ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Samweli: ibirimwo

      • Dawidi si we azokwubaka urusengero (1-7)

      • Imana igirana na Dawidi isezerano ry’ubwami (8-17)

      • Isengesho rya Dawidi ryo gukenguruka (18-29)

2 Samweli 7:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikirimba.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 17:1

2 Samweli 7:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 12:1; 1Ng 29:29
  • +2Sm 5:11
  • +2Sm 6:17

2 Samweli 7:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 8:17; 1Ng 17:2; 22:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2012, rup. 24-25

2 Samweli 7:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 5:3; 8:17-19; 1Ng 17:4-6; 22:7, 8

2 Samweli 7:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 18:1
  • +Kv 40:18, 34

2 Samweli 7:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 16:11
  • +2Sm 5:2; 1Ng 17:7-10; 28:4; Zb 78:70, 71

2 Samweli 7:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 18:14; 2Sm 5:10
  • +2Sm 22:1; Zb 18:37
  • +1Ng 14:2, 17

2 Samweli 7:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 2:14; Zb 89:20, 22

2 Samweli 7:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ugira inzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 2:16
  • +Gus 25:19
  • +1Bm 2:24; Zb 89:4

2 Samweli 7:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukaryama hamwe na ba sokuruza bawe.»

  • *

    Canke «ubura bwawe.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 2:1
  • +It 49:10; 1Bm 8:20; 1Ng 17:11-14; Zb 132:11; Yes 9:7; 11:1; Mt 21:9; 22:42; Lk 1:32, 33; Yoh 7:42; Ivk 2:30

2 Samweli 7:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 5:5; 6:12; Zk 6:12, 13
  • +1Bm 1:37; 1Ng 22:10; 28:7; Zb 89:4, 36

2 Samweli 7:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «inkoni y’abantu.»

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «bene Adamu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 28:6; Mt 3:17; Heb 1:5
  • +Zb 89:30, 32; Yr 52:3

2 Samweli 7:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kumwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 15:23, 26

2 Samweli 7:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umuryango wa cami.» Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 45:6; 89:36; Dn 2:44; Heb 1:8; Ivh 11:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/4/2010, rup. 20

    15/12/2006, rup. 4

2 Samweli 7:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 17:15

2 Samweli 7:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 17:16-22

2 Samweli 7:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «iryo ni itegeko rihawe abantu.»

2 Samweli 7:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 16:7; Zb 17:3

2 Samweli 7:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 25:14

2 Samweli 7:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 3:24; 1Ng 16:25
  • +Kv 15:11; Zb 83:18
  • +Gus 4:35

2 Samweli 7:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 4:7; Zb 147:19, 20
  • +Kv 3:8; 19:5; Yes 63:9
  • +Kv 9:16
  • +Gus 10:21

2 Samweli 7:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 26:18
  • +Kv 15:2

2 Samweli 7:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 17:23-27; Zb 89:20, 28

2 Samweli 7:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 29:11; Zb 72:19; Mt 6:9; Yoh 12:28
  • +Yes 9:7; Yr 33:22

2 Samweli 7:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ugira inzu.»

  • *

    Canke «ngira umutima wo kugutura.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:11

2 Samweli 7:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 23:19; Zb 89:35; 132:11; Yoh 17:17

2 Samweli 7:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 89:20, 36; 132:12
  • +2Sm 22:51; Zb 72:17

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Sam. 7:11Ng 17:1
2 Sam. 7:22Sm 12:1; 1Ng 29:29
2 Sam. 7:22Sm 5:11
2 Sam. 7:22Sm 6:17
2 Sam. 7:31Bm 8:17; 1Ng 17:2; 22:7
2 Sam. 7:51Bm 5:3; 8:17-19; 1Ng 17:4-6; 22:7, 8
2 Sam. 7:6Yos 18:1
2 Sam. 7:6Kv 40:18, 34
2 Sam. 7:81Sm 16:11
2 Sam. 7:82Sm 5:2; 1Ng 17:7-10; 28:4; Zb 78:70, 71
2 Sam. 7:91Sm 18:14; 2Sm 5:10
2 Sam. 7:92Sm 22:1; Zb 18:37
2 Sam. 7:91Ng 14:2, 17
2 Sam. 7:10Abc 2:14; Zb 89:20, 22
2 Sam. 7:11Abc 2:16
2 Sam. 7:11Gus 25:19
2 Sam. 7:111Bm 2:24; Zb 89:4
2 Sam. 7:121Bm 2:1
2 Sam. 7:12It 49:10; 1Bm 8:20; 1Ng 17:11-14; Zb 132:11; Yes 9:7; 11:1; Mt 21:9; 22:42; Lk 1:32, 33; Yoh 7:42; Ivk 2:30
2 Sam. 7:131Bm 5:5; 6:12; Zk 6:12, 13
2 Sam. 7:131Bm 1:37; 1Ng 22:10; 28:7; Zb 89:4, 36
2 Sam. 7:141Ng 28:6; Mt 3:17; Heb 1:5
2 Sam. 7:14Zb 89:30, 32; Yr 52:3
2 Sam. 7:151Sm 15:23, 26
2 Sam. 7:16Zb 45:6; 89:36; Dn 2:44; Heb 1:8; Ivh 11:15
2 Sam. 7:171Ng 17:15
2 Sam. 7:181Ng 17:16-22
2 Sam. 7:201Sm 16:7; Zb 17:3
2 Sam. 7:21Zb 25:14
2 Sam. 7:22Gus 3:24; 1Ng 16:25
2 Sam. 7:22Kv 15:11; Zb 83:18
2 Sam. 7:22Gus 4:35
2 Sam. 7:23Gus 4:7; Zb 147:19, 20
2 Sam. 7:23Kv 3:8; 19:5; Yes 63:9
2 Sam. 7:23Kv 9:16
2 Sam. 7:23Gus 10:21
2 Sam. 7:24Gus 26:18
2 Sam. 7:24Kv 15:2
2 Sam. 7:251Ng 17:23-27; Zb 89:20, 28
2 Sam. 7:261Ng 29:11; Zb 72:19; Mt 6:9; Yoh 12:28
2 Sam. 7:26Yes 9:7; Yr 33:22
2 Sam. 7:272Sm 7:11
2 Sam. 7:28Gh 23:19; Zb 89:35; 132:11; Yoh 17:17
2 Sam. 7:29Zb 89:20, 36; 132:12
2 Sam. 7:292Sm 22:51; Zb 72:17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Samweli 7:1-29

Samweli wa kabiri

7 Umwami amaze kwinjira inzu* yiwe+ akayibamwo, na Yehova amaze kumukiza abansi biwe bose bari bamukikuje, akaronka amahoro*, 2 abwira umuhanuzi Natani+ ati: «Jewe mba mu nzu y’amasederi+, ariko isandugu y’Imana y’ukuri ikaba mw’ihema+.» 3 Natani yishura umwami ati: «Genda ukore ikiri ku mutima wawe cose, kuko Yehova ari kumwe nawe+.»

4 Muri iryo joro, Yehova abwira Natani ati: 5 «Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova avuze ati: ‘Ni we ugomba kunyubakira inzu yo kubamwo+? 6 Erega kuva nkura Abisirayeli mu Misiri gushika n’uyu musi+, sinigeze mba mu nzu. Nagumye ngendera mw’ihema+, mva aha nkaja ahandi. 7 Igihe cose namaze njana n’Abisirayeli bose, noba narigeze mvuga nti: “Kubera iki mutanyubakiye inzu y’amasederi?” Mu bakuru b’imiryango ya Isirayeli nagenye ngo baragire abantu banje b’Abisirayeli, hari n’umwe nigeze nsaba ico kintu?’” 8 Bwira rero umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nagukuye aho waragira ibitungwa+, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+. 9 Nzobana nawe aho uzoja hose+, nkureho abansi bawe bose bakuve imbere+. Nzotuma izina ryawe riba rurangiranwa+ nk’iry’abantu bakomakomeye bo kw’isi. 10 Nzoha abantu banje b’Abisirayeli ikibanza bakibemwo, bagishingemwo imizi, ntihagire uwongera kubabuza amahoro. Ababisha ntibazokwongera kubacinyiza nk’uko babigize+ 11 kuva igihe nagena abacamanza+ kugira bayobore abantu banje b’Abisirayeli. Nzogukiza abansi bawe bose+, uronke amahoro*.

Kandi jewe Yehova nzotuma ugira umuryango ukomokamwo abami*+. Ni jewe Yehova ndabikubwiye. 12 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*+, umuhungu wawe*, uruvyaro* rwawe bwite, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+. 13 Ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+ kandi intebe yiwe y’ubwami nzoyikomeza ibihe bidahera+. 14 Nzomubera se, na we ambere umwana+. Niyakora nabi nzomukosoza inkoni*, ndamuhane nk’uko abantu* bagira+. 15 Sinzoreka kumugirira ubuntu* nk’uko naretse kubugirira Sawuli+, uwo nakuyeho ngo umusubirire. 16 Umuryango* wawe n’ubwami bwawe bizokwamaho ibihe vyose, n’intebe yawe y’ubwami yameho ibihe vyose+.’”»

17 Natani abwira Dawidi ayo majambo yose n’ivyo yeretswe vyose+.

18 Umwami Dawidi aca aja kwicara hasi imbere ya Yehova, maze avuga ati: «Mbega ndi nde ga Mukama Segaba Yehova? Kubera iki uguma unkorera ibi vyiza vyose kandi umuryango wanje ata co uvuze+? 19 Ewe Mukama Segaba Yehova, raba uvuze n’ibizoba ku muryango wanje mu gihe ca kure nk’aho umengo ivyo umaze kunkorera jewe umusavyi wawe ntibikwiye. Kandi ivyo nta muntu n’umwe azobihindura*, ewe Mukama Segaba Yehova. 20 Hari ikindi jewe umusavyi wawe Dawidi novuga ga Mukama Segaba Yehova? Erega wewe uranzi neza+. 21 Ivyo bintu bikomeye vyose warabikoze wongera urabimpishurira jewe umusavyi wawe, kugira ushitse ivyo wasezeranye no kubera ko bihuye n’ivyo ugomba+. 22 Ni co gituma uhambaye vy’ukuri+, ewe Mukama Segaba Yehova. Nta muntu n’umwe ameze nkawe+ kandi nta Mana iriho atari wewe+. Ivyo twumvise vyose birabitwemeza. 23 Vyongeye, ni ihanga irihe kw’isi rimeze nk’abantu bawe b’Abisirayeli+? Waragiye urabacungura Mana, ubagira abantu bawe+. Watumye izina ryawe riba rurangiranwa+ mu kubakorera ibintu bikomeye kandi biteye ubwoba+. Warirukanye amahanga n’imana zayo ku neza y’abantu bawe wicunguriye ubakuye mu Misiri. 24 Abisirayeli wabagize ihanga ryawe, baba abawe ibihe vyose+. Nawe Yehova, wabaye Imana yabo+.

25 None rero ga Yehova Mana, ivyo wasezeranye ku vyerekeye jewe umusavyi wawe n’umuryango wanje, uze ubishitse ibihe vyose, ubikore nk’uko wabisezeranye+. 26 Izina ryawe rishirwe hejuru ibihe bidahera+, kugira ngo abantu bavuge bati: “Yehova Nyeningabo ni we Mana ya Isirayeli.” Nutume umuryango w’umusavyi wawe Dawidi ushinga imizi+. 27 Kuko wewe Yehova Nyeningabo, Mana ya Isirayeli, wampishuriye uti: “Nzotuma ugira umuryango ukomokamwo abami*+.” Ni co gitumye jewe umusavyi wawe ntinyuka kugutura* iri sengesho. 28 Ewe Mukama Segaba Yehova, uri Imana y’ukuri kandi ivyo uvuga ni ukuri+. Jewe umusavyi wawe unsezeraniye ivyiza. 29 Ndagusavye rero uhezagire umuryango wanje, utume wamaho ibihe vyose kuko ari wewe wabisezeranye+, ewe Mukama Segaba Yehova. Umuryango wanje jewe umusavyi wawe, nuronke umuhezagiro wawe kandi ugume uhezagiwe ibihe vyose+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika