18 Uwigunga aba arondera guhaza ivyipfuzo vyiwe bibi,
kandi arwanya impanuro nziza zose.
2 Umuntu w’ikijuju ntahimbarwa n’ugutegera.
Ahitamwo guserura ibiri mu mutima wiwe+.
3 Umubisha n’agateterwe biragendana,
kandi uwukoze ibintu biteye isoni aba yisize iceyi+.
4 Amajambo y’umuntu ameze nk’amazi y’ibenga+.
Isoko ry’ubukerebutsi rimeze nk’umugezi utemba.
5 Si vyiza kugirira nkunzi umubisha+,
canke kurenganya umugororotsi+.
6 Amajambo y’ikijuju akwega amahane+,
kandi akanwa kaco kagikwegera inkoni+.
7 Akanwa k’ikijuju kagikwegera guhona+,
kandi iminwa yaco ni umutego ku buzima bwaco.
8 Amajambo y’umubeshi ameze nk’ivyo kurya biryoshe+:
umuntu arabimira ubwo nyene bigaca bimanuka mu nda+.
9 Umuntu anebwa ku gikorwa ciwe
aba yigize mwenewabo n’umwambuzi+.
10 Izina rya Yehova ni umunara ukomeye+.
Umugororotsi arawuhungiramwo agakingirwa+.
11 Itunga ry’umutunzi ni co gisagara ciwe gikomeye.
Mu bwenge bwiwe rimeze nk’uruhome rumukingira+.
12 Ubwibone mu mutima w’umuntu bumushikana ku gutemba+,
ariko ukwicisha bugufi kumushikana ku buninahazwa+.
13 Uwishura atarumva neza uko ibintu vyifashe,
aba ari ikijuju kandi aba yimaramaje+.
14 Umutima uremye utuma umuntu yihanganira indwara+,
ariko umutima utuntuye, ni nde yowihanganira+?
15 Umutima w’umuntu aciye ubwenge uraronka ubumenyi+,
kandi ugutwi kw’umuntu w’inkerebutsi kurarondera ubumenyi.
16 Ingabire y’umuntu iramucira inzira+.
Ituma ashikira abantu bakomakomeye.
17 Uwutanguye kuvuga mu rubanza womenga ari mu kuri+,
gushika uwo baburana aje akamuhinyuza+.
18 Ubupfindo burarangiza impari+,
bukabanguranya abakomeye bari bahanganye.
19 Kugarura umuvukanyi yababaye biragoye kuruta gufata igisagara gikingijwe ibihome+,
kandi hariho amatati ameze nk’ivyugazo vy’igisagara gikomeye+.
20 Amajambo ava mu kanwa k’umuntu atuma inda yiwe ihaga+.
Azohazwa n’ivyo iminwa yiwe yama.
21 Urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bw’ururimi+.
Abakunda kurukoresha bategerezwa kwemera ingaruka zarwo+.
22 Uwuronse umugore mwiza aba aronse ikintu c’agaciro+,
kandi Yehova aramushima+.
23 Umukene avuga yinginga,
ariko umutunzi akamwishura amukarira.
24 Hariho abagenzi baguma barondera kumarana+,
ariko hariho umugenzi akwumirako kuruta uwo muvukana+.