Amosi
5 «Nimwumve aya majambo yo gucura intimba* ndabavuzeko, ewe nzu ya Isirayeli:
2 “Umukobwa w’isugi ari we Isirayeli yatemvye,
ntashobora guhaguruka.
Arambaraye hasi ku butaka bwiwe,
nta n’umwe amuvyura.”
3 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:
“Igisagara cahora kija kurwana gifise abantu igihumbi kizosigarana ijana,
icahora kigenda gifise ijana na co gisigarane cumi. Ivyo ni vyo bizoshikira inzu ya Isirayeli+.”
4 Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye inzu ya Isirayeli:
“Nimungarukeko maze mubandanye kubaho+.
Ntimuje i Gilugali+ canke ngo mujabuke i Beri-Sheba+,
kuko Gilugali itazobura kuja mu bunyagano+,
Beteli na yo igacika ubusa*.
6 Nimurondere Yehova maze mubandanye kubaho+,
kugira ntarurumbe nk’umuriro ku nzu ya Yozefu,
ugaturira Beteli kandi ata muntu wo kuwuzimya ahari.
8 Umwe yakora umugwi w’inyenyeri witwa Kima* n’uwitwa Kesili*+,
umwe afata umwiza w’umuzitanya akawuhindura igitondo,
umwe afata umurango akawuhindura ijoro+,
umwe ahamagara amazi yo mu kiyaga
kugira ayasuke kw’isi+:
Izina ryiwe ni Yehova.
9 Azozana agatikizo ku banyenkomezi
yongere atikize ibibanza bikingijwe ibihome.
11 Ko mwaka umukene amahera yo gukota umurima*,
intete yimbuye mukazitwara nk’ikibuguro+,
ntimuzoguma mu mazu y’amabuye abajwe mwubatse+,
kandi ntimuzonywa umuvinyu w’imizabibu myizamyiza mwateye+.
12 Kuko nzi ingene ubugarariji* bwanyu ari bwinshi
n’ingene ibicumuro vyanyu ari vyinshi:
Murahohotera umugororotsi,
mukarya ibiturire*
kandi mukarenganya abakene mw’irembo ry’igisagara+.
Yehova Imana Nyeningabo azoheza abane namwe,
nk’uko mubivuga+.
Hari aho Yehova Imana Nyeningabo
yogirira ubuntu amasigarira akomoka kuri Yozefu+.”
16 Ibi ni vyo Yehova avuze, Yehova ya Mana Nyeningabo:
“Mu bibanza rusangi* vyose hazoba amaborogo,
kandi mu mabarabara yose abantu bazovuga ngo: ‘Yooo! Yooo!’
Bazohamagara abarimyi kugira bagandare.
n’abahinga mu gucura intimba kugira baboroge.
18 “Baragowe abipfuza cane umusi wa Yehova+!
Mbega umusi wa Yehova uzosobanura iki kuri mwebwe+?
Uzoba ari umusi w’umwiza, ntuzoba ari uw’umuco+.
19 Bizomera nk’igihe umuntu ahunze intambwe, agaca ahura n’idubu.
Agize ngo arinjira mu nzu akishimikiza uruhome na ho, agaca akomorwa n’inzoka.
20 Mbega umusi wa Yehova ntuzoba umwijima, aho kuba umuco?
Ntuzoba ari umuzimagiza, aho kuba ukwakaka?
22 Naho mwompa amashikanwa canke amashikanwa aturirwa uko yakabaye,
sinzogenda ndayashimye+,
kandi sinzoraba ryiza ibimazi vyanyu vyo gusangira bigizwe n’ibitungwa binuze+.
23 Nkura mu matwi urwamwo rw’indirimbo zanyu!
Sinshaka gusubira kwumva indirimbo z’ibicurarangisho* vyanyu+!