ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 33
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Ibanga ry’inderetsi (1-20)

      • Inkuru y’itemba rya Yeruzalemu (21, 22)

      • Ubutumwa ku baba mu bisagara vyatikijwe (23-29)

      • Abantu ntibazokora ivyo babwiwe (30-33)

        • Ezekiyeli «ameze nk’akaririmbo k’urukundo» (32)

        • «Harigeze umuhanuzi muri bo» (33)

Ezekiyeli 33:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 3:11
  • +Lw 26:25; Ezk 6:3; 21:9

Ezekiyeli 33:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:5; Hs 8:1

Ezekiyeli 33:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 6:17; Zk 1:4
  • +Ezk 3:19; Ivk 18:6

Ezekiyeli 33:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzoyaharura ku gatwe k’iyo nderetsi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 56:10
  • +Ezk 3:18

Ezekiyeli 33:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 21:8; Yr 1:17; Ezk 3:17

Ezekiyeli 33:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 3:11; Ezk 18:4
  • +Img 11:21

Ezekiyeli 33:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 15:10
  • +Ezk 3:19; Ivk 18:6

Ezekiyeli 33:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:39; Yes 64:6; Ezk 24:23
  • +Ezk 37:11

Ezekiyeli 33:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 18:23; 1Tm 2:3, 4
  • +Yes 31:6; Lk 15:10
  • +Zb 130:7, 8
  • +Yes 55:7; Yr 3:22; 25:5; Ivk 3:19
  • +Ezk 18:31; 2Pt 3:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 57

Ezekiyeli 33:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ntibizomutsitaza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 3:20; 18:24
  • +1Bm 8:48, 50; Ezk 18:21
  • +Ezk 18:26

Ezekiyeli 33:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibitagororotse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Pt 2:20
  • +Ezk 18:4

Ezekiyeli 33:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 55:7; Ezk 18:21; Mik 6:8

Ezekiyeli 33:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 22:26
  • +Lw 6:2, 4; Ezk 22:29
  • +Lw 18:5; Ezk 18:27

Ezekiyeli 33:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kizokwibukwa ngo agihanirwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:18
  • +Ezk 20:11

Ezekiyeli 33:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 10:38; 2Pt 2:20

Ezekiyeli 33:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 18:27

Ezekiyeli 33:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 18:25, 29

Ezekiyeli 33:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 24:25-27
  • +2Bm 25:4; 2Ng 36:17; Yr 39:2

Ezekiyeli 33:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 3:26

Ezekiyeli 33:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 39:10; Ezk 36:4
  • +It 12:7

Ezekiyeli 33:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 9:4; Lw 17:12
  • +Ezk 22:6

Ezekiyeli 33:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zf 3:3
  • +Yr 5:8
  • +Gus 4:26; Yos 23:15

Ezekiyeli 33:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 42:22; Ezk 5:12

Ezekiyeli 33:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:20, 21; Yes 6:11; Yr 44:2
  • +Ezk 6:3

Ezekiyeli 33:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 9:11; 25:11
  • +2Bm 17:9; 2Ng 36:14

Ezekiyeli 33:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 18:18

Ezekiyeli 33:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bavuga amajambo yuzuye inambu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 29:13; Yr 44:16, 17

