Mika
1 Ibi ni vyo Yehova yabwiye Mika*+ w’i Moresheti mu gihe ca Yotamu+, Ahazi+ na Hezekiya+, abami b’Ubuyuda+. Yabimubwiye mu vyo yariko aramwereka bijanye na Samariya na Yeruzalemu:
2 «Nimwumve, yemwe mahanga mwese!
Umviriza wa si we n’ibiri muri wewe vyose.
Umukama Segaba Yehova nabe icabona kibagiriza+,
emwe Yehova iyo ari mu rusengero rwiwe rweranda.
3 Raba! Yehova agira aze avuye ahantu hiwe.
Azomanuka ahonyange imisozi yo kw’isi.
4 Imisozi izoshongera munsi yiwe+,
ibiyaya bisatagurike,
nka kurya ishashara rishonga imbere y’umuriro,
nka kurya kw’amazi asutswe ahantu hashunguruka.
None ni igiki catumye Yakobo agarariza?
Si Samariya+?
Ibibanza vyo gusengeramwo* vy’Ubuyuda+ ni nde yobibazwa?
Si Yeruzalemu?
6 Samariya nzoyigira ikirundo c’ibihomvagurike mu gahinga,
ahantu ho gutera imizabibu.
Amabuye yiwe nzoyaterera* mu kiyaya,
imishinge yiwe ndayishire ahabona.
Nzotikiza ibigirwamana vyiwe vyose.
Bizoba kuko ivyo vyose yabironse abikuye mu mpembo y’ubumaraya,
kandi bizosubira kuba impembo y’abamaraya.»
Nzorira nk’imbwebwe,
mboroge nk’ibinyoni vyitwa imbuni*.
Icago carakwiragiye gushika kw’irembo ry’abantu bo mw’ihanga ryacu, gushika i Yeruzalemu+.
10 «Ntimubimenyeshe i Gati.
Ntimurire na gato.
Ab’i Beti-Afura* nibikumbagaze mu mukungugu.
11 Yemwe ababa* i Shafiri, nimujabuke muri gusa, muri n’ibimaramare.
Ababa* i Zanani ntibasohotse.
Hazoba amaborogo i Beti-Ezeli, kandi abaho ntibazosubira kubashigikira.
12 Kuko ababa* i Maroti barindiriye ivyiza,
mugabo kw’irembo rya Yeruzalemu hakaza ibibi bivuye kuri Yehova.
13 Yemwe ababa* i Lakishi+, nimubohere umukogote ku mafarasi awukwega!
14 Ni co gituma uzoha Moresheti-Gati ingabire z’agasaga.
Abantu* b’i Akizibu+ barahenze abami ba Isirayeli.
15 Yemwe ababa* i Maresha+, nzobarungikira umwansi abatera*+.
Ubuninahazwa bwa Isirayeli buzoshika i Adulamu+.
16 Nimwimoshe, mwiharanguze kubera abana banyu mukunda.
Nimwiharanguze mumere nk’inkona
kuko babatse abana banyu, bakabatwara mu bunyagano+.»