Matayo
4 Maze Yezu ayobowe n’impwemu nyeranda, aja mu bugaragwa kugira ageragezwe+ na Shetani*+. 2 Amaze imisi 40 n’amajoro 40 yisonzesha, arateba arasonza. 3 Hanyuma Shetani*+ aramwegera, amubwira ati: «Nimba uri umwana w’Imana, bwira aya mabuye acike imikate.» 4 Ariko Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, ahubwo akwiye kubeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova*+.”»
5 Maze Shetani amujana mu gisagara ceranda+, amuhagarika ku munara* w’urusengero+, 6 amubwira ati: «Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi. Kuko vyanditswe ngo: “Azotegeka abamarayika biwe”, kandi “bazokurerura mu maboko yabo kugira ntutsitare kw’ibuye+.”» 7 Yezu amwishura ati: «Vyanditswe kandi ngo: “Ntukagerageze Yehova* Imana yawe+.”»
8 Shetani yongera kumujana ku musozi muremure cane, maze amwereka ubwami bwose bwo kw’isi n’ubwiza bwabwo+. 9 Hanyuma amubwira ati: «Ivyo vyose ndabiguha, niwapfa kumpfukamira ukansenga.» 10 Yezu amwishura ati: «Mvako Shetani! Kuko vyanditswe ngo: “Yehova* Imana yawe ni we utegerezwa gusenga+, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.”» 11 Shetani aca aramureka+ maze abamarayika baraza, batangura kumwitwararika*+.
12 Aho Yezu yumviye ko Yohani yafashwe+, aca aja i Galilaya+. 13 Hanyuma ava i Nazareti aja kuba i Kaperinawumu+ iruhande y’ikiyaga, mu ntara ya Zabuloni na Nafutali, 14 kugira haranguke ivyo umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ati: 15 «Ewe karere ka Zabuloni n’aka Nafutali muherereye ku nzira ija ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, Galilaya y’amahanga! 16 Abantu bicaye mu mwiza barabonye umuco mwinshi, kandi abicaye mu mwiza w’umuzitanya*, umuco+ warabarasiyeko+.» 17 Kuva ico gihe Yezu atangura kwamamaza ati: «Nimwigaye kuko Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi+.»
18 Igihe yariko aca ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya, abona abagabo babiri bavukana, ari bo Simoni batazira Petero+ na mwenewabo Andereya. Bariko baterera urusenga mu kiyaga, kuko bari abarovyi+. 19 Aca ababwira ati: «Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu+.» 20 Ubwo nyene baca baheba insenga zabo baramukurikira+. 21 Yigiye imbere, abona abandi bagabo babiri bavukana, ari bo Yakobo umuhungu wa Zebedayo na mwenewabo Yohani+. Bari mu bwato bari kumwe na se wabo Zebedayo, bariko barashona insenga zabo. Aca arabahamagara+. 22 Ubwo nyene baca basiga ubwato na se wabo baramukurikira.
23 Atangura kuzunguruka i Galilaya hose+, yigisha mu masinagogi+ yabo yongera yamamaza inkuru nziza y’Ubwami, kandi yagenda arakiza abantu indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose+. 24 Inkuru yiwe iraheza ikwira i Siriya hose. Bamuzanira abantu bose bafise indwara zitandukanye n’ububabare butandukanye+, abarwaye amadayimoni+, intandara+ n’abafise ubumuga, na we arabakiza. 25 Nuko amasinzi y’abantu aramukurikira avuye i Galilaya, i Dekapoli*, i Yeruzalemu, i Yudaya no hakurya ya Yorodani.