Ezekiyeli 33:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 2:5

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 33:2Ezk 3:11
Ezk. 33:2Lw 26:25; Ezk 6:3; 21:9
Ezk. 33:3Yr 4:5; Hs 8:1
Ezk. 33:4Yr 6:17; Zk 1:4
Ezk. 33:4Ezk 3:19; Ivk 18:6
Ezk. 33:6Yes 56:10
Ezk. 33:6Ezk 3:18
Ezk. 33:7Yes 21:8; Yr 1:17; Ezk 3:17
Ezk. 33:8Yes 3:11; Ezk 18:4
Ezk. 33:8Img 11:21
Ezk. 33:9Img 15:10
Ezk. 33:9Ezk 3:19; Ivk 18:6
Ezk. 33:10Lw 26:39; Yes 64:6; Ezk 24:23
Ezk. 33:10Ezk 37:11
Ezk. 33:11Ezk 18:23; 1Tm 2:3, 4
Ezk. 33:11Yes 31:6; Lk 15:10
Ezk. 33:11Zb 130:7, 8
Ezk. 33:11Yes 55:7; Yr 3:22; 25:5; Ivk 3:19
Ezk. 33:11Ezk 18:31; 2Pt 3:9
Ezk. 33:12Ezk 3:20; 18:24
Ezk. 33:121Bm 8:48, 50; Ezk 18:21
Ezk. 33:12Ezk 18:26
Ezk. 33:132Pt 2:20
Ezk. 33:13Ezk 18:4
Ezk. 33:14Yes 55:7; Ezk 18:21; Mik 6:8
Ezk. 33:15Kv 22:26
Ezk. 33:15Lw 6:2, 4; Ezk 22:29
Ezk. 33:15Lw 18:5; Ezk 18:27
Ezk. 33:16Yes 1:18
Ezk. 33:16Ezk 20:11
Ezk. 33:18Heb 10:38; 2Pt 2:20
Ezk. 33:19Ezk 18:27
Ezk. 33:20Ezk 18:25, 29
Ezk. 33:21Ezk 24:25-27
Ezk. 33:212Bm 25:4; 2Ng 36:17; Yr 39:2
Ezk. 33:22Ezk 3:26
Ezk. 33:24Yr 39:10; Ezk 36:4
Ezk. 33:24It 12:7
Ezk. 33:25It 9:4; Lw 17:12
Ezk. 33:25Ezk 22:6
Ezk. 33:26Zf 3:3
Ezk. 33:26Yr 5:8
Ezk. 33:26Gus 4:26; Yos 23:15
Ezk. 33:27Yr 42:22; Ezk 5:12
Ezk. 33:282Ng 36:20, 21; Yes 6:11; Yr 44:2
Ezk. 33:28Ezk 6:3
Ezk. 33:29Yr 9:11; 25:11
Ezk. 33:292Bm 17:9; 2Ng 36:14
Ezk. 33:30Yr 18:18
Ezk. 33:31Yes 29:13; Yr 44:16, 17
Ezk. 33:33Ezk 2:5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 33:1-33

Ezekiyeli

33 Yehova ambwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, bwira abantu bo mw’ihanga ryanyu+ uti:

“Dufate ko nteje inkota igihugu+, maze abantu bose bo muri co bagatora umuntu bakamugira inderetsi yabo, 3 hanyuma akabona inkota ije gutera igihugu, akavuza inzamba, akaburira abantu+. 4 Umuntu niyumva ijwi ry’iyo nzamba mugabo ntafate nka nkama iyo mburi+ maze inkota ikaza ikamuhitana, amaraso yiwe azoba ku gatwe kiwe+. 5 Yumvise ijwi ry’inzamba mugabo ntiyafata nka nkama iyo mburi. Amaraso yiwe azoba ku gatwe kiwe. Iyo afata nka nkama iyo mburi, yari kurokoka.

6 Ariko iyo nderetsi niyabona inkota ije, ntivuze inzamba+ ngo iburire abantu, maze inkota ikaza igahitana umwe muri bo, uwo muntu azopfa azize ikosa ryiwe, ariko amaraso yiwe nzoyishuza iyo nderetsi*+.”

7 Mwana w’umuntu, nakugenye ngo ubere inderetsi Abisirayeli. Niwumva ijambo riva mu kanwa kanje, uzoce ubampera iyo mburi+. 8 Ninabwira umubisha nti: “Wa mubisha we, ntuzobura gupfa+!”, mugabo ntuvuge kugira ngo umuburire ahindure ingendo, uwo mubisha azopfa ari umubisha kubera ikosa ryiwe+. Mugabo amaraso yiwe nzoyakwishuza. 9 Mugabo niwaburira umubisha ngo ahebe ingendo yiwe ariko akanka guhindura ingendo, azopfa azize ikosa ryiwe+. Mugabo wewe uzorokora ubuzima bwawe ata kabuza+.

10 Mwana w’umuntu, bwira Abisirayeli uti: “Mwavuze ngo: ‘Ubugarariji bwacu n’ibicumuro vyacu biraturemereye cane, bigatuma tugenda turahera+. Wumva tuzoshobora kubaho+?’” 11 Babwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima. Simpimbarwa n’uko umubisha apfa+, ahubwo mpimbarwa n’uko ahindura ingeso ziwe+, akabandanya kubaho+. Nimuhindukire, nimuhindukire muhebe ingeso zanyu mbi+. Ni kuki none mwokwirirwa murapfa ga yemwe Bisirayeli+?’”

12 Mwana w’umuntu, bwira abantu bo mw’ihanga ryanyu uti: “Umugororotsi niyagarariza, ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi ntibizomukiza+. Umubisha na we niyaheba ibikorwa vyiwe vy’ububisha, ntibizotuma agwa*+. N’umugororotsi ntazobandanya kubaho kubera ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi, umusi yacumuye+. 13 Ninabwira umugororotsi nti: ‘Vy’ukuri uzobaho’, mugabo agakora ibibi yishimira ubugororotsi bwiwe+, nta na kimwe mu bikorwa vyiwe vy’ubugororotsi kizokwibukwa. Azopfa azize ibibi* yakoze+.

