Yobu
34 Elihu abandanya kwishura ati:
2 «Umviriza amajambo yanje, yemwe bantu b’inkerebutsi.
Nimunyumve mwe muzi ibintu vyinshi.
4 Reka twisuzumire ikigororotse ico ari co,
twihitiremwo iciza ico ari co.
6 Mbega nobesha ku bijanye n’urubanza nkwiriye?
Naho ata kosa mfise, igikomere canje ntigikira+.”
7 Ni nde muntu ameze nka Yobu,
agotomera agahemo nk’amazi?
10 Nimunyumvirize rero, yemwe bantu muri n’ugutegera*:
14 Hamwe yoshira umutima ku bantu,
ikisubizako impwemu yabo be n’impemu bahema+,
15 abantu bose boca bapfira rimwe,
bose boca basubira mu mukungugu+.
16 Nimba rero ufise ugutegera, nunyumvirize.
Nutege ugutwi ivyo ndakubwira.
17 Mbega umuntu yanka ubutungane yoba akwiye kuganza?
Canke wocira urubanza rubi umunyabubasha agororotse?
18 Mbega wobwira umwami ngo: “Nta co umaze”,
canke abanyacubahiro ngo: “Muri ababisha+”?
19 Hariho uwutagirira nkunzi abaganwa,
ntagirire ubutoni umutunzi ngo amurutishe umukene*+,
kuko bose ari igikorwa c’amaboko yiwe+.
20 Boshobora gupfa giturumbuka+, hagati mw’ijoro+.
Barajugumira cane maze bagacikana.
Mbere n’abanyabubasha barakurwaho, ariko bidakozwe n’amaboko y’abantu+.
23 Kuko Imana itashingiye umuntu igihe
co kurenguka mu rubanza imbere yayo.
26 Irabakubita kubera ububisha bwabo,
ikabakubitira aho abantu bose babona+,
kandi ntibiteho inzira zayo+.
28 Batuma umukene ayitabaza ariko ararira,
ku buryo yumva amarira y’abatagira gitabara+.
29 Mbega Imana ihisemwo kwihorera, ni nde yoyicira urubanza?
Ni nde yoyibona iramutse ihishije mu maso hayo?
Yaba ihahishije umuntu canke ihanga ryose, vyose ni cokimwe.
30 Ntiyemera ko umuntu atubaha Imana* aganza+
canke ngo atege imitego abantu.
31 None hari uwokwubahuka kubwira Imana ngo:
“Ndiko ndahanwa naho ata kosa nakoze+.
32 Nunyereke ivyo bintu nakoze sindabimenye.
Nimba hari ikibi nakoze, sinzogisubira”?
33 Mbega yogushumbusha uko ushatse ngo ni uko wanse urubanza rwayo?
Aho ni wewe wihitiramwo, si jewe.
Ubu rero mbwira nawe ivyo uzi.