwe carimwo insukoni nziza cane, nk’insukoni zeze kare. Mugabo ikindi gisimbo carimwo insukoni mbi cane. Zari mbi ku buryo zitashobora kuribwa.
3 Nuko Yehova ambaza ati: «Ubona iki ga Yeremiya?» Nanje nti: «Insukoni. Insukoni nziza ni nziza cane, mugabo insukoni mbi ni mbi cane. Ni mbi ku buryo zidashobora kuribwa+.»
4 Maze Yehova ambwira ati: 5 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze : “Cokimwe n’izo nsukoni nziza, nzoraba ryiza abo mu Buyuda bajanywe mu bunyagano, abo nirukanye aha hantu bakaja mu gihugu c’Abakaludaya. 6 Nzobagumizako ijisho kugira ndabagirire neza, kandi nzobagarukana muri iki gihugu+. Nzobubaka, sinzobasambura. Nzobateragira, sinzobarandura+. 7 Nzotuma bagira umutima wipfuza kumenya jewe, yuko ndi Yehova+. Bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo+, kuko bazongarukako n’umutima wabo wose+.
8 Mugabo ku bijanye n’izo nsukoni mbi cane ku buryo zidashobora kuribwa+, Yehova avuze ati: ‘Uko bazifata ni ko nzofata Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda n’abatware* biwe n’abantu b’i Yeruzalemu barokotse, baba abakiri muri iki gihugu canke abari mu gihugu ca Misiri+. 9 Nzotuma bacika akajoreza imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi+ kubera ivyago nzobateza. Nzotuma bacokorwa, babe iciro ry’umugani, akamenyo n’umuvumo+, ahantu hose nzobashwiragiriza+. 10 Nzobarungikamwo inkota+, inzara n’ikiza*+, gushika bahonye mu gihugu nabahaye bo hamwe na ba sekuruza babo.’”»