14 Ninabwira na ho umubisha nti: ‘Ntuzobura gupfa’, na we agaheba ibicumuro vyiwe, agakora ibigororotse n’ibibereye+, 15 agasubiza ivyo yafashe nk’ingwati+, akishura ivyo yivye+, agakurikiza ivyagezwe bituma umuntu agira ubuzima, ntakore ibibi+, azobaho ata kabuza. Ntazopfa. 16 Nta na kimwe mu bicumuro yakoze kizomwagira*+. Kubera ko yakoze ibigororotse n’ibibereye, azobandanya kubaho ata kabuza+.”

17 Mugabo abantu bo mw’ihanga ryanyu bavuze bati: “Inzira ya Yehova ntigororotse”, kandi mu vy’ukuri inzira yabo ari yo itagororotse.

18 Umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse agakora ibibi, azopfa ari vyo azize+. 19 Mugabo umubisha niyaheba ibintu vy’ububisha akora, agakora ibigororotse n’ibibereye, bizotuma abandanya kubaho+.

20 Mugabo mwavuze ngo: “Inzira ya Yehova ntigororotse+.” Yemwe Bisirayeli, umwe wese muri mwebwe nzomucira urubanza nisunze inzira ziwe!»

21 Amaherezo, mu mwaka ugira 12 kuva tujanywe mu bunyagano, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, umugabo yacitse kw’icumu i Yeruzalemu aza iyo ndi+, ambwira ati: «Igisagara cafashwe+!»

22 Ku mugoroba buca uwo muntu yacitse kw’icumu aza, ububasha* bwa Yehova bwari bwanjeko, maze Imana iteranura akanwa kanje imbere y’uko uwo muntu aza aho ndi mu gitondo. Akanwa kanje kaciye gateranuka, sinasubira kuba nyamuragi+.

23 Maze Yehova ambwira ati: 24 «Mwana w’umuntu, ababa mu bisagara vyatikijwe+ bavuga ku bijanye n’igihugu ca Isirayeli ngo: “Aburahamu yari umwe gusa, yamara yarigaruriye igihugu+. Ariko tweho turi benshi. Nta nkeka igihugu twaragihawe kiratwegukira.”

25 Babwire rero uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Murya indya zirimwo amaraso+, mugahanga amaso ibigirwamana vyanyu bisesemye*, kandi mukaguma musesa amaraso+. Hanyuma ngo mwegukire igihugu? 26 Mwizigiye inkota zanyu+, mukora ibintu bishisha, kandi umwe wese muri mwebwe yarahumanije umugore wa mugenziwe+. Hanyuma ngo mwegukire igihugu+?’”

27 Ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima yuko ababa mu bisagara vyatikijwe bazokwicishwa inkota. Abari mu gahinga nzobatanga ibikoko bibarye, abari mu bibanza bikomeye no mu masenga na bo bicwe n’indwara+. 28 Igihugu nzogitikiza gisigare ari umusaka vy’ukuri+, kandi ubwishime n’ubwibone bwaco bizokurwaho. Imisozi ya Isirayeli izosigara ari umusaka+, ata wukihaca. 29 Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova igihugu ninagitikiza kigasigara ari umusaka vy’ukuri+, kubera ibintu vyose bishisha bakoze+.’”

30 Nayo wewe ga mwana w’umuntu, abantu bo mw’ihanga ryanyu barakuvuga bari iruhande y’impome no ku miryango y’inzu+. Barabwirana, umwe wese akabwira mwenewabo ngo: “Ingo tuje kwumviriza ivyo Yehova avuga.” 31 Bazoza ari benshi, bicare imbere yawe nk’abantu banje. Bazokwumva ivyo uvuga mugabo ntibazobikora+, kuko bakoresha akarimi kabo bakubwira amajambo asosa*, mugabo umutima wabo uhahamiye inyungu mbi. 32 Erega kuri bo umeze nk’akaririmbo k’urukundo karirimbanywe akajwi keza, gaherekejwe n’akaziki gacuraranzwe neza n’igicurarangisho c’imirya. Bazokwumva ivyo uvuga mugabo nta n’umwe azobikora. 33 Nivyaranguka, kandi ntibizobura kuranguka, bazomenya vy’ukuri yuko higeze umuhanuzi muri bo+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika