Daniyeli
1 Mu mwaka ugira gatatu w’ingoma ya Yehoyakimu+ umwami w’Ubuyuda, Nebukadinezari umwami wa Babiloni yaraje i Yeruzalemu maze arahugariza+. 2 Yehova yahavuye amureka aratsinda Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda+, aca agenda atwaye ibikoresho bimwebimwe vyo mu nzu* y’Imana y’ukuri, abijana mu gihugu ca Shinari*+, mu nzu y’imana yiwe. Ivyo bikoresho yaciye abishira mu bubiko burimwo itunga ry’imana yiwe+.
3 Uwo mwami yaciye ategeka Ashipenazi umukuru w’abakozi bo ku kirimba ciwe ngo azane Abisirayeli bamwebamwe, ushizemwo abava mu muryango wa cami no mu miryango y’abanyacubahiro+. 4 Bategerezwa kuba ari imisore* itagira akanenge, isa neza, ifise ubukerebutsi, ubumenyi n’ugutahura+, kandi ishobora gukorera ku kirimba c’umwami. Ashipenazi yabwirizwa kubigisha kwandika no kuvuga ururimi rw’Abakaludaya. 5 Vyongeye, umwami yategetse ko ku musi ku musi baza barabaha ku bifungurwa vyiwe biryoshe no ku muvinyu wiwe. Bategerezwa kumara imyaka itatu bigishwa*, ico kiringo giheze bagaca batangura gukorera umwami.
6 Muri bo harimwo abo mu muryango* wa Yuda, ari bo Daniyeli*+, Hananiya*, Mishayeli* na Azariya*+. 7 Umukuru w’abakozi bo ku kirimba yaciye abaha amazina*. Daniyeli yamwise Beluteshazari+, Hananiya amwita Shadrake, Mishayeli amwita Meshake, Azariya na we amwita Abedinego+.
8 Ariko Daniyeli afata ingingo mu mutima wiwe, yuko atazokwihumanisha ibifungurwa biryoshe vy’umwami canke umuvinyu wiwe. Aca asaba umukuru w’abakozi bo ku kirimba uruhusha rwo kutarya ivyo bifungurwa vyohava bimuhumanya. 9 Maze Imana y’ukuri ituma uwo mukuru w’abakozi bo ku kirimba agirira ubuntu n’imbabazi Daniyeli+. 10 Mugabo uwo mukuru w’abakozi bo ku kirimba abwira Daniyeli ati: «Ndatinya databuja umwami wanje, we yabashingiye ivyo mufungura n’ivyo munywa. Vyogenda gute hamwe yobaraba agasanga ntimusa neza, abagereranije n’abandi basore munganya imyaka? Mwoba mutumye nagirwa* n’icaha imbere y’umwami.» 11 Daniyeli aca abwira umurinzi, uwo umukuru w’abakorera ku kirimba yari yajeje kwitwararika Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya ati: 12 «Ndagusavye utugeze twebwe abasavyi bawe imisi cumi, utugaburire imboga uduhe n’amazi yo kunywa. 13 Uzoheza urabe uko dusa utugereranije n’imisore irya ku vyo kurya biryoshe vy’umwami, maze umenye ico ukora wisunze ivyo uzoba wabonye.»
14 Aca aremera ivyo bamusavye, hanyuma arabageza imisi cumi. 15 Imisi cumi iheze, asanga basa neza kandi bafise amagara meza* kuruta ya misore yose yarya ku vyo kurya biryoshe vy’umwami. 16 Uwo murinzi rero yaza arabaha imboga aho kubaha ivyo kurya biryoshe n’umuvinyu w’umwami. 17 Nuko Imana y’ukuri iha abo basore bane ubukerebutsi, ubumenyi n’ugutahura* ubwoko bwose bw’inyandiko, kandi iha Daniyeli ubushobozi bwo gutahura ubwoko bwose bw’iyerekwa n’indoto+.
18 Ikiringo umwami Nebukadinezari yari yarashinze giheze+, wa mukuru w’abakozi bo ku kirimba aca abazana imbere yiwe. 19 Maze umwami avugana na bo, asanga nta n’umwe muri uwo mugwi wose ameze nka Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya+. Abo rero baca babandanya gukorera umwami. 20 Ku kintu cose gisaba ubukerebutsi n’ugutahura umwami yababaza, yasanga baruta incuro cumi abaherezi bakora ivy’amageza n’abapfumu*+ bose bo mu bwami bwiwe bwose. 21 Daniyeli aca aguma ng’aho, gushika mu mwaka wa mbere w’umwami Kuro